Abarundi naho badandaza ngo ntibazi gucungera ubutunzi bwabo.Ubuyobozi bwa komine Mukaza bubasaba gufata ingingo ruhashwa kugira bacungere ubutunzi bwabo.
Mu ntumbero yo gutuza ubusuma bubera ku mabarabara no mu mazu, musitanteri wa komine Mukaza Rénovat Sindayihebura asaba abantu bose bafise impangu muri ayo makaritiye kwitunganya. Ibarabara ryose rigashiraho umugwi ujejwe kuraba ingene boshiraho amatara abonesha ku mabarabara, kandi haba ku mazu babamwo canke bakoreramwo ubucuruzi, hakaba hari amatara abonesha arara araka. Ivyo ngo bizofasha gukuraho umwijima wibonekeza muri izo karitiye abasuma bakunda kwikikamwo.
Ubusuma bwarimonogoje hagati mu gisagara ca Bujumbura. Cane cane mu ma karitiye agize umutima w’igisagara nka Asiatique na Centre-ville. Aho rero ngo hari abibwa bafatiweko inkoho canke abibwa mu mazu ugasanga biragoranye kubakurikirana kubera atawuba yabonye aho baciye. Ivyo bivugwa n’umudandaza umwe aba muri imwe muri izo karitiye, aho atanga akarorero ku mudandaza yibwe imiriyoni zababa 20, abamwivye bakaburirwa irengero. Eka hari n’uwundi muri Asiatique avuga ko abasuma bamuteye mu nzu adandarizamwo, bamufatirako inkoho hanyuma bamwaka amahera yari afise, bahejeje kuyabika barasohoka baritumukira.
N’ivyuma bifata amasanamu ntivyosigara inyuma…
Renovat Sindayihebura avuga kandi ko impangu zose ziri muri izo karitiye zoshirwako ivyuma bifata amasanamu (caméra de surveillance) kugira ngo hagize ubusuma buhabera abajejwe umutekano boroherwe mu gukurikirana abakoze ubwo bubisha. Agira ati : « Twebwe ku rwego rwa komine dufise umugambi wo gushira ivyo vyuma bifata amasanamu ahantu hose hari ama huriro y’amabarabara (rond points) hamwe n’ahari amabarabara yagutse (autoroutes). » Akavuga ko ivyo bikozwe ata bintu vyinshi vyoba bicibwa ngo biburirwe irengero.
Uyo musitanteri wa komine Mukaza akaba yabimenyesheje mu nama yariko aragirana n’abafise impangu hamwe n’abakorera mu makaritiye ya Asiatique na Centre-ville kuri uwu wa 24 Myandagaro 2022, mu kigo c’aba isiramu kiri muri Asiatique.
Umuyagankuba wa Regideso ngo ushobora kubera intambamyi uwo mugambi
Bamwe mu bari muri iyo nama barakengurutse uwo mugambi wo kubonesha ayo makaritiye no gushiraho ivyo vyuma bifata amasanamu ariko bakavuga ko bahanzwe n’ikibazo c’icikagurika ry’umuyagankuba w’ishirahamwe Regideso. Ko iryo shirahamwe ryobanza gutunganya neza ivy’itangwa ry’umuyagankuba udacikagurika, gutyo na bo bakabona gushira mu ngiro uwo mugambi.
Yishura kuri ayo makenga, Sindayihebura yagize ati : « Icikagurika ry’umuyagankuba n’iry’igihe gito kuko biva ku ntsinga za Regideso zashizweho kera muri ayo makaritiye zoba zishaje. Ariko hariho umugambi muri Regideso wo gusubiriza ibishaje vyose. »
Asaba ko mu kurindira, abenegihugu boba barashira mu ngiro uwo mugambi wo kubonesha ku mabarabara no kumpangu hamwe no gushiraho ivyuma bifata amasanamu, ikibazo ca Regideso akazobandanya agikurikirana ariko umugambi wamaze kuja mu ngiro.




