Ku kibazo c’uko kwubakana hagati y’abadasangiye ubwoko vyoshobora gutera ingorane kubw’ibikomere biri mu mitima bituruka ku bihe bibi vya kahise Uburundi bwahitiyemwo, Umuhinga mu vy’akahise Pascal Niyonizigiye yaragize ico ashikiriza.
Muri kahise k’Uburundi, wubakana hagati y’abadasangiye ubwoko vyarashika kenshi?
Aho hambere hahise, abavyeyi b’abana bipfuza kwubakana ni bo baja hamwe, bakabijenama. Kwubakana hagati y’abadasangiye ubwoko vyari bigwiriye cane gushika ku muzo wa Republika ya mbere. Imigenderanire yari myinshi mu kibano na cane cane ko hari hasanzwe hariho n’umugirwa wo guhindura ubwoko. Nubwo biri uko, ukwubakana hagati y’imigwi y’abantu itandukanye biratera ibibazo ata kindi bishingiyeko atari ku bwoko bw’ababa bubakanye ufatiye kubw’abavyeyi babavyara.
Ukwo gusabana abageni vyashika mu buryo nyabaki ?

Mu buryo busanzwe ukwo nyene. Imigenderanire nk’iyo yaba ishingiye ahanini ku gusaba. Abo mu karere k’Imbo baragenda mu bundi burere bwa kure nko mu Mugamba bajanye ibidandazwa bakabisha n’ivyo badafise biboneka muri utwo tundi turere. Ni kuri ubwo bucuti mu rudandazwa hari hakunze kuvuka ugusabana abageni hagati y’imiryango itandukanye. Kubera ko imiryango yose isanzwe hari imigenzo yari isangiye, hari imigirwa nk’iyo kubandwa yasaba yuko hategerezwa kuba abaserukira imiryango yose ariho bari. Gutyo rero, nta mututsi yashobora gutegura urubanza urwo ari rwo rwose adatumiye umuhutu canke ngo umuhutu ntatumire umututsi.
Kuva ryari kwubakana hagati y’abadasangiye ubwoko vyagabanutse ?
Kuri Repuburika ya mbere, Uburundi bwarahuye n’ibibazo bitosekaza umubano hagati y’imiryango y’Abahutu n’Abatutsi. Bamwe mu ncabwenge z’Abarundi baragerageje kwigana ivyabaye mu gihugu c’u Rwanda vyiswe “révolution sociale’’ (ukwiganzura) bashaka kubikora gutyo no mu Burundi. Ngaha haciye havuka ikibazo co kugenda herekanwa ubwoko bw’umuntu bafatiye kubw’abavyeyi bamuvyara. Kubera ko hari uyu canke uriya yaba yarashinze ugwiwe n’uwo badasangiye ubwoko, ivyo vyaraheza bigatera ukutarabana neza hagati mu miryango abubakanye bakomokamwo, ivyatumye n’abubakanye nyene baca batangura gucanamwo. Twovuga ariko ko Uburundi bwagize ituze gahoro ku bijanye n’ivy’amoko, biturutse ko imiryango y’Abami itigeze iba yegukira ubwoko ubu canke buriya mu bwahavuye bushamirana.
Erega hari n’abakorewe amabi atagira izina n’abo mu miryango yabo y’amaraso, abafise ico bapfana ariko atari ica hafi babiyariramwo abandi bakagirirwa nabi n’abitwa ko ari abagenzi babo. Ivyo vyose vyarahungabanya abakundanye bipfuza kwubakana.




