Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Ubuhinga ngurukanabumenyi  mu kugwiza umwimbu mu burimyi ni ntasubirizwa

Abarimyi barakwiye kumenya ingene isi imeze  canke ikirere iyo bitegurira gutera imbuto mu mirima. Ubuhinga bushasha mu burimyi bita Agri-coach buje butanga ubumenyi ku barimyi bw’ingene basuzuma igihe c’irima n’imbuto zikenewe. Vyashikirijwe n’ishirahamwe Auxfin Burundi kuri uyu wa 19 Ntwarante mu ruganda rwo gushira ahabona ubuhinga Agri-coach mu nyubakwa  za Royal Palace.

Mu Burundi ibice bishika 80 kw’ijana vy’abantu ni abarimyi ariko ntibashobora kw’imbura ibikwiriye abenegihugu bose  ngo hanaboneke n’umusesekera biturutse ku buhinga n’ubumenyi buke mu bijanye n’indimo. Ukutamenya isi, igihe c’irima n’iteragira, ikirere uko cifashe, imbuto z’ugutera, ibiza, … biratuma umwimbu ukeha mu gihugu, ubukene bukahaka indaro.

Esther Loefen wo mu buserukizi bw’ingoma y’Ubuhorande agira ati: «Hambavu y’ugufumbira isi, umurimyi arakwiye gufumbira umutwe, akagira ubumenyi buhuye n’ubuhinga bushasha  bw’ukugwiza umwimbu Agri-coach ». Umurimyi arakwiye kwijukira gukorera mu mashirahamwe abafasha kugwiza umwimbu, agakorana n’abandi mu migwi kuko ariho ashobora kw’ungukira ku buhinga barahura hirya no hino mu yandi mashirahamwe araba ibijanye n’uburimyi. Ishirahamwe Auxfin Burundi mu mugambi waryo wo  «kurima kijambere kuri bose», Ubu rikorera mu ntara zitatu mu Burundi, ari  zo: Gitega, Kayanza na Karusi abarimyi  baho barungukira ku buhinga bushasha Agri-coach bwo kumenya, guhitamwo imbuto botera, igihe boziterereko n’ingene bobandanya bazibungabunga gushika zere.

Nkuko bishikirizwa na Yannick Chokola umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe Auxfin Burundi, aho avuga ko igikorwa cose gikorerwa ku gihe, ari na co gituma umurimyi adakwiye kujana nyabahururu mu kwihutira gutera imbuto atabanje kugendereza ikirere. Ni muri ubwo buryo Agri-coach iriho kugira igende irerekana buri minsi icenda uko ikirere kimeze, maze abarimyi bamenye n’imba imvura ikwiye canke idakwiye ku mbuto z’ipfuzwa guterwa muri ico gihe.

Umwirimizi muto mu buhinga buhanitse

Bakoma serewusi,wo mu ntara ya Kayanza komine Muruta, umutumba Yanza agacimbiri Kigabiro I  asanzwe arongoye urunani rw’umugwi wa gatatu w’abarimyi 50 bishize hamwe mu mugambi w’ishirahamwe Auxfin wo kugwiza umwimbu biciye mu buhinga bushasha Agri-coach. Bakoma yarahawe n’iryo shirahamwe iterefone irimwo ubuhinga buhanitse (tablette mu gifaransa) imufasha kuraba uko ikirere cifashe mu minsi icenda ko imvura ihari yotuma bateragira imbuto canke ko boba barabangiriye. Baranaronkejwe muri uwo mugwi nyene agakoresho gapima urugero rw’imvura yanyengetereye mu butaka.

Nsengiyumva claude avuka mu ntara ya Gitega komine Gitega ku musozi wa Songa, arongoye urunani rw’imigwi 20 ikurikirana yo ku mitumba ibiri umugwi umwumwe ugizwe n’abanywanyi 50.Auxfin yamuhaye iterefone imufasha kugendereza ikirere. Nsengiyumva agira ati: « Kumenya uko ikirere cifashe biratuma mu mugwi wacu tumenya ingene twitunganya mu bikorwa vyacu, no ku mbuto, iyo  twabonye ko mu minsi icenda imvura izogwa arinyishi,biradufasha guhitamwo imbuto zirinda amazi». Yongerako ati: « Auxfin yaranadushize  mu migwi yo kugura umwavu,ntitukivunika turaziganya uduhera dukeduke biciye kuri iyi terefone, isanzwe ifise ubuhinga bita UMVA, maze bakarungika umwe kuwuzana mu gihe ubwa mbere bitatworohera twashobora kumara ukwezi atawurawuronka,nokuhibirwa birimwo».

Nkuko abanywanyi ba Auxfin bashobora kugura umwavu biciye kubuhinga bwaryo, igiye nogushiraho isoko yabanywanyi bayo, aho biciye ku buhinga bwa Agri-coach bazoshobora kugura imbuto zirobanuye, ice ishiraho n’uburyo umwirimizi muto ashobora kugurisha ivyimburwa vyiwe i Bujumbura ndetse nahandi hose umwimbu wogurwa neza.

 

 

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top