Jimbere

ikirundi French English
ISUKU

Ingingo 10 zafashwe mu gisagara ca Bujumbura, n’ico zavuyemwo

Mu gihe umugwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi ugeze ku ndwi igira gatanu uri mw’isekeza ryiswe « Iminsi 100 mu ntumbero yo gusukura igisagara ca Bujumbura », isekeza ryatangujwe na Prezida Evariste Ndayishimiye, ikinyamakuru Magazine Jimbere caboneyeho akaryo ko kugaruka ku ngingo zisa n’izo zagiye zirafatwa mu biringo bitandukanye vyarangiye.

Izo ngingo n’ubwo zagiye zirafatwa n’abarongozi batandukanye bo mu nzego nyobozi z’igisagara ca Bujumbura, zari zifise intumbero imwe n’iri sekeza ryatangujwe n’Umukuru w’Igihugu: kwijukira isuku, gukomeza umutekano no gushariza igisagara ca Bujumbura. Ariko none, izo ngingo zagiye zirafatwa zoba zigezehe? Zarakurikijwe?

  1. « Poubelles muri bus twarazibagiyeee! »
  2. Ni ingingo yateye amajambo menshi, mugabo iriko irakurikizwa: abunguruza abantu ku makinga, ama moto n’ama bajaji mu gisagara ca Bujumbura barubahiriza imbibe bashingiwe
  3. Ivyo kwambara casque ku moto benshi barabihevye mu gisagara ca Bujumbura, kubera isuku rike ryazo, ubushuhe, n’ibindi vyitwazo…
  4. Ibinogo vyo kwakira amazi y’imvura mu mihana muri komine Mukaza, vyaribagiwe
  5. Isekeza ryo kuzibira ibinogo mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura rirasinziriye
  6. Hari inzira y’ab’amaguru ica mu kirere mu gisagara ca Bujumbura, mugabo abo yubakiwe barayinuba…
  7. Ivy’isuku, umutekano, kugabanura induru canke ishusho nziza ya #Buyenzi ntubabwire: hari aba mécaniciens banse kuva mu mabarabara
  8. Ivyo gusonera gazon ishariza amabarabara y’igisagara, ntubibaze abanyabujumbura
  9. Ni uko nyene umuyagankuba ubitoba, nayo ingingo yo gushira amatara ku mpango mu gisagara ca Bujumbura irakurikizwa
  10. Igisaga ca Bujumbura ntikigira ah’abantu bihagarika ku nzira
Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top