Urwaruka rugeze mu bigero rurahangana n’ibibazo bitari bike, haba ivy’imyaka rugezemwo, amashure, hamwe n’ukwiyumvira ibijanye na kazoza. Nubwo ishure riza imbere, harakenewe kwitwararika ibijanye no kurondera ubuzima, gutyo rukiteza imbere.

Hari uwaduhaye intahe. Uwo na we si uwundi ni Bella Butoyi, umwigeme yababa imyaka 20, akaba avuka mu ntara ya Mwaro, komine ya Kibumbu. Butoyi, amaze kurangiza amashure yisumbuye kw’ishure rikuru ry’i Gisozi mu gisata c’indimi za none, icaje mu mutwe cari ukubandanya amashure ya kaminuza. Naho yavyipfuza cane, amikoro y’umuryango wiwe ntiyabimushoboza.
Bella Butoyi ntiyari yatoye ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kwiga muri kaminuza nkuru y’igihugu. Aramutse yiga, yaja muri za kaminuza z’abikorera ivyabo, izo na zo zikaba zizimvye ku mwana w’umwirimizi, uburaro n’uburamuko abukesha isuka. Ni kwo gutakambira umuvyeyi nyina, ngo atakambire imiryango iri i Bujumbura igire ico ifashije. Ibisabo vyiwe vyaratevye birumvigwa.
Umwe muri ba inarume yaremeye kumufata mu mugongo, mu kumuha indaro no kumurihira kaminuza yigenga.
Intango y‘ubundi buzima
Bella Butoyi yahisemwo kwiga igisata kijanye n’ukudandaza kuko yarasanzwe abikunda cane. Ubonako abarundi iyo bariko barajajura bakunda kwivugira ngo abanyamwaro kw’ifaranga ntibasamara, na Butoyi yaryumyeko.
Ni ukwo rero arize. Ntarangije umwaka wa 2 wa Kaminuza, Butoyi yatanguye kwiyumvira cane ibijanye na kazoza kiwe. Umwanya umwe akaryoherwa yibutse aho yavuye, uwundi mwanya agafatwa n’amadidane kuri kazoza kiwe, ko naho yoheza kaminuza azohava asubira kw’isuka yo mu Kibumbu ubona ko yivugira ko isuka atayerekwa.
Araheza yigira inama yo kurondera ico ahereza amaboko, inyuma y’ibikorwa vy’ishure. Ni kwo gusaba inarume ngo yemere amudandarize muka butike katanyaye cane kari imbere y’urugo, uruwundi nawe ntiyamwankira. Yapfuye gutangura, Butoyi yaciye amenyera.
Abakiriya baraboneka ku bwinshi, akabayagisha cane.
Nta cica nko kurera amaboko
Yarakoze birashimwa, akorana umwete. Kanatsinda yari yatanguye kubona ikirimwo. Wa mwigeme utanka, yahavuye mbere atanguza akabutike kiwe bwite bidatevye. Yari yamaze guheza kaminuza, umwanya awufise ukwiye wo kudandaza. Kuri uyu munsi, Bella Butoyi aza yarageze gukoresha umukozi, akamuhemba, akanaronka inyungu aziganya.
Bella Butoyi rero, aratera akamo urwaruka gukora cane mw’ishure, ariko banafata umwanya munini wo kwiyumvira imbere muri kazoza. Asaba abakiri bato kudata umwanya mu bitaja ntibize, akabahamagarira gukora ubuzi butobuto ariko bafise ihangiro rinini bipfuza kuzoshikako.
Kino gisomwa canditswe na Don Ercy Igiraneza mu ntumbero yo guha ubumenyi abaciye mu mugambi « Enfants Journalistes » wa UNICEF ushigikira ijwi ry’abana ku bibazo bihanze abana.




