Mu Burundi, amakoperative agengwa n’itegeko nomero 1/12 ryo ku wa 28 Ruheshi 2017. Iryo tegeko riratomora uko ashingwa, atunganywa riranategekanya n’uturusho ahabwa, n’ibindi vyinshi. Abanywanyi b’amakoperative batari bake ntibazi neza ivy’iryo tegeko ndetse hari n’ivyo ritegekanya bitaraja mu ngiro. Tubirabire hamwe.
«Uwushaka kwinjira muri koperative abikora ku gushaka kwiwe. » Nubwo hari itegeko riyagenga ku rwego rw’igihugu, amashirahamwe y’amakoperative canke amakoperative mw’ijambo rimwe, arategerezwa kwubahiriza ingingo indwi ngenderwako zisanzwe zemewe kw’isi yose biciye mw’ishirahamwe mpuzakungu rijejwe ivy’amakoperative («Alliance Coopérative Internationale»), iryo ryungane ritangura rikaba ariyo ngingo ya mbere itangurira izo ngingo.
Koperative kandi itegerezwa kuba ishingiye ku gushigikirana. Indangurakintu y’ijambo koperative nk’uko tubisoma mw’itegeko rigenga amakoperative irabitomora neza. Agace gato (ingingo ya 4) kayo karavuga yuko koperative aba ari umugwi w’abantu bahurikiye hamwe bafise ihangiro ryo gushigikirana no gufashanya hagati yabo.
Ikintu kimwe ntahara kugira dutahure koperative …
Umurindi wo kuja mu makoperative warabaye munini cane guhera mu mwaka wa 2017. Mu mwaka wa 2019 ho vyarunyutse aho Reta yatanguje amakoperative yitiriwe « Sangwe » kuri buri mutumba wose mu Burundi: ubu haharurwa amakoperative Sangwe arenga 2.900.
Mu gihe ihimiriza ryo kwijukira ayo makoperative ryabaye igihugu kiriko kiritegura kuja mu matora yo mu mwaka wa 2020, bamwe n’abandi ntibabona kumwe ivyo kuja muri ayo makoperative. Hari ababona ko kuja muri izo koperative bigenewe abari mu mugambwe uri ku butegetsi. Gutyo ugasanga kwinjira muri koperative ntibigifise ya nsiguro buri wese yategerezwa kubiha hisunzwe ya ndangurakintu y’ijambo koperative.
Hari n’abafata ko amakoperative ari nk’amashirahamwe y’ubudandaji asanzwe aho abayajamwo bahuzwa n’ukurondera inyungu y’amafaranga gusa. Ahibambewe, koperative ishingiye kandi ku gufashanya kanatsinda, iryo tandukaniro riranagaragarira mw’itegeko rigenga amakoperative. Igitandukanya koperative n’shirahamwe («entreprise»), ni uko kuntu ishingiye ku gufashanya mu kibano. Ni na yo mpamvu amakoperative ategekanirijwe uburusho butandukanye.
Nk’akarorero, ingingo ya 89 y’iryo tegeko iravuga Reta ibicishije ku kigo kijejwe guha intumbero no guteza imbere amakoperative «ANACOOP» ironsa amakoperative inyigisho zijanye n’ubuhinga, intererano y’uburyo canke ingurane ku nyungu ntoya. Kungingo nyene, Reta irashobora kwishingira amakoperative ashaka ingurane ndetse ikanayaronsa n’ubundi bufasha butandukanye kugira ngo ashobore gutera imbere koko.
Reta irahamagarirwa kandi n’iryo tegeko gushiraho ikigega gishigikira amakoperative biciye muri ico kigo nyene «ANACOOP» (ingingo ya 90). N’ayo amakoperative akorera mu bisata vy’uburimyi, utugenegene («Art»), indero be n’amagara y’abantu, arategekanirijwe uturusho dutandukanye dushingiye ku guheberwa amakori, mu kiringo c’imyaka itanu akivuka canke ku vya nkenerwa kugira arangure ibikorwa vyayo aba yinjije mu gihugu bivuye hanze.
Hari intambwe zitarashikwako…
Ishingwa ry’ikigo «ANACOOP» mu mwaka wa 2019 ryabaye intambwe idasanzwe. Muri vyinshi ijejwe ico kigo kirafise, ubwa mbere na mbere, ihangiro ryo kuba umuhanuzi wa Reta mw’itunganywa n’ishirwa mu ngiro ry’imigambi yayo mu gisata c’amakoperative, gucungera ikurikizwa ry’amategeko yose agenga amakoperative, itangwa ry’uburusho bugenewe amakoperative, n’ibindi.
«ANACOOP» irahamagariwe kandi gushiraho urwego huriro rw’amakoperative yose ubwayo («Cadre national de concertation du mouvement coopératif »). Ariko urwo rwego gushika ubu rukaba rutarabaho. Richard Havyarimana wo muri FOPABU («Forum des Producteurs du Burundi »), amenyesha ko bamaze gushikiriza Reta urwandiko rusaba ishirwaho ry’urwo rwego kandi babandanya gukurikirana aho bigeze.
Nkako kuba urwo rwego ataruhari, Havyarimana amenyesha ko zimwe mu ngaruka ziheza zikaba ari ukubura aho abanywanyi b’amakoperative bahurira ngo bahanahane ivyiyumviro vyobateza imbere. Eka kuba urwo rwego rwojaho vyotuma bene kuja mu makoperative baronka aho bavugira ibibahanze ndetse rukanafasha guhimiriza imigwi mitomito hamwe n’amashirahamwe kwijukira guhindura imigwi yabo ikaba amakoperative.
Kugira yemerwe imbere y’amatege ko, koperative iyo ari yo yose canke uranani rw’amakoperative, itegerezwa kubanza kwiyandikisha mu kigo « ANACOOP ».
Koperative ni umugwi w’abantu canke amashirahamwe, ushingiye ku kwiyunga, gushigikirana no gufashanya hagati y’abawugize kandi baba bawinjiye ku gushaka kwabo kugira bafashanye gushika kw’ihangiro rimwe muvy’ubutunzi canke imibano biciye mu gushinga umugambi wo kwiteza imbere bakurikirana umwe wese ku ruhara rungana, bagasangira inyngu canke uruhombo ruvuyemwo.




