Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Mu Kirundo, ingo 17.000 zigiye kuronswa ingaburo zikwije kubera Ubuyapani

©Jimbere | Hari kuri uwu wa 8 Myandagaro, aho kw’ihoteri Kiriri Garden habera ibirori vyo kwugurura icese ivyo birori bikaba vyari vyakoranije abatumire batandukanye nk’umunyamabanga ntayegayezwa wo mu bushikranganji bw’amagara y’abantu no gukinga ikiza ruhonyanganda SIDA , umuserukizi w’ igihugu c’Ubuyapani Miyashita Takayuki,…

Umuriyoni w’amafaranga y’amanyamerika, ni wo igihugu c’Ubuyapani kigiye gukoresha mu kiringo c’amezi 11, aho kigiye gukorana n’ikigo gitanga imfashanyo z’ibifungurwa (PAM), mu ntumbero yo kugarukira abana bari munsi y’imyaka 5 n’abakenyezi bibungenze maze batsinde indwara zituruka ku gufungura nabi nk’uko uwuserukira ico kigo mu Burundi, Virginia Villar Arribas yabimenyesheje.

Nkuko Muganga Nzorironkankuze Jean Baptiste asanzwe ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikranganji bw’amagara y’abantu no gukinga ikiza ruhonyanganda SIDA abimenyesha, Kirundo ni yo ntara ibangamiwe cane n’ingwara zituruka ku gufungura nabi.
Ivyo rero bigatuma abakenyezi bibungenze bibaruka abana badakwije ibiro, abana bari munsi y’imyaka itanu na bo bakama bagwaragurika ndetse n’iyo hageze gutangura ishure bikabagirira ingaruka.

PAM mu Burundi isanzwe ikora gute?

Nk’uko M. Serigne Loum asanzwe akorera ikigo PAM yabishikirijeje, haracagurwa abakenyezi bahabwa inyigisho imbere y’uko imfashanyo zitangwa mu karere kanaka ndetse no mu gihe bazitanga, kuko ngo gutanga imfungurwa gusa bidakwiye kugira ngo umuntu agire amagara meza. Abo rero baba barahawe inyigisho, ngo baraheza bakazokwigisha abandi. Izo nyigisho ngo zikaba zisubiriza igihe cose kabiri kabiri.

Umuyobozi Virginia Villar Arribasyagize ati: “Mu migambi ikigo PAM gisanzwe kirangurira, gitanga imfashanyo z’ibifungurwa aho hose bigaragara ko hibonekeza inzara “.

Kibicishije mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no gukinga ikiza ruhonyanganda SIDA mu Burundi, ico kigo giha ibifungurwa abana b’abanyeshure bo mu mashure matomato, abakenyezi bibungenze imfashanyo y’ibifungurwa bigizwe n’ingaburo yikwije nk’ifu y’isoya y’ubuyi ihinguwe neza n’ibindi.

Ubuyapani rero bukaba buje gukorana n’ico kigo aho mbere mu bifungurwa buzotanga n’ifi zirimwo, nk’uko tubikesha umuserukizi w’igihgu c’ubuyapani Miyashita Takayuki.

Abamaze kuronswa imfashanyo barakeza PAM

Mw’ireresi yerekanwe, abakenyezi bamaze kuronswa na PAM inyigisho n’imfunguro barakenguruka, mbere bamwe baranashinga intahe bakemeza ko bataribwigere bibaruka abana b’ibiro bishika 3. Ariko ngo kuva aho PAM itanguriye kubafasha, ngo bibaruka abana beza kandi bakwije ibiro.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top