Jimbere

ikirundi French English
Aba Stars

Yarazutse, indirimbo yahuje ibihangange vya gospel mu Burundi yakozwe gute?

Ni amateka mu muziki w’Uburundi ivyakozwe na Now Creative mu gukoranya ibihangange mu muziki wo guhimbaza Imana (gospel) mu Burundi ngo bakorere hamwe indirimbo Yarazutse. Ivyo bihangange navyo ni David Nduwimana, Willy Uwizeye, Dudu T. Niyukuri, Fabrice & Maya Nzeyimana, Fortran Bigirimana na Apollinaire Habonimana. Videwo aho imariye gusohoka, ikinyamakuru Jimbere caragiranye ikiganiro na Clovis-Blaise Koriciza bita Rasko arongoye iryo ishirahamwe ryafashije ngo iyo indirimbo ikorwe.

Mbega iciyumviro co gukora irya ndirimbo cavuye he? Cazanywe nande?

Nije nazanye ico ciyumviro. Nabahuje bivanye n’imigambi yari ihari. Nariyumviriye nsanga birakwiye ko mu ndirimbo za gospel hogarukanwa indirimbo z’abarundi tukareka kwumviriza no gukunda izakozwe n’abanyamahanga ngo duhereyo.

Icari gikenewe cane kwari ukwegeranya abantu bavuye mu Burundi maze ntibasubira kugaragara cane mu bikorwa vy’umuziki. Nihweje nasanze abo batandatu bari mubatanguye mu ndirimbo zo guhimbaza Imana mu Burundi

Hanyuma ndiyumvira nsanga icoba ciza n’ukubahuza. Twaraganiriye, ndababwira uko jewe ndavyumva nabo barankundira barabitahura. Gutyo dutangura umugambi, umwe uri mu yindi izoza.

Mu ntango kwari kugira dukore amajwi y’indirimbo yonyene. Sinabona ingene dushobora gukora amasanamu yayo.

Tukiri aho nyene, mwoducira ku mayange ingene arya masanamu yakozwe kuko uyiravye bigoye kubona ko bari mu bihugu bitandukanye?

Ryari nk’ihangiro twategerezwa gushikako. Naje ubwa mbere sinabona ukwo bizogenda. Kubera bwari ubwambere nari ndabikoze kandi nkabipimira ku bagabo b’ibihangange.

Ku kijanye no gufata amajwi (audio), umwe wese yarifata amajwi kandi vyovyo bisanzwe vyoroshe. Fabrice niwe yakoze umudiho mu gihe David nawe arayandika.  Igikorwa co gukora amajwi kikaba kitari kigoye nka vidéo.

Clovis-Blaise Koricikiza arongoye Now Creative

Amasanamu asaba vyinshi. Uhereye ku gukora script. Akenshi iyo abantu bari mu gihugu kimwe biroroha ariko kuri irya ndirimbo, umwe wese yafata video ukwiwe. Ni kuvuga ko amaze gukora vidéo yarayirungika. Aho rero twaragize impambamyi zijanye n’ivyuma vy’amasanamu, arivyo bita camera, bitaba bizana amasanamu asa.

Mugabo murumva ko iforoma yari imwe. Umwe wese agakora igice ciwe. Ntivyari vyoroshe cane kuko n’umwanya twari dufise ntiwari ikirenga. Nobamenyesha ko iyo ndirimbo twayikoze mu mezi ari munsi y’abiri haba gukora amajwi n’amasanamu. Ariko izizokurikira turizera ko tuzozifatira umwanya ukwiye.

None ntivyabatwaye uburyo burenze kuko abaririmvyi bari kure na kure?

Cane gose. Vyaradutwaye uburyo butari buke ariko umwe wese agaterera aho ageza. Umuntu ntavyumva nkaho yaba ariko akora wenyene kuko bose baragerageje guterera.

Hoba hariho ikindi gikorwa nka kirya mutegura gukora haba mu muziki kama (traditionnelle) canke iyindi miziki ikorwa aha mu Burundi?

Nibaza ko kiri mu vyo maze kuvugana na bamwe bamwe inyuma yaho bumvise iki gikorwa.  Hariho abipfuje ko twokorana. Hasigaye ugushaka mu kwumva yuko igihe bokorana, bokora umwe wese atikwikwegerako.

Twebwe nka Now Creative, turi ngaha kuri abo bose bumva uwo mugambi kandi turiteguye gukorera mu bisata vyose vy’umuziki. Gukorera mu gisata c’umuziki si ivyoroshe. Mu bisanzwe n’ibintu bisaba ko umuntu abigiyemwo yumva ko ari gusangira n’abandi. Ubwo rero, umuntu, umutima wo gusangira n’abandi ugora, ico gikorwa comunanira, kuko utanga vyinshi ukunguka bike kugira ngo n’abandi bashikirwe.

N’ibintu bisaba kwihangana kuko nk’indirimbo irimwo abantu 6 iragoye kuko umwe wese abakeneye yumvikane gusumba uwundi. Ivyo rero muri gospel, canecane barya twakoranye cari igisanzwe, ntibagoranye gusumba n’ukwo navyibaza. Bica bivana n’abo muriko murakorana.

Tuvuge ko kirya gikorwa ari intango y’ibindi bizokurikira? Mwoba mugiye gushiraho studio canke igisata c’umuziki ca Now Creative?

Oya n’ikintu umuntu ashobora kwihweza akavuga reka ndakigerageze ndabe. Muti Now Creative dukora ibintu vyinshi. Ego na cane cane mu binezereza abantu. Ariko si label, umunsi twashatse kuyitanguza, izoba ifise irindi zina.

Ntan’uko ari indirimbo ya mbere dukoze hari indirimbo ya We 4 Unit kandi yarimwo abaririmvyi benshi. Ni na vyo bituryohera cane, ari umuntu umwe biratugora ariko ari abantu benshi iba iri nka événement dukoze.

Hari abasavye igiteramo abo 6 bohuriramwo? Mubabwiye iki?

Izoza nimwaduhereza ama sponsors (ubufasha) ngo tubazane. Kuko ntibari hafi. Iyumvire gukura umuntu muri Amerika, mu Bufaransa, muri Australie, i Nairobi ni Kigali. Ukaca wongerako n’ibisabwa kugira dukore igiteramo. Abo baje baza ku matike ukongera n’uko babaho ngaha, bisaba uburyo bwinshi. Nanje ntabwo mfise. Nihagira uwushiramwo ukuboko tuzoyikora!

Akajambo kanyuma

Akajambo novuga ni ako gutumirira umurundi wese ko mu bikorwa yokora haba ivyo akorera ng’aha mu Burundi canke naho hoba ahandi yoshira imbere igihugu ciwe ari co Uburundi kuko iyi niyo ngabire dufise Imana yaduhaye. Ku bwanje ntacoza imbere y’igihugu canke mu buryo ubwaribwo bwose kuko ahandi hose hafise beneho kandi ntituzigera dusa canke dukora nkabo n’ubwo twobigana ibihe vyose.

Blaise-Clovis Ikoriciza yaganiriye na Romaine Bukuru

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top