Muri Kenya, umupatiri yaritabiye Imana mw’ihoteri yari yararanyemwo n’umugore bagendana. Sudani y’epfo yarahimbaje isabukuru y’imyaka 12 yikukiye. José Chameleone na we yaragwaye araremba aho yari yagiye muri Amerika. Ni amakuru yaranze ibihugu vya EAC mu ndwi irangiye yo kuva ku wa 3 gushika ku wa 9 Mukakaro 2023

Nkukwo biri mu cegeranyo ca Rwanda Biometric Centre-RBC, ikigo c’igihugu kijejwe amagara y’abantu, buri mwaka muri ico gihugu ngo haraboneka abantu 60 bandura iyo ngwara ya kanseri. Gutyo ngo mu myaka itanu iheze gushika mu 2020, abantu 216 baramaze kuyandura.
Umuyobozi wa RBC yaganiriye na bagenzi bacu muri IGIHE dukesha iyo nkuru, avuga ko iyo umuntu akoze imibonano mpuzabitsina yo mu kanwa, ni ukuvuga arigata canke yonka igitsina c’uwundi afise umugera wa « virus du papillome humain-HPV » ashobora kwandura nawe, hanyuma bikamutera kanseri y’umuhogo.
Na yo bimwe mu bimenyetso bikunze kugaragaza iyo kanseri, ngo harimwo kunanirwa kumira, kuribwa mu gikiriza, gusarara bidakira, kuruka amaraso bidahera,… Ivyo na vyo uwo bishikiye ngo yoca yihutira kuja kwa muganga kugira ngo avurwe hakiri kare.
RD Kongo : Félix Tshisekedi imbere ya Cyril Ramaphosa ati : « sindota nganira na M23 »
Mu kiganiro Cyril Ramaphosa Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo (yari yagendeye RDKongo ku mugoroba wo ku wa gatatu itariki 5 Mukakaro) na Félix Tshisekedi wa Kongo bahaye Abamenyeshamakuru bavuye mu mwiherero wa babiri, Ramaphosa yaramenyesheje ko yaganiriye na mugenzi we ko inzira nziza yo guheza indyane ziri mu gihugu ari iyo kuganira, ko imiryango y’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko #EAC, n’ivy’ubumanuko #SADC, vyofasha kugira ngo hashikwe kuri ivyo biganiro…
Yamara Félix Tshisekedi we yasubiye kwibutsa ko atarota aganira na M23 canke Urwanda : « Urwanda rurakamisha ihungabana ry’umutekano wa Kongo. Uwo mutekano udahengeshanya guhungabana utuma Urwanda ruhungukira bidasanzwe mu butunzi. Ni co gituma Urwanda rutazigera ruza mu biganiro, ni na co gituma Kongo ihakana kuganira na M23. » Kubwa Tshisekedi, ngo kanatsinda Urwanda ntirurigera rwemera ko ari rwo rushigikira M23. Iyo nkuru tuyikesha TRT Afrika
Uganda: José Chameleone yaragwaye araremba aho yari muri Amerika
Kubw’amakuru yatanzwe n’umuvugizi wiwe tukayakesha Daily Monitor, umuririmvyi rurangiranwa muri Uganda no mu karere Joseph Mayanja azwi kw’izina rya José Chameleone ngo yajanywe mu bitaro aho yari muri Reta zunze ubumwe za Amerika aremvye cane kubw’ingwara yo kubabara mu mushishito yari vyamufashe. Nkukwo se wiwe Gerald Mayanja yabimenyesheje, Chameleone ngo yaranabazwe.
Nkukwo abamwegereye babimenyesheje, uwo mugwayi yari akurikiranywe n’abaganga mu buryo budasanzwe kandi yariko aratora mitende. Iyo ngwara yiwe rero ngo ikaba yagaragaye inyuma y’iminsi mike yari ihaciye agiye muri ico gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika mu birori vyo kuronka urupapuro rw’umutsindo rw’umuhungu wiwe Abba Marcus Mayanja.
Kenya: Patiri Joseph Kariuki yaritavye Imana inyuma yo kurarana n’umugenzi wiwe mw’ihoteri
Uwo mupatiri w’imyaka 43 yinjiranye mw’ihoteri y’ahitwa i Gatanga ku munsi wa gatanu itarike 7 Mukakaro ahinjirana n’umugore w’imyaka 32 bari basanzwe bagendana mu kiringo c’imyaka itandatu nkukwo uwo nyene yavyivugiye.
Nkukwo tubikesha ikinyamakuru TheStar, kuri uwo mugoroba wo ku wa gatanu, Patiri Joseph ngo yafunguye inkoko aranywa n’inzoga imbere yuko baja kuryama na mugenzi we ariko inyuma y’urupfu rwiwe, uyu yiganiye abakora mw’ihoteri ko Joseph yari agwaye kandi afise n’ibizunguzungu.
Ikiziga ca Patiri Joseph kikaba caciye kijanwa mu buruhukiro bw’abapatiri i Nairobi, uwo mugore bari kumwe nawe arishikanwa ku gipolisi caciye gitangura amatohoza.
Sudani y’epfo yarahimbaje umunsi mukuru wo kwikukira ugira uwa 12
Kuri uyu wa mungu itariki 9 Mukakaro, igihugu ca Sudani y’epfo carahimbaje isabukuru igira 12 yo kwikukira kwaco kwabonetse inyuma y’imyaka n’iyindi y’intamba hagati y’ico gihugu na Sudani ciyonkoyeko. Nubwo muri ico gihugu naho hahejeje hakaba intambara y’imyaka ibiri, kuva mu 2018 haratanguye ibiganiro vy’umwumvikano bizoshikana abatata ku matora ategekanijwe mu mpera za 2024.
Mu guhimbaza uwo munsi mukuru, nta birori bidasanzwe vyahabaye, ariko mw’ijambo umukuru w’igihugu Salva Kiir yashikirije kuri tereviziyo y’igihugu nkukwo tubikesha urubuga rw’iradiyo RFI, yavuze ko : « Intambwe idasanzwe yo kubumbatira amahoro yarashitsweko. »
Umuku w’igihugu yariyemeje guhagararira ico cose cotumahadasubira kuba intambara mu gihugu yongera amenyesha ko ico Reta yiwe n’abayishigikira bakeneye ari uko boha abanya sudani y’epfo uburenganzira bwo gutora abazobarongora hatarenze muri Kigarama 2024.




