Jimbere

ikirundi French English
INTWARO

Menya ibiri mw’itegeko rishasha rigenga amashirahamwe nyobokamana mu Burundi

Rimaze gusinywa mu 2022, Reta yari yihaye imyaka ibiri kugira itegeko rishasha rigenga amashirahamwe nyobokamana rije mu mu ngiro, navyo bikazoba kuva igenekerezo rya 16 Nyakanga 2024. Mu ngingo ndwi, twibukanye bimwe mu biri muri iryo bwirizwa, ryashizweho kugira Reta igabanure indyane zari zigisibije mu mashengero ku bw’imitungo…

Banza upakurure iryo tegeko uko ryanditse ido n’ido

Ubu, bizosabwa ko buri shengero ritanga umuco ku nkomoko y’imfashanyo rironka: idini, ishengero canke ishirahamwe nyobokamana ryose rironka imfashanyo izo arizo zose ziva hanze y’igihugu, ritegerezwa kuzimenyekanisha mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo amadini n’amashengero (ingingo ya 40).
Iciyongeweko, izo mfashanyo zitegerezwa kugengwa n’amasezerano hagati y’uwuzitanga n’uwuzakira, maze urupapuro rumwe r’wayo masezerano rukarungikwa mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo amadini n’amashengero, nk’uko ingingo ya 38 ibivuga, nayo iya 39 igategeka ko amafaranga yose arungikiwe ishengero canke ishirahamwe nyobokamana ava hanze y’igihugu ategerezwa guca mw’ibanki nkuru y’igihugu.

Ikindi, ngo ishengero ryose ryisunga intunganyo y’irindi shengero ryo mu mabanga, ngo ritegerezwa guhana amasezerano na Reta y’uburundi, amasezerano yerekana neza ingene bitegerezwa gukorana neza no gufashanya (Ingingo ya 49).

Amasezerano hagati ya Reta y’uburundi n’ayo mashengero, yaba Ayo ngaha mu Burundi canke afise ivyicaro hanze y’igihugu, ashobora kuza arahinyanyurwa bivuye kugisabo c’uruhande rumwe urwo arirwo rwose (Ingingo ya 50).

Abarongozi b’amashengero barasabwa kuba barateye intambwe mu vy’inyigisho: Uwuserukira ishengero runaka imbere y’amategeko, kumwe n’icegera c’iwe, bategerezwa kuba bafise ubwenegihugu bw ‘abarundi, kandi bakaba baba mu Burundi nyene (ingingo ya 10), bakaba bafise n’imiburiburi urupapuro rw’umutsindo rw’igice ca mbere c’amashure ya kaminuza (baccalauréat), kandi batari munsi y’imyaka 30 y’amavuka. Hanyuma abayoboye ibibanza bisengerwamwo bategerezwa kuba barize ivyigwa ndoramana vya Bibiriya canke Ikorowani (ingingo ya 54).

Amategeko agenga inzego z’amashengero ameze gute? Abarongozi b’amashengero bafise ikiringo c’imyaka 5 gishobora kwisubiriza. Ico ikiringo kirangiye, abayoboke b’ishengero barakorana kugira ngo batore inzego nshasha. Iyo naho bishitse abarongozi bakarangiza ikiringo cabo ariko ntibatunganye ibikora vy’amatora mu maguru masha, ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo amashengero buca bufata ikibazo mu minwe, kugira ngo amategeko yubahirizwe (ingingo ya 20).

Nayo inzego z’amashengero, amashirahamwe nyobokamana, zitegerezwa kuba ari inama nkuru ya bose (irengeye izindi nzego), urwego nshingwabikorwa hamwe n’urwengo rwo guhagarikira ibikorwa. Amashengero n’amashirahamwe nyobokamana avyipfuza arashobora gushiraho izindi nzego babona ko zikenewe, nk’urwego rujejwe inyigisho z’ishengero (doctrine), ariko nti ziba ziri mu nzego zifata nyobozi. Inzego z’amashengero rero zitorwa mu muco no mu bwigenge hisunzwe amategeko agenga amashengero, bitandukanye n’ububasha bw’impwemu umuntu aronka (ingingo ya 16).

Gurtyo, urwego nshingwabikorwa hamwe n’urwego rwo guhagarikira ibikorwa v’ishengero, zirangura amabanga zashinzwe n’inama nkuru ya bose. Gushika ku bisata vyayo bitobito, amashengero ategerezwa gutegekanya urwego rw’abahanuzi bashobora gutatura amatati (Ingingo ya 22). N’aho biri ukwo, urwo rwego narwo nyene rurashobora kwisuzuma ko rukora kuneza y’abanyeshengero (ingingo ya 23).

Ibidashobora gukorwa : Kiretse inama nkuru ya bose, izindi nzego z’ishengero nti zishobora kujamwo abantu barenga umwe basangiye umuryango canke bafitaniye ubucuti bwa hafi nk’umuvyeyi n’umwana. Ikindi kandi, nta muntu ashobora kuja mu nzego nyobozi z’amashengero arenga rimwe. N’aho biri ukwo umuntu arashobora kuja mu muhari nyobokamana mu gihe afise uruhusha rw’umurongozi wo mw’ishengero asanzwemwo abifitiye ububasha (ingingo ya 51).

Ariko umuntu wese arashobora kuja mw’idini canke ishengero hisunzwe ico iri bwirizwa rivuga, inyigisho z’idini hamwe n’amategeko agenga iryo dini canke ishengero. Kwinjira mw’idini canke ishengero runaka, biva ku gushaka kw’umuntu, nta gahato karimwo (9 ingingo ya 27).

Ivyo amadini n’amashengero bitegerezwa kurangura mu kibano : Amadini n’amashengero bitegerezwa gutegekanya imigambi y’ubutunzi, kwubaka amashure, amavuriro, canke ico cose kigirira akamaro ikibano. Ategerezwa kwama yubahiriza amabwirizwa ajanye no gukingira abantu mu burundi, co kimwe n’ibwirizwa rigenga amakori n’amatagisi. Ariko, umugambi wose ishengero rishaka kurangura mu gisata runaka, kiraheza kikagengwa n’amasezerano y’umwumvikano hagati y’ubushikiranganji bujejwe ico gisata hamwe n’iryo shengero (ingingo ya 46).

Ikirengejeko : uko imyaka 5 irangiye, ishengero ryose ritegerezwa kwerekana integuro ntunganyabikorwa mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo amashengero, maze rikerekana imigambi y’iterambere rigiye kurangura ryisunze intumbero n’imigambi igihugu cashizeho (ingingo ya 56).

Hanyuma, gushika kuwa 30 Nyakanga bura umwaka, idini canke ishengero ryose ritegerezwa gutanga icegeranyo c’umwaka uba urangiye mu bushikiranganji mu vyo bujejwe bujejwe harimwo amadini n’amashengero. Ico cegerango kiba cerekana mu buryo bwiyaguye ibikorwa vyaranguwe n’ishengero, amafaranga ryaronse n’ingene ryayakoresheje, ibijanye n’amakonte ya banki, inyubakwa n’ayandi matungo yose ishengero riba rifise.

Amategeko ajanye no gutunganya amasengesho : Ishengero ryose ritegerezwa kwigirira ikibanza caryo risengeramwo, kandi ikibanza kitubatswe mu nyubakwa z’amashure. Kirazira gutunganya amasengesho mu masaha y’akazi ata ruhusha rwatanzwe, canke kugirira amakoraniro y’amasengesho mu mashure canke mu nyubakwa ziberamwo imanza. (Ingingo ya 46). Kuva itariki 16/09/2024, hagati y’ibibanza bibiri vy’amakoraniro yo gusenga hategerezwa kuba n’imiburiburi uburebure bw’ikirometero kimwe mu mitumba, n’imetero 500 mu bisagara (ingingo ya 47).

Nta kibanza c’amakoraniro yo gusenga gishobora gushirwa ahantu ata ruhusha rwa musitanteri arongoye ahohantu, mugihe yahawe icemeza ko iryo shengero ryemewe. Ishengero ryose ritegerezwa kumenyesha mu bushikiranganji bujejwe amashengero ibibanza bishasha vy’amakoraniro vyashizweho. Ishengero ryose ritegerezwa gushinga icapa cerekana ahari ikibanza c’amakoraniro yo gusenga, ku buryo umuntu wese ashobora kuhamenya (ingingo 45).

Ibisabwa kugira ngo idini canke ishengero ryemerwe 

Uruhusha rw’imfatakibanza rw’imyaka 2 nirwo rutangwa n’amategeko, kugirango habe ugusuzuma ko ishengero rikwije ibisabwa vyose riheze ryemezwe burundu. Uruhusha nyezina rutangwa n’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo amadini n’amashengero, iyo rusabwe n’ishengero canke idini (Ingingo ya 12). Imbere y’uko urwo ruhusha rutangwa, ababijejwe barasuzuma ko iryo shengero ryubahirije amategeko ajanye n’ibidukikije, isuku, kudatera akajagari mu kibano (ingingo ya 12).

N’aho biri ukwo, amashengero arashobora kugira ama diyoseze, ama paruwase, ibisata vy’itabariro, imirwi n’imihari biyakomokako, hisunzwe amategeko y’igihugu n’ay’ishengero. Amashengero arashobora kandi kwiyunga canke akiyungamwo ishengero rishasha.

Amasezerano yo kwiyunga hagati y’amashengero ategerezwa kuba yateweko umukono n’uwujejwe kwemeza no guha agaciro ivyabaye (Notaire), maze agaca arungikirwa umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo amashengero akayemeza. Iyo amashengero, ayandi mashirahamwe canke imirwi nyobokamana vyiyunze bikagira ishengero rimwe, bica bitakaza ishusho vyari bifise imbere y’amategeko mu gihe btitaribwirunge (ingingo ya 29).

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top