Kutaronka urukundo mu muryago, kuvuka nt’ubone abavyeyi, kw’ama abavyeyi barwana imbere y’abana, kubona umuvyeyi yama ataha yaborewe ugasanga rimwe rimwe yiyononyeko canke gukumirwa…ivyo vyose bitera agahinda k’umwana bigahava biziramwo n’ingwara yakabonge.
Uzobona umwana yikumira, aguma ajunje aho abana bakunda gukina wewe usanga ataco bimubwiye, ugasanga arikengera akabona ko ataco ashoye,abo yahora akunda agatangura kubanka bivanya nuko abo yazigako urukundo atarwo yababonyemwo, yakunda kurya akabura akayabagu akama umenga ntaco ashoboye kuko aba y’itayeko icezere.
Abahinga bavuga ko akabonge k’umwana kagaragazwa n’agahinda karimwo umubabaro urengeje umwana agira bivanye n’ibintu arimwo canke ariko arabona bikagaragara cane cane k’umuburi kuko usanga umwana yahindutse ugasanga imikino, inyifato yayihinduye kuko aguma y’ikengera. Iyo ari umwana yatanguye kw’ishure usanga atagikwirikira umwigisha, adashobora gufata amanote, adatahana amanota meza mw’ishure kuko atabifatira umwanya (concentration).
Kumwana akiri muto cane biragoye kubona ko afise iyo ngwara ariko bivanye n’imigenderanire bafitaniye nabo baba barikumwe urabona no mujisho ko adakeye. Iyo aba adashobora kuvuga acusanga aguma arira umwanya muremure, bavuza bakabura ingwara n’imwe arwaye.
Baraka arerewe mwirerero ry’impfuvyi yabuze mama wiwe akiri muto arigana ingene vyamugendeye : « Mama yararwaye atagira uwumuraba, atagira uko y’ivuza acahitamwo kuja kuryama mubitaro, tugenda tujanye n’uwo tuvukana. » Ntivyatevye umuvyeyi wabo aba yitavye Imana, abana niko kujawna mw’irerero ry’impfunvyi.
Bimwe mubitera akabonge
Baraka abandanya amesha ko abonye nyina mama apfuye ariwe bari basigaranye, yagumanye ubwoba kubera ariwe yaja kurima bakamuha ivyo umuryango ufungura : « Mbonye banzanye aha ndahasanga abandi bana sindabakunda iyo hagize nkico dupfa duca turwana kandi no ngaha ntibankunda nka mama, ikindi mutoyi wanje twazananye haraje uwundi muvyeyi yagiye kumutunga je ntibantwara nyene birambabaza. »
Ladia w’imyaka 13 n’umwana umusi wo kuvuka mama wiwe yaciye y’itaba imana aca arerwa na musaza wa mama wiwe mu bandi bana. Ariko uko yaca ubwenge niko yagenda arumva mu babanyi ko uwumureze atari mama wiwe, ndetse niyo ahamagaye mama wiwe abo bana bakamubwira ngo »ryo uyo ni mama wawe? Urazana rwawe! »
Abandi bagize ico bakora bakababwira ngo: »Aho mwana,urakoze mwana. » Nawe agize ico akora ntabibwirwe, akababara akipfuza icomubwira mwana agatangura kw’iyumvira iyo mama wiwe yagiye akabura uwumwereka urwo rukundo. Agiye mw’ishure bikanka ko yiga, umwigisha yamubaza ikintu kikamunanira agatangura kumutuka ngo : » Wagakiguguwe, ntaco umaze atari ukwicara gusa, aho uzovamwo iki ? » Ivyo bikamukomeretsa gusumba kuko atabona ico amaze kwisi.
Arongera ati : »Maze kubimenya ko mama yapfuye ariko aranvyara naribaza impanvu ntapfanye nawe nkanababazwa n’ukuntu bambwira ngo ntaco nzovyamwo nkunva ndiyanse. »
Uko iyo ndwara ivurwa
kubwa muganga Jean Marie Ningeza, urukundo, kwitabwaho no kunezerezwa ni ingaburo umuntu abuze ashobora gupfa : « Ni nka kurya tuzi ko umuceri n’ibiharage bitunga umuntu, izo ngaburo nazo zinganya uburemere. Umwana aragomba kuronka ivyo vyose kugira abeho neza. »
Ngo umuntu mubuzima afita ibintu bibiri ibimuryohera n’ibimubihira. Iyo umwana abaye mubuzima ataronka ikimunezereza yama mu bimubabaza, atariko aritabwaho arababara agatangura kwumva y’ihebuye akigunga kuko umwana yama ashaka kwumva utujambo tumuryohera : »Mwana bravo, urashoboye, uri umugabo…kugira y’iyumve abone ko akunzwe.
Hari abavyeyi bata abana babo muri ico gihe umwana agomba kuronka uwundi muvyeyi amwitaho nkakurya kwa papa na mama wiwe kugira y’iyunve kwari m’umuryango.
Nta miti ibaho baha abana ntakindi ataruko abavyeyi bokwegera abana bakabayagisha kuko ahahanini biva mu mumuryango bakabereka urukundo bakanabiyegereza cokimwe n’abarezi kuko ahanini aribo bafise uruhara runini.
Kino gisomwa canditswe na Liesse Akimana mu ntumbero yo guha ubumenyi abaciye mu mugambi « Enfants Journalistes » wa UNICEF ushigikira ijwi ry’abana ku bibazo bihanze abana.




