Mu gihe rusansuma iheruka kuba mu mwaka w’i 2008 iyobowe n’ikigo ISTEEBU yerekanye yuko ibice 65 vy’abarundi bari musi y’imyaka 25. Ishirahamwe Global Peace Chain Burundi ryafashe intumbero yo gukingira amagara y’urwaruka kugirango rugire kazoza keza, ruteze imbere n’igihugu
Kuva kw’igenekerezo rya 27 gushika kurya 28 Ndamukiza 2022‚ urwaruka rugera kuri 25 rugize umugwi w’ubuhinga w’ishirahamwe Global Peace Chain Burundi bifadikanije n’ikigo « Maison des Jeunes du Burundi » barakurikiranye uruganda rw’inyigisho zijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza ku rwaruka n’abigeme bamaze kwibaruka bafashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS hamwe n’Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo amagara y’abantu. Kakaba kabaye akaryo keza ko kuraba icokorwa kugira ngo amagara y’urwaruka abandanye atera imbere.
Kubwa Muganga Ndacayisaba Ananie‚ umuyobozi mukuru w’umugambi ujejwe kwitaho irondoka rijanye n’amagara meza PNSR‚ wegukira ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo amagara y’abantu ngo kubona hacigaragaza ubukene bw’ikiyago no gutereranira ivyiyumviro hagati y’abavyeyi n’abana biratuma urwaruka rutari ruke rwigenza nyabahururu rugaheza rugatwara imbanyi rutipfuje.
None intererano y’ikigo Maison des Jeunes du Burundi yoba iyihe ?
Mu cigwa catanzwe na Bimenyimana Aline‚ ajejwe kumenyesha amakuru mu kigo PNSR ngo harakenewe yuko imiyabaga n’urwaruka ruronswa inyigisho n’amakuru yizewe ku vyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza. Ngo ivyo vyotuma umwe umwe wese amenya ingingo ibereye yo kwifatira n’inkurikizi zayo mu buzima bwiwe.
Ndayizeye Christophe‚ icegera c’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Global Peace Chain Burundi amenyesha ko izo nyigisho zije hageze kubera ko ikigo Maison des Jeunes du Burundi kizoba cegereye urwaruka mu ntumbero yo ku rwumviriza no kuruhanura.
Gukenguruka inyigisho
Ndayishimiye Richard‚ umwe mu bakurikiranye izo nyigisho akaba ari no mu mugwi w’ubuhinga wa Global Peace Chain Burundi arakenguruka izo nyigisho yahawe na cane cane ko yaharonkeye inyishu z’ibibazo urwaruka rusanzwe rubitura rudahengeshanya gushikiriza.
Mu gusozera urwo ruganda rw’imisi 3‚ ibiro vy’ishirahamwe OMS mu Burundi vyaratanze ingabire igizwe n’imashini nyabwonko 2‚ imashini zisohora inyandiko‚ terefone ngendanwa 2 ndetse n’inomero zitariha arizo 257 79 319 000 canke 257 79 332 000. Izo nimero ushobora kuzihamagarako igihe cose wipfuza ubumenyi mu bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza. Ivyo vyose bikaba biri mu minwe ya Maison des Jeunes yegukira Global Peace Chain Burundi’iri muri zone Kamenge‚ komine Ntahangwa‚ mu gisagara ca Bujumbura.
Kubwa muganga Eugénie Niane‚ yaserukiye ikigo OMS Burundi agira ati ishirwaho rya centre d’appel ni akaryo keza ko kuronka umwanya wo kuganira n’urwaruka no ku ruhimiriza ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza. Yongera ati: «Abigeme bamaze kwibaruka nabo nyene bazoharonkera inyigisho n’impanuro ku magara yabo nay’ibibondo vyabo»
Mihigo Iragi Rosette‚ icegera c’umunyamabanga nshingwabikorwa wa maison des jeunes nawe arakenguruka ingene OMS ibandanya yitaho ico kigo mu kugishigikira mu bitari bike. Amenyesha ko ico kigo kigiye kurushirizaho kwitaho amagara n’ineza y’urwaruka




