Jimbere

ikirundi French English
IBIDUKIKIJE

Mukaza : ko hashizweho ibibanza vyo gutamwo imicafu ariko igisagara kikaguma gicafura ?

Ku mabarabara no mu makanivo atandukanye yo muri komine Mukaza iri mu gisagara ca bujumura, haracibonekeza imicafu itabwa n’abahita baba bafise utuntu bariko barakoresha twahera bagaca bapfa aho batereye. Ivyo bigatabwa hasi kandi harashizweho mu bibanza bihurirwamwo n’abantu benshi muri iyo komine ibigunguru 20 vyo gutamwo bene iyo micafu.

« Dushaka igisagara gisukuye, mbere ku buryo igisagara ca Bujumbura kija ku rutonde rw’ibindi bisagara bisa neza vyo mu karere ». Ayo majambo yavuzwe na Rénovat Sindayihebura, hari ku wa 12 Munyonyo 2020, aho yariko aratanguza igikorwa co gukwiragiza mu bibanza 20 bihuriramwo abantu benshi vyo muri iyo komine ibigunguru 20 bizohora bitabwamwo imicafu.

Amezi abiri araheze. Uciye hampande y’ivyo bigunguru vyakwiragijwe muri Mukaza, hari aho usanga imicafu igizwe n’ibicupa vyo mu bwoko bwa parasitike n’ibini vyo mu bundi bwoko bitembagara ku mabarabara no mu makanivo. Niyokwizigira umukenyezi yari yegereye ikigunguru gitabwamwo imicafu ku gituro c’amabisi kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura avuga ko, benshi mu bahatemberera batazi ico bikora. Agira ati : « Umuntu ashobora kuba yiviriye kure y’igisagara, yashika mu gisagara akumva inyota, akigurira amazi canke ‘ jus’ akinywera,ahejeje, acapfa ahataye igikinju kuko ntaba azi ko hari ibibanza vyategekanijwe. Kandi agitaye akabona ntawumuvugishije, ntaheza ngo amenye ko hari ibibujijwe. »

Emmanuel Niyonkuru umwenegihugu wo muri komine Mukaza, avuga ko birya bigunguru biri kure na kure. Ko umuntu ashobora guta ikintu ahabonye kubera atabona hafi aho ashobora kugita. Mbere akabona ko birya bingunguru bari gupfuma bagira dutoduto ariko tukagwizwa cane ku buryo nko kuri buri metero 50 kaba gahari, uwuhita akaronka aho ata imicafu hafi yiwe. Mbere akanavuga ko benshi batanazi ko bibaho kuko batanabimenyeshejwe mu makaritiye.

???? Kuri uwu wa 12 Munyonyo 2020, Rénovat Sindayihebura musitanteri wa komine #Mukaza ariko aratanguza ibikorwa vyo…

Publiée par JimbereMagazine sur Jeudi 12 novembre 2020

Harakwiye inyigisho mu bantu…

Frank Ndayishimiye arongoye Koperative y’urwaruka rutagira akazi rwemeye kwitanga mu gusukura igisagara ca Bujumbura CJADBU avuga ko, bamaze kubona ko ibibanza vyashizwe ku mabarabara ngo bitabwemwo imicafu bitariko bikoreshwa neza, bafashe ingingo yuko bokorana na musitanteri wa Mukaza kugira bahimirize bongere bigishe abenegihugu bo mu makaritiye ko isuku ari kirumara kandi ko babwirizwa kwijukira gukoresha neza ivyo bibanza vyashizweho. Bakanahamagarira abantu bose baja mu gisagara hagati kwirinda guta ibikinju n’utumwanya tutabora aho babonye hose. Mbere bakanasaba ko hojaho n’ibihano ku borenga kuri ayo mabwirizwa.

Rénovat Sindayihebura musitanteri wa komine Mukaza avuga ko intumva zamyeho. Hari ababitahura, n’abatarabitahura. Ariko aragwa akagaruka akavuga ko intambwe bagezeko yo gukoresha ivyo bibanza vyashizweho muri iyo komine arongoye, ngo ishimishije afatiye ku kuntu abarundi benshi bwabaye ubwa mbere babona ku mabarabara no mu makaritiye ben’ivyo bibanza vyagenewe imicafu. Anagira ko amenyesha ko abantu bacafuza amabarabara n’amakanivo ari abantu biyunguruza n’imiduga, banywa ivyo baba baguze vyahera bagacisha mu madirisha gutyo bakabikororera hasi. Ku bw ‘ivyo, Rénovat Sindayihebura amenyesha ko yavuganye n’uwutwara ishirahamwe riraba ibijanye n’ugutwara abantu n’ibintu Atrabu, ko mu miduga yose yunguruza abantu barihishije amahera hoshirwamwo udushinguramwavu (poubelles) kugira abiyunguruje baze bararonka aho bata imicafu ivuye ku vyo baba bafise. Hama umuduga ushitse mu gituro bakaja kubisuka mu bibanza rusangi vyategekanijwe.

Mwomenya rero ko uyo musitanteri anamenyesha ko mu ntumbero yo gukuraho imicafu yose itabwa ku mabarabara hari ho amashirahamwe y’abakenyezi ayakubura, imicafu bakayegeranya bakayita mu bigunguru vyashizwe ku mabarabara. Eka mbere ngo hari n’imiduga 3 ijejwe gukura iyo micafu iba yegeranirijwe muri ivyo bibanza, ibikuraho kabiri mu ndwi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top