Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Imyidogo mu bagwayi b’amafyigo ni myinshi muri ino minsi

©️ Jimbere / Muganga Joseph Nyandwi : « Uyunguruje amaraso (dialyse) amasaha 12 ku ndwi, igihe ugwaye amafyigo, urateba ugakira neza. »

Abaganga bavura iyo ngwara ni 2 gusa mu gihugu kirimwo abantu bababa imiriyoni 12. N’imashini zifasha mu kuvura iyo ngwara, ntizikwiye. Abagwayi basaba Reta gutorera inyishu ico kibazo.

Bamwe mu bagwayi b’amafyigo bamaze iminsi bamenyesha ko bafise impungenge ko amagara yabo ashobora gusinzikara cane bivanye n’uko iminsi bandikiwe yo kuja kuyunguruza amaraso kwa muganga, ivyo bita « dialyse » mu gifaransa, iguma ihindagurwa. Kubwabo, ivyo bikaba biriko bivana n’uko imashini zikora ico gikorwa ari nke. Nkako, muri Bujumbura, mu mashini 14 zahora zifasha, 5 zarapfuye.

Dialyse iri i Bujumbura gusa no muri Karusi. Abagwayi babona ko izo mashini ari nke cane mu gihugu. Nk’umuntu akeneye Dialyse ari mu ntara z’ubuvuzi zo mu buburaruko bw’Uburundi asabwa kumanuka iminsi 2 canke 3 ku ndwi ku ndwi, i Bujumbura. Biramuhanga.

Muganga Joseph Nyandwi, umuyobozi mukuru w’ikigo INSP akaba n’umuhinga mu vyo kuvura amafyigo, ntahakana ko hari imashini zapfuye ariko akagira ati : « Tubaha amasango twisunze uko tubona amagara yabo yifashe. Imashini imwe itegekanywa kuvura abagwayi 3 ku munsi kandi ibice birenga 90% vy’ abagwayi mu Burundi biyunguruza amaraso kabiri ku ndwi. Turaheza tukabapangira iminsi rero twihweje vyose ko ata bibazo bahava bagira. »

Urugohe ruvunirwa abagwayi

Hari impanuro zerekeye urugero rw’amazi abagwayi babwirizwa kunywa ku munsi ku munsi ziza ubwa mbere ku bitura abaganga kuko banyoye amazi menshi kandi iminsi yo kubakurikiranamwo yarahindutse haca haduka ikibazo co kuvyimba cane.

N’ubwoko bw’imfungurwa bategerezwa gufungura burahinduka. Imvo nuko icunyunyu bita ‘potatium’ kibaye cinshi bashobora gupfa bukumbi. Izo mpanuro rero ngo ziraheza zigaherekezwa n’ibipimo kandi hakisungwa ingene amagara y’umugwayi yifashe, nk’uko Muganga Joseph abishikiriza.

« Hogwizwa abaganga bavura iyo ngwara »

Muganga Joseph nawe nyene arasaba ko hogwizwa abaganga kuko gushika uno munsi abaganga bariko bariga ibijanye no kuvura amafyigo bazoba bagarutse mu Burundi mu myaka 2 canke 3 ari bane bonyene.

Agahanura abagwayi boba babona baguma baremba ko bogirisha dialyse incuro 3, amasaha ane ane ku ncuro imwe imwe kuko ari ho baba bariko barivuza neza. Ariko kandi ngo izo zihamvya bake cane mu gihugu kuko mu masaha 4 dialyse yo mu Burundi isaba amadorari yababa 100.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top