Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Lydia Iradukunda, umwigeme yashizeho urubuga ‘Dandaza’

Mu gihe kw’isi yose, igenekerezo rya 21 Ndamukiza ryahariwe abantu bafise ivyo batangunje bishasha (créativité et innovation). No mu Burundi hariho abashoboye kugira ivyo bakora kandi bakaba babiharanira gushika bimenyekanye. Umwe mu rwaruka rwinshi rwakoze ikintu ni Lydia Iradukunda ari kumwe n’abo bakorana bakoze ‘application’ Dandaza ifasha umudandaza kumenya uko yagiye ararangura, uko adandaza eka akanamenya yuko akora yunguka canke ahomba. Iyo ‘application akaba ariyo yaraye inamuronkeje agashimwe k’umugambi uza imbere y’iyindi mu mahiganwa y’abigeme bakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi (TIC)

Lydia Iradukunda ni umwigemewe w’imyaka 25 gusa. Yiga mu gisata c’ubuhinga ngurukanabumenyi mu mwaka wa gatatu kuri kaminuza y’Uburindi. Uyu ari kumwe na bagenziwe bigana, hamwe n’abamwitangiye imbere baratanguje ama ‘applications’ atandukanye. Muri zo harimwo iyitwa Dandaza (Application Dandaza). Iyi ifasha umudandaza kumenya uko yagiye ararangura uku yagiye aradandaza eka akamenya yuko ariko aradandaza ku nyungu canke kw’ideni.

Lydia Iradukunda avuga ko urwo rubuga ruje kubera inyishu abadandaza batobato: « Nk’aba bakenyezi badandaza utuntu dutoduto eka na bamwe bahora batinya kuja mu rudandazwa kuko babura umwanya, canke batizera ababakorera, babazwa uko bunguka canke uko bahomba ntibaronke ico bishura. » Iyo ‘application’ Dandaza ikaba igurishwa. Lydia avuga ko amaze kuyigurisha ku badandaza 12. Naho ubu bahagaritse kuyidandaza kubera ayandi ma ‘applications’ bariko barongeramwo. Akavuga ko bagomba no kuyishira muri ‘play store’ abayikeneye bazoze barayitoraho.

Iciyumviro co gutanguza ‘application’ Dandaza…

Lydia Iradukunda avuga ko iciyumviro co gutanguza ubwo buhinga catanguye kumuzamwo yiga mu mwaka wa mbere mu gisata c’ubudandanji (commerce et gestion des entreprises). Kuko ngo yararavye agereranije aho igihugu c’Uburundi kiri anaraba n’ibindi bihugu bibanyi haba mu bijanye n’ubudandaji, ubworozi canke mu burimyi abona umengo Uburundi bumeze nk’uburi inyuma. Amaze kwungururiza mu kindi gisata ciga ibijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi muri kaminuza y’Uburundi ni ho yaca yishira hamwe n’urundi rwaruka batanguza ishirahamwe ryitwa UYC (United youth company) mu ntumbero yo guteza imbere igihugu c’Uburundi. Iryo shirahamwe rigizwe n’urwaruka 18, harimwo abakobwa 2.  Rikaba rizwi imbere y’amategeko kuva mu kwezi Ruheshi 2020.

Iradukunda rero akishimira ko iyo ‘application’ ari nziza ku gufasha umudandaza gukurikirana urudadazwa rwiwe ahari hose kandi ku mwanya ku mwanya. Akanavuga ko hariho ama ‘logiciel de gestion’ y’ibidandazwa asanzwe azwi mu ma mashirahamwe(entreprises) akomakomeye eka no mu ma ‘alimentations’. Ivyo rero ngo biri mu vyamutumye yiyumvira ku munyagihugu atagira uburyo bwo kurondera iyo ‘logiciel’ gutyo aca atanguza ‘application’ Dandaza ifasha n’umudandaza muto. Ariko kubera intambamyi y’uburyo n’ibikoresho nk’amamashini nyabwonko (ordinateurs), uwo mwigeme arasaba ko uwobishobora yoshigikira iciyumviro cabo kikagera kure ku buryo baba ishirahamwe rikomeye cane.

Kubera ugusigura no kwishimira umugambi wiwe, Lydia Iradukunda yaraye kuri uwu wa 22 Ndamukiza 2021 atahukanye agashimwe k’umugambi uza imbere y’iyindi mu mahiganwa y’abigeme bagize ico bamara mu gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi. Ako gashimwe k’imiriyoni 2 katanzwe n’abari babitunganije (Ecobank biciye mu bushikiranganji bw’ubuhinga ngurukanabumenyi, gutumatumanako amakuru n’ibinyamakuru). Iradukunda agahanura urundi rwaruka gukura amaboko mu mpuzu bagakora bakareka kuguma bizeye Reta ngo niyo izobaha akazi. Aranatera akamo abandi bigeme kwiga ibijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi kuko na bo bafise uruhara rukomeye mw’iterambere, ntibikumire ngo basigare inyuma mu bijanye n’ubuhinga bwa none.

Uwukeneye kuyaga na Lydia amurondera kuri (+257) 75 891 246, canke akamusanga aho akorera muri Mairie ya Bujumbura, karitiye Kanyosha, ku Muco, ibarabara ry’indwi

Inkuru yatororokanijwe na Don Ercy Igiraneza, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top