Jimbere

ikirundi French English
IMICOKAMA

« Indamurabitabu Gusoma ni iyo gushigikira kuko yaje nk’inyishu »

Ku mugoroba w’igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2025, niho indamurabitabu Gusoma yasozera indwi yari ihariwe igitabu. Mu vyagarutse mu kiyago c’iryo sango, harimwo ikijanye n’umuco wo gusoma, watakaye…

Wa wundi ati urugo ni urwogenderwa… Mur’iyo ndwi muri Gusoma, baronse ababagendera bagera ku 70, harimwo 11 bipfuza gusohora ibitabu, nk’uko vyamenyeshejwe na Napoléon Ahishakiye, umutyororabisomwa akaba n’umuryoshabiyago mur’iyo ndamurabitabu.
Mu vyayazwe mur’iyo ndwi, harimwo ibijanye n’ikori rishirwa ku bitabu biva hanze y’Uburundi canke ivyagiye gusohorerwa mu bihugu vyo hanze kubera ibibazo vy’ubuhinga butaratera imbere mu Burundi, ubukene bw’ibibanza vyo gusomeramwo, ihimirizwa rikenewe mu mashure ngo abana bazirikane ko igitabu ari ingaburo y’ubwonko, n’ibindi.

Bamwe mu bashitsi bari bagendeye indamurabitabu Gusoma kur’uyu wa 25/05/2025…

Mu bashikirije intahe, harimwo Alain Pascal Niyonzima, umwanditsi yagize ati: « Ntivyanyoroheye mu kwandika igitabu. Nko kubijanye n’uburyo, hari aho nadodora bakambwira ko bo bafasha abafise imigambi yo kurwiza umwimbu gusa. Ivyo rero bikerekana ko benshi bataramenya akamaro n’agaciro igitabu gifise. »
Agasaba ko Reta yoshiraho ikigega gishigikira abanditsi, nayo urwaruka rugukunda gusoma kuko ariho rushobora kumenya kwandika: « Uko usoma kenshi niko umenya ubuhinga butandukanye bwo kwandika. Abavyeyi babifisemwo uruhara: bategerezwa gukundisha abana babo gusoma. »

Lt-Col. Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, akaba n’umwanditsi, yamenyesheje ko indamurabitabu Gusoma ikeneye inguvu nyinshi kugira ngo igume ihagaze: « Ni ukugira plaidoyer mu bushikiranganji butandukanye kugira ngo bamenye ko birya bitabu bahora baja gukoresha hanze boza kubikoresha ngaha iwanyu. Muri ico gihe Reta nayo nyene izohungukira kuko yamahera y’agaciro bahora basohora ntazoba agisohotse. »

Yasozereye amenyesha ko igitabu ari umutahe w’igihe kirekire (investissement à long terme), kuko uno musi kitaguzwe gishobora kuzogurwa n’ejo kuko co ubwaco nti gipfa.

Ijambo ryakiriwe neza na Pr André Nduwimana arongoye igisata co kuryohora ivyirwa vyo mu mashure nshingiro mu bushikiranganji bw’indero. Ati ubushikiranganji aserukira buhamagarira cane abanyeshure gukunda gusoma bubicishije mu mahiganwa « Olympiades » aho mbere Uburundi buheruka kuba ubwa kabiri mu karere: « Iyo umuntu yasomye, ntapfa kuvuga ibintu ivyarivyo vyose. Kuko iyo uriko urasoma uba uriko uriyigisha, ukamenya gushishoza, ukahakura ububasha bwo kubwira uwanditse igitabu uti kirya wanditse nico canke sico. Uburyo bwiza bwo gusiga iragi ni ukuryandika kuko amajambo araguruka ariko inyandiko igumaho. »
Uyo mwigisha yagiriyeko ashikiriza ko indamurabitabu Gusoma ari iyo gushigikira, na cane cane ko ubushikiranganji bwahora buronderera kure abatyororabisomwa.

Mwomenya ko kuva mu myaka 3 indamurabitabu Gusoma ibayeho imaze gusohora ibitabu bigera kuri 10, muri vyo harimwo 3 bimaze gusohoka uno mwaka wa 2025.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top