Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Itegeko rihagarika kombokombo muri EAC ngo ntirizwi na bose

Urudandazwa rw’impuzu za kombokombo n’ibirato vyambawe rurabandanya kubaho n’ugutera imbere ukuri kwamye. Ivyo biri ukwo mu gihe mu mwaka wa 2016 abashikiranganji b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bari bafashe ingingo y’ukugenda barakuraho gahoro gahoro urwo rudandazwa kugira bateze imbere amahinguriro yo mu karere akora impuzu, ibitenge n’ibirato.

Ibiharuro bitangwa n’ikigo ISTEEBU vyerekana ko mu Burundi mu mwaka wa 2017, hinjijwe impuzu za kombokombo amatoni 6.010 ziciye amafaranga y’amarundi imiriyaridi 6,7. Mu mwaka wakurikiye wa 2018, hoho urwo rundadazwa rwirwijije n’incuro zigera zibiri, aho hinjijwe amatoni 11.336 y’impuzu zifise agaciro ka mafaranga y’amarundi angana n’imiriyaridi 14,7.

Ku bijanye n’iyo ngingo yo gukuraho urudandazwa rwa kombokombo, bamwe mu badandaza izo mpuzu n’ibirato kw’isoko ya Ruvumera iri mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko iyo ngingo batigeze bamenya ko yigeze yigwa. Kandi ko hamwe yonafatwa yoba ije kubakura amata mu kanwa. Prosper Bizimana wewe agira atiː «Sindota ndanavyiyumvira, kuko simbona ukwo noca mbaho. Uru rudandazwa maze imyaka icumi ndarukora kandi ni rwo buzima bwanje. Rwampaye umugore, runtungiye n’umuryango».

Abazidandaza, ‘’abazikonesera’’ canke abazishira kuri ‘’ndri’’ bose ngo barahatorera akajisho

No ku bazigura n’ukwo nyene. Felix Ngendanzi, umunyeshure wo muri kaminuza yari mw’iyo soko ya Ruvumera agira atiː«Ndakunda kugura izi mpuzu za kombokombo kuko zigurwa amafaranga make cane ugereranije n’ibiciro vy’izo mu ma mangazini. Nk’impuzu yo muri kombokombo igurwa 15.000Fbu wosanga igurwa nka 100.000Fbu mu mangazini».

Jacques Niyonzima na we nyene wo muri kaminuza asanzwe yisumamwo mu kudandaza izo mpuzu za kombokombo kugira asahirize ka «minerval» kiwe, agira atiː«Uru rudandazwa ruha akazi abantu benshi. baba abadandaza bakuru, twebwe batobato, hari n’abashona bagasubiramwo izo mpuzu iyo zatabutse canke bakazisubiramwo kugira zikwire neza abaziguze, ico benshi bita «gukonesera» canke «gushira kuri ndri», tutibagiye n’abandi benshi. Ivyo vyose Reta yobanza kuvyigako mu gufata ingingo yo guhagarika uru rudandazwa».

«Iyo ngingo yoherekezwa n’ibindi bikorwa»

Jacques Niyonzima arongera atiː« Iyo ngingo nimba yonafatwa, itegerezwa guherekezwa n’izindi ngingo nk’izo guteza imbere amahinguriro y’ibitenge n’impuzu aha mu gihugu cacu, kuko ukwo bimeze ubu nta mahinguriro ahari atanga umwimbu ukwiye wotuma impuzu za kombokombo ziba zirahagaritswe».

Ivyo bikaba mbere vyari vyanashikirijwe na Gilbert Nzeyimana mu kwezi kwa Rusama kw’uyu mwaka, umuyobozi mukuru  wa Afritextile ryahoze ryitwa Cotebu, ishirahamwe rihingura ibitenge mu Burundi. Uwo murongozi amenyesha ko n’umwimbu baronka w’ipampa udakwiye. Agira atiː « Umwimbu w’ipampa turonka muri Cogerco ntukwiye urugero rw’amatoni 3000 ku mwaka twebwe twipfuza. Ariko mu migambi yacu twipfuza ko tworonka amatoni 5000 ku mwaka kugira dushobore kugira umwimbu w’ibitambara bikorwamwo impuzu ukwiye mu Burundi, tubashe no gushorera mu makungu».

Yunganira mugenziwe, Felix Ngendanzi avuga ko nko mu bijanye n’ibirato n’aho reta yotegerezwa kwiga ingene hohabwa agaciro umwuga w’ugushona ibirato, bagashinga amahinguriro y’ibirato akozwe mu bikoresho (matières premières) bisanzwe vyoboneka ng’aha ku butaka bw’Uburundi nk’insato, amapine canke ibi «plastiques», ngo Reta y’Uburundi yokwongera igatunganya n’ivyigwa vy’ugushona ibirato ku rwaruka.

Mwomenya ko, ukwo urwo rudandazwa rusanzwe rukorwa ng’aha i Burundi nko kw’iyo soko ya Ruvumera rukorwa n’abadandaza bakurubakuru bitwa (grossistes) barangura ibishweka babikuye hanze y’igihugu hama bagaheza bakabigurisha mu gaturuturu ku badandaza batobato abo na bo bakaja kubidandaza mu yandi masoko canke bakabitemberana hagati mu ma karitiye.

None ivy’ukwo impuzu za kombokombo n’ibirato vyambawe bihagarikwa kudandazwa mu Burundi no muri EAC, mwebwe mubibona gute? Mubivuga ko iki?

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top