Kw’igenekerezo rya 28 Ruheshi, « Abakenyezi b’intwari bibagiwe » bishikiye mu ntara ya Rutana. Abatware n’abatwarwa barakengurutse cane. Biyemeje kubafatirako akarorero.
« Uyu muntu ndamuzi hehe ga basha? Ubwo si ku mboneshakure?» Ivyo ni vyo abantu bamwebamwe babazanya babonye umupfasoni Christine Ntahe yanditse igitabo « Abakenyezi b’intwari bibagiwe ». Eka mbere n’abamuramutsa imbere y’igihe canke arenganye, warabona ko hari abaryana inzara bavugana mu bwongoshwa. Kanatsinda bari bamuzi cane mu kiganiro c’abana « Tuganirize ibibondo ».
Uko abantu barengana kuva ku mutaga, ni ko bibaza ibintu bihava bibera mu kibanza c’ahahoze isoko yo ku murwa mukuru wa Rutana. Bumva ivyuma biduza amajwi bisamiriza ko ico gitabo kiriko kirakwira igihugu cose. Ku ruhande rwo mu buraruko bw’ico kibanza, hari hamanitse igitambara kivuga ico gikorwa. Abaciye ngaho ntibamenya neza ivyo ari vyo.
Abandi bantu na bo baratangarira umupfasoni Mariam Ndayisenga, yitwikiriye wese umwambaro w’abisiramu, ku buryo wabona amaso na yo nyene ari mu marori asanzwe yambara.
Ntawari kwibaza ko avuga ikirundi neza n’imigani myinshi ukuri hano. Urubanza rwahavuye rutangura ku muhingamo, n’uwarengana agaca aza mu bandi agatega amatwi.
Ikiganiro cuguruwe n’umupfoni yaserukiye uwurongoye Ikigo kijejwe iterambere ry’ingo n’imiryango (CDFC) mu Rutana. Na we yarashimiye cane abo bakenyezi, akenguruka kubona bishikiye muri iyo ntara. Yaciye asaba abari ngaho bose kubatega yompi.
Abapfasoni Rejina Nimbere na Mariam Ndayisenga, baronse akaryo ko gushinga intahe, maze Christine Ntahe akaza arabunganira yongera aha amajambo abafise ico bashikiriza.
« Iconona ntikiba kinini »
Izo mboneza z’abakenyezi bamaze gufata ijambo, umwe wese yabaciriye ku mayange ico yamaze guharanira amahoro mu buryo budasanzwe. Na vyo bisanzwe biri muri nya gitabo. Rejina Nijimbere asanzwe ari Umututsikazi wo muri komine Ruhororo mu ntara ya Ngozi. Yabayagiye amakuba yaciyemwo bagatana n’Abahutukazi bahoze basangira akabisi n’agahiye kubera urwimo rwo mu 1993. Mugabo rero ngo yahavuye arugoma inda ariroha aja kurondera yinyegeje Abahutukazi basigaye mu mihana yabo. Ivyo ngo vyarashobotse kugeza aho abateshejwe izabo n’abasigaye mu mihana yabo bagize ishirahamwe. Gutyo ngo batangura gutunganiriza hamwe ibikorwa, babona kunywana.

Christine Ntahe n’abo bari bagendanye
Yaciye atumirira abanyarutana kubumbatira amahoro mu kurwanya icoza kibatandukanya cose ngo bakirandurane n’imizi. Ati : « Erega icononera abantu ntikiba kinini kandi n’umuti uva aho nyene. Mwirinde rero amacakubiri uko ari kwose. »
Mariam Ndayisenga amaze gufata jambo yaciye yipfukura mu maso maze baramubona. Nk’uko yabigenjeje i Makamba, yahamagara abantu akababaza ubwoko bwabo, akababaza ingene babimenye. Bo bamwishura ko ari ivyo bababwiye. Na we agaca abafatiraho ati : « Kubera iki none abantu bapfa ubwoko ? Murashobora gupfa ivyo bababwiye? Ntimusubire. Ubwoko bw’umwana bumenywa na nyina noneho. »
Igitabu n’ikiyago bitanga isomo
Yanababwiye ko uwuzohirahira akica uwundi azoba yihoneje we nyene, kuko uravye mu mbonero y’uwundi, ni wewe nyene wibonamwo. Aho yari ahejeje kubabwira ngo barabane mu mu jisho. Baca bamubwira ko baryibonyemwo.
Abari ngaho, barakengurutse. Umupfasoni Eugénie Kabura ati: “Murakoze cane. Mu Rutana dusanzwe dufatanye mu nda nta macakubiri aharangwa turamariranira. Mugabo rero ibiganiro nk’ibi bikomeza umubano mwiza, amahoro agatsimbatara.”
Naho biri uko inyishu zari zitandukanye. Uwitwa Annick Niragira bamubajije ico azokora kugira ngo arwanye amacakubiri yavuze ko azokora ibikorwa rusangi. Uko bafata ijambo, abanyarutana barakenguruka. Salvator Ndereyimana, yamenyesheje ko ico akuyemwo ari ugutsimbataza amahoro n’urukundo aho abaye. Ati: “Ndakengurutse cane muragahora uko.”
Lambert Niyongabo batazira ;Ruzyori’ na we yemeye ko ico bagiye gukora ari ukurwanya amacakubiri uko ari kwose, kandi ngo n’uwuzobazanamwo bazomwiyamiriza bivuye inyuma. Ati: “Muraduhaye inzira yo kurwanya amacakubiri”
Mu gusozera, umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano n’imico kama yarakengurutse cane. Ati: “Uyu mupfasoni turamuzi cane kera ku mboneshakure. None tumwiboneye mu ntara yacu. Turashimye ikiyago. Turakengurutse ubu butumwa bwo kubumbatira amahoro. Mubukwize hose kandi turasavye muze mufate akandi kanya mugaruke aha mu Rutana.”
Nk’uko vyagenze n’ahandi, abagize ico bashikirije barahawe udushimwe tugizwe n’ibitenge, amakaye , iitabo, udupira n’ibindi.




