Perezida wa Uganda n’umuhungu wiwe Muhoozi bagirizwa ivyaha vyo gusinzikariza ubuzima abatavuga rumwe nabo muri ico gihugu, bakaba baritwariwe muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC y’i La Haye. Aya n’ayandi ni mu makuru yaranze indwi irangiye yo kuva ku wa 17/07/2023 gushika ku wa 23/07/2023.
Umushingwamanza Bruce Afran Ngwamanza aba i Princeton New Jersey muri Reta zunze ubumwe za Amerika niwe yatanze ibirego bishasha hagati muri uku kwezi kwa Mukakaro muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC y’i La Haye.
Uyo mushingwamaza asaba sentare kugira amatohoza ku bivugwa ko abajejwe umutekano muri Uganda, harimwo umukuru w’igisirikare (UPDF), Perezida Yoweri Museveni hamwe n’umuhungu wiwe Muhoozi basinzikarije ubuzima abo batavuga rumwe n’ubutegetsi mu bibanza vyinshi vy’ibanga. Inkuru zivuga ko abantu barenga 200 basinzikarijwe ubuzima muri ubwo buryo, nk’uko tubisoma ku kinyamakuru BBC.
Umucamanza mukuru Kiryowa Kiwanuka akavuga ko naho Reta ya Uganda itarahabwa urwandiko rw’ivyo birego, ingingo yo kwitura sentare mpuzamakungu mpanavyaha ngo ntiyari ikenewe. Ati : « ICC ni sentare ya nyuma ica imanza zivuye mu bihugu biyigize mu gihe zitaracibwa canke iyo ivyo bihugu bidashobora guca izo manza. Rero ingingo yo kwitura iyo sentare si ngombwa. »
RDC : abarinda Tshisekedi baragiye mu mabarabara ya Kinshasa biyereka abanyagihugu
Abasirikare bari mu mugwi urinda umutekano wa Perezida wa RDCongo Felix Tshisekedi biriwe ku wa 22 Mukakaro mu mabarara y’umurwa mukuru Kinshasa biyereka abanyagihugu babizeza ko bafise ubushobozi bwo kurinda umutekano.
Ivyo rero bibaye mu gihe hasigaye iminsi mike ngo ico gihugu cakire inkino zihuza ibihugu bigize umuryango wa Francophonie, mu gihe mu gisagara ca Kinshasa no mu bindi bice vy’igihugu havugwa umutekano muke.
Rero nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Igihe, kwiyerekana kw’abo basirikare bifise intumbero yo kwizeza abanyagihugu ko umutekano muri Kinshasa ucunzwe neza narirya ari bo bazoba bawushinzwe mu nkino za Francophonie.
Ariko uko kwiyerekana hari ababibonye nk’ukwiyemera mu gihe mu buseruko bw’ico gihugu hakiri igice kiri mu maboko y’umugwi witwaje ibigwanisho wa M23 igisirikare ca Reta cananiwe kubakuraho.
Urwanda na RDC bibandanya gushamirana
Reta y’Urwanda isaba RDC kwirinda urwitwazo urwo ari rwo rwose rwo kugaba igitero ku butaka bwarwo.
Ibiro vy’umuvugizi wa Reta y’Urwanda bivuga ko RDC ifise ihangiro ryo kwagiriza inabi Urwanda no gutegura igitero ku butaka bwarwo, mu gihe igisirikare ca FADRC kibandanya gushigikira, guha ibigwanisho no gufatanya mu ngwano n’umugwi witwaje ibigwanisho wa FDLR.
Urwanda rwo ruvuga ko ruzobandanya kugwiza uburyo bwo gucunga ikirere n’umupaka, kandi ko ruzirinda abazoshaka kujana intambara yo mu buseruko bwa RDCongo mu Rwanda. Ivyo rero Urwanda rubivuze inyuma yaho bivugwa ko igisirikare ca RDC casohoye itangazo rivuga ko Urwanda rwoba rwatangaje ko rwitegurira kurungika abasirikare muri Kongo kubera ko imigwi yitwaje ibigwanisho ya FDLR/FOCA yoba iriko yitegurira gutera Urwanda. Umuvugizi wa FARDC we amenyesha ko nibaterwa bazivuna ata bwoba nk’uko vyandikwa n’Ijwi rya Amerika (VOA)
Tanzaniya ifise umugambi wo guhingura imiduga na za bajaji zidakenera ‘abadereva’…
Mu ntumbero yo guteza imbere igisata c’ubuhinga mu guhingura ibintu, Tanzaniya yaratumiye amashirahamwe 15 akomeye mu bijanye n’ubuhinga yo mu Misiri mu ntumbero yuko mu myaka mike iza ico gihugu kizoba catanguye gukora imiduga na za bajaji zikoreshwa umuyagankuba kandi zidakenera umudereva.
Umuyobozi mukuru w’igisata c’ubuhinga (technologie) muri Tanzaniya mu kiganiro co ku wa 18 Mukakaro 2023 yagiranye n’abanyamitahe b’i Zanzibar n’abari bavuye mu Misiri yamenyesheje ko Tanzaniya ifise abahinga benshi. Agira ati : « Hari amashirahamwe afise ubuhinga bukomeye azofasha gukora imiduga izokoreshwa n’umuyagankuba. Kandi hari abamaze kwemeza ko ivyo bizoshoboka. Rero ayo mashirahamwe 15 aje mu ntumbero yo kubandanya gushira mu ngiro uwo mugambi », nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Mwananchi




