Amabi yakorerwa abakenyezi afise ico asana n’ukudatorana mu miryango
Muri kahise k’Uburundi ibi ni vyo twofatirako uturorero:
Imiryango yavyaye abakobwa gusa
Twari twaciye ku masonga ibijanye n’ukuntu mu mico n’imigenzo y’ikirundi umukobwa atashobora gutorana. Uvyihweje neza, usanga umukobwa atafatwa nk’umwana mu bandi ndetse gushika aho umenga si umwana yavutse biciye mu mategeko. Yafatwa nk’aho womenga nta maraso ya se afise muri we. Imvugo zimwezimwe zagumye mu rurimi rw’ikirundi zirabigaragaza: Umukobwa ni akarago k’abaraye, umuhungu ni igikingi c’irembo gisiduka ntibacane.
Ivyo vyose biri mu vyatuma itongo ry’umuryango wavyaye abakobwa gusa ritoranwa n’incuti zabo ariko zigizwe n’abahungu canke abagabo gusa.
Abakobwa batigeze baja kwabirwa
Aho hambere umukobwa atarongowe yagumye kw’itongo ry’abavyeyi baramuha ikivi co kurima. Ariko carazira kikazizizwa ko ahavyarira. Aramutse naho ahavyarira umwana iyo ari umuhungu yaja gutorana kwa se wiwe canke kwa sekuru. Naho amategeko yagumye atera imbere, mu mihingo itari mike y’Uburundi umukobwa atarongowe aracafatwa nk’uko nyene..
Abakenyezi bahukanye bagasubira iwabo
Abagore bagize ingorane bubatse izabo zikabananira bagasubira ku matongo kwa ba se (abantu babatoteza babita ibisubiramuhira), bagira ingorane zisa n’izabakobwa batigeze barongorwa. Baramukazi babo barabafata nabi, bakabaha akavi gatoyi. Hageze gutorana barabahako hato cane ariko ahandi hategerezwa guhabwa basaza babo.
Abapfakazi
Ingene umupfakazi yafatwa vyavana n’imigenderanire yari afitaniye n’umuryango w’umugabo wiwe. Nimba atagize amahirwe yo kuvyara yaca yirukanwa ubutarariye. Yaramaze kuvyara naho, kugira agume muri urwo rugo yabwirizwa kwemera kurongorwa na mutoyi w’umugabo wiwe. Induru akenshi zatangura iyo umupfakazi yanse gucurwa na murumuna w’umugabo, canke iyo yanse kurangura imibonano mpuzabitsina na sebukwe umugirwa bita gutera intobo. Ikindi catera ingorane, wari umugirwa
wo kumubikira. Muri uwo mugirwa sebukwe canke abahungu bavukana n’umugabo wiwe bamusaba ko barangura amabanga y’abubatse imbere yuko ikigandaro gihera kugira ngo babwire igitsina ciwe yuko serugo yaryamiye ukuboko kw’abagabo.
Kwa se wiwe umugore yubatse yararonswa ikivi bita igiseke. Gushika ubu iyo basaza b’abakobwa banse gutanga ico giseke bashiki babo bama bitura ubutungane ngo bubatunganirize. Uyu munsi uwupfakaye yari yarongowe biciye mu mategeko itongo ryose riguma ari ryiweariko na ho nyene hari aho umuryango w’umugabo umuturubika cane naho aba akingirwa n’ubutungane.
Muri make, imigenzo ijanye n’ugutorana mu Burundi irakumira cane umukenyezi uretse utuganuke dutoduto ahabwa, ataho dusa dusana n’ugutorana itongo nk’abandi bana. Amategeko mu Burundi ariko aratera imbere ivyo ntawobideha, ariko haracasigaye vyinshi vyo gukorwa kugira ngo umwana w’umukobwa afatwe nk’abandi bana bavukana.




