Erik Mwanga afise imyaka 19, yatemye Se wabo Isawafo Mwanga w’imyaka 47, amwagiriza kuba yaramaze igihe agendana na nyina, nyuma yaho yomotse agatandukana na Se w’umuhungu. Aya n’ayandi ni makuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi ya 6 gushika 12 Munyonyo 2023
Aho iryo bara ryabereye ni mu ntara ya Kilimandjaro, nkuko bishikirizwa na Jacob Swai umwe mu barongozi bo mu karere ka Uswa, yemeza ko uyo muyabaga yagiye kumuramutsa afise umupanga ahengera asamaye gato aca amusimbirako aramutema kw’izosi. Igiporisi cashitse ibara ryamaze kugwa, uwakoze ubwo bubisha aca ajanwa gupfungwa.
Umwe mu bavukana n’uyo muhisi Omben Mwanga, ashikiriza ko uyo muyabaga yishe Se wabo yaramaze kubitegura kuko bari bamaze iminsi ari abagenzi imbere yuko akora ubwo bubisha «Biboneka ko yamye ashaka kumwiyegereza kugira aze aronke aho amuhera. Narirya yari yarigeze kuvuga ko azomwiyicira kubera atanezerezwa n’imigenderanire ya nyina wiwe na sewabo ». Inkuru yose muyisanga kuri Mwananchi
Uganda: Inyuma y’imyaka 20, umumenyeshamakuru w’imyaka 38 yarakoze ikibazo ca Reta kimuha uburenganzira bwo kwiga kaminuza
Rumanzi Perez, ni se w’abana batatu, yasubiye gukora ikibazo ca Reta kugira aronke urupapuro rw’umutsindo rumuha uburenganzira bwo kubandanya yiga kaminuza kugira azobe umushingwamanza, nkuko tubikesha ikinyamakuru Monitor
Mu 2003, Rumanzi Perez niho yari yakoze ico kibazo ca Reta aronka amanota 13/25. Inyuma y’imyaka 20, ihangiro ryiwe nuko aronka amanota 20/25. “Icantumye kwiyumvira gusubira kw’ishure, nuko nipfuza kuba umushingwamanza mu ntumbero yo guhindura isura ubutungane bufise ko buhanzwe n’igiturire”.
Rwanda : Abaporisi 340 nibo barungitswe muri Sudani y’Epfo na Centrafrique
Kuwa 6 Munyonyo, niho igipolisi co mu Rwanda catangaza ko kigiye kurungika abaporisi 340, bakaba bari mu butumwa bwa ONU bwo gutsimbataza amahoro muri ivyo bihugu. 160 bazoja muri Sudani y’Epfo, abandi 180 baje muri Centrafrique.
Abo baporisi bagiye gusubirira bagenzi babo bari bamaze umwaka muri ivyo bihugu, nabo bakazogaruka inyuma y’uwundi mwaka. Inkuru dukesha ikinyamakuru Igihe
Iyindi nkuru ivugwa mur’ico gihugu, ni imiriyoni 241 z’amadorare Urwanda rwarinjije avuye mu gucukura amabuye y’agaciro mu mezi atatu aheze nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bujejwe ubutare n’agataka, mu nkuru dukesha Igihe
Kenya: Sentare ntahinyuzwa yahagaritse kuduza igiciro ca pasiporo, amakarata karangamuntu n’izindi nyandiko za nkenerwa
Kuwa 20 Gitugutu, ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu ca Kenya bwashinze igiciro gishasha ku mpapuro z’inzira, aho pasiporo yavuye ku 15 000 shillings ya Kenya ija kuri 35 000 vy’ayo mafaranga akoreshwa muri Kenya, ikarata ya karangamuntu yaduze iva ku 1.000 ija ku 2 000 shillings
Sentare ntahinyuzwa ibicishije ku mucamanza Weldon Korir, yashikirije ko ayo mabwirizwa « ateye kubiri n’amategeko, bidatahuritse kandi ko ari akarenganyo.” Korir yavuze ko ayo mabwiriza atigeze atangazwa neza mu kinyamakuru bigenewe gutangaza amakuru nk’ayo kandi ko atigeze acishwa mu nama nshingamateka.
Abenegihuhu bo muri Kenya bari mukanyamuneza kubwo ivyo biciro bitadugijwe. Inkuru dukesha Nation
Umukuru w’Igihugu ca Sudani Y’Epfo Salva Kiir agiye kurongora EAC mu gihe ico gihugu kiza mu vyambere biheranye uwo muryango kuntererano ibihugu biwugize bitanga
Sudani y’Epfo iheranye imiriyoni 30 z’amadorari y’abanyamerika. Ivyo biri ukwo mu gihe ico gihugu carishe imiriyoni 7 muri ino ndwi, Repubulika ya demokarasi ya Congo ntarumeya iratanga kuva yinjiriye muri uyo muryango, ikaba iheranye imiriyoni 14,7 z’amadorari y’abanyamerika. Uburundi buheranye imiriyoni 15,5 ; Urwanda imiriyoni 7,3, Ouganda imiriyoni 6,1 ; Tanzania 123.694 vy’amadorari y’abanyamerika, nayo Kenya ikaba iheranye amadorari atarenga 20, ibisa nuko yanse kuyatanga kugira ntiboneke ko ariyo idaheranye n’urufaranga na rumwe.
Mwomenya ko abashingamateka ba EAC basavye mu ndwi iheze inama nshikirangani y’ibihugu bigize uwo muryango ko yohagarika ibihugu bitarariha ideni biwufitiye, ibitumvikanyweko na bose. Hategekanijwe ko iyo ngingo isubira kwigwa mu nama yanyuma ya 2023 y ‘iyo nama nshingamateka izokorana mu kwezi kwa Kigarama nk’uko tubikesha ikinyamakuru Nation




