Jimbere

ikirundi French English
AKAHISE

Hataraza ibikoresho vy’ikizungu, Abarundi bitiza izihe ngero mu gupima ibintu?

N’igihe abazungu batari bwaze mu Burundi, Abarundi bari bafise uko bagera ibintu canke ahantu. Bakoresheje ubuhinga bwabo, uburemere, uburebure, ubwaguke n’ibindi vyose bipimwa vyaragerwa, nk’uko tubikesha umuhinga J. Baptiste Ntahokaja, mu gitabu ciwe « Imico n’Imigenzo ».

Ngo ntivyarivyoroshe, ariko vyarashoboka. Imigozi, amacumu, inkoni n’ibishakara vy’amahonda, ni vyo bikoresho bifashisha kenshi mu kugera uburebure. Umutama wa kera ntiwomukangishije imetero yawe ukoresha uwu munsi, asanzwe yifitiye inkoni canke ngo umuzanire iyo saha yawe kuko agisohoka hanze akarangamiza ku zuba canke akaraba aho igitutu kigeze, yaca akubwira isaha atarinze kwiyumvira.

Barubaka uburiri, kandi ntiwihende ngo barabura uko babigenza kandi ugasanga burarumanye neza n’abo bwategekanirijwe. Nyene kubukorerwa yakira kuba yegeranye n’uwubukora, uwo agaheza akamugerako igiti kireha na we, ibindi bisigaye yaramenya uko avyitunganiriza. Nayo mu kuringaniza umumezo wo gukwikira isuka, ngo bafata igiti bakagihagarika, kikagera mu rukenyerero rw’impuzu maze bakagihimbura, nayo uwushaka umumezo muremure akagishitsa mu kwaha.

Mu gupima ubwaguke babigenza gute?

Nk’inzu ngo bayipimisha umugozi. Bafata umuntu, akaryama, akagorora ukuboko aho ageza bakaharambika umugozi; iyo ikaba intambwe imwe; inzu nto ngo yagira intambwe imwe y’umuntu muremure, n’umumezo w’isuka mu gihe inzu nini yagirwa n’intambwe zibiri. Indaro yo ngo yagera umuntu yama agera inzu, akaryama, akagororoka ku kuboko akahaca akamenyetso akongera akahatambika umuhoro bagaca bamenya ingene nya ndaro yagutse canke yaga.

Nayo mu kugera ubwaguke bw’igikoresho gishingurwamwo ibintu, bafata ingero ntonto, bakaraba ingero zicujuje. Nk’ikigega ngo baharura incuro zujuje urutete arirwo « igisangaza » (igice c’igitiba catekera amasaka). Urutete na rwo rukaba ari igikoresho cajishwa mu migano rukaguka mu mbavu ntirube rurerure. Urwo rutete ngo umuntu yorwicayemwo agahindukira. Ibisangaza umunani canke icumi ni vyo vyuzuza ikigega.

Mpawenayo ni umukenyezi amaze imyaka 60. Avuga ko nawe yakuze abona nyina avomesha inkono. Nako na we ngo yarayivomesheje. Ico gihe, nyina mu gupima uko inkono ingana, ngo yakoresha uruganzu. Umubajije uko inkono ingana, ngo yakubwira igitigiri c’inganzu ziyijamwo.

Uburemere…?

Ngo baraba umutwaro w’umuntu canke bagaterura mu minwe bakumva ingene ico kintu kiremereye. Ari nk’inyama, ngo baragabura, bakazishira mu minwe, bakumviriza ko zingana canke zisumbanya uburemere.

Ruzobavako Gaspard ni umutama amaze imyaka 70. Iwabo ngo bari batunze inka nyinshi. Sekuru ngo yari umuyangayanga. Avuga ko akiri umwana yabona sekuru adandaza inyama ata munzane akoresheje. Ngo kandi vyaragenda neza kuko Se yakeba inyama y’umusoso agahereza uwufise icibo cuzuye umunyu ngo bagaheza bagakaba.

Iminzane, imetero n’ibindi bikoresho vyo kugera ibintu bitaraza rero, ngo Abarundi bari bitunganije neza kandi vyose bakabikorana ubwenge budasanzwe ku buryo atawidoga ngo yarenganijwe canke ngo akehanirwe.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top