Jimbere

ikirundi French English
Jimbere Mukenyezi

Imyaka 20 y’indinganizo 1325: Abakenyezi bakingiwe amabi y’ubwoko bwose, urugamba rwo gutsinda

Amashirahamwe Impunity Watch na Dushirehamwe, umugwi w’ivyese « Les enfoirés de Sanoladante », hamwe n’urubuga Yaga, vy’ifadikanije n’ubuserukizi bw’ingoma y’ubuholandi, bwaratunganije kw’ itariki 6 munyonyo, mu nyubakwa z’abafaransa IFB, ibirori bihimbaza imyaka 20 indinganizo 1325 imaze yemejwe na ONU. Icivugo : « Abarundikazi : Ku bw’amahoro, umutekano, n’iterambere. »

Neza na neza, ibirori vyuguruwe ku muhingamo, bitanguzwa n’ireresi yatunganijwe na Impunity Watch, ifadikanije na Dushirehamwe. Muri iyo reresi yiswe « participation de la femme en politique au Burundi » (uruhara rw’umukenyezi muri poritike), kabaye akaryo kw’isinzi ry’abantu bari bakubise harazima mu kigo ndangakaranga c’abafaransa (IFB), ko kwibonera ubutwari bw’abakenyezi b’imboneza, bashinga intahe y’ingene bashoboye gufata ingingo zo guseruka, kuva mu mbari, bakarondera ijambo, bagatinda bakarironka n’aho bitari vyoroshe. Abakenyezi bagera kuri 6, bahurikiye mw’ishirahamwe Dushirehamwe, nibo batanze ico gishingantahe muri iyo reresi.Abo nabo bakaba batowe mu mugwi w’abakenyezi n’abigeme 20, bari mu migambwe itandukanye, bafashwe mu mugongo na Impunity watch, mu kubaronsa inyigisho kuva muri 2019, zerekeye ukwitegurira amatora ya 2020.

Nukwo rero, abo bakenyezi barashoboye kuva mu kivunga c’abakenyezi benshi bafatwa ko ataco bashoboye mu bijanye n’uburongozi, guhindura inendo, no guserukira abandi mu ntwaro hejuru.

Muri iyo reresi, kabaye akaryo ko gushira ahabona abo bakenyezi baharanira amahoro n’umutekano mu kibano, mu gihe hari n’abandi bakenyezi, na cane cane mu gihugu hagati, bakora ibikor’inka, mugabo ntibije ahabona ngo bibere akarorero abandi bakenyezi, ndetse n’abashingantahe.

Abari bitabiriye ivyo birori barahakuye inyigisho zitari nke. Christelle, umwe mubarorerezi avuga ati : « Amareresi nk’ayo ni kirumara cane. Zituma abo bakenyezi b’intwari batibagiranwa, ivyo bakoze, ivyo bashikirije, bibere akarorero ku bandi, ku bariho, n’abazoza. »

Arongera ati:«Duhejeje kuba ivyabona vy’ubutwari ku bakenyezi. Ku bakiri bato, iyo reresi yatwuguruye amaso, iratwereka ko hari abakenyezi bafise inyota yo guhindura ibitagenda neza, bagaterera mu gufindura imibabaro y’abakenyezi igacika akanyamuneza. »

Akabirya mu birori : Icese kijanye n’uwo munsi

Barakunzwe cane, mu gisagara ca Bujumbura. Abo bagikinye, bahurikiye mu mugwi « Les Enfoirés de Sanoladante », bakinye bishimikije icivugo c’umusi « Abarundikazi : Ku bw’amahoro, umutekano, n’iterambere ».

Muri ico cese, abakinyi bashimikiye ku magogwa ahanze abakenyezi, gutyo akababuza guter’imbere, no kuronka uruvugiro. Muri uwo mubabaro nyene, barashoboye kwerekana ko, naho ingorane ari nyinshi, hariho inguvu nyinshi z’abakenyezi bashobora kurengera ibibazo, bakaja ahabona, bagaseruka rukamvye.

Mugisha Josué, uwatunganije ico gikino, ashikiriza ko ico cese cari gifise intumbero yo guha ikibanza gikwiriye zina kiremwa muntu wese, badafatiye ku gitsina. Arongera akavuga ko bifuje gushitra ahabona ihohotegwa ry’abakenyezi, ku buryo butandukanye.

Kazoza ni akahe ku barutse vuba ?

Mu kiyago casozereye ibirori vy’umusi, kabaye akaryo ko gushikiriza ibibazo vyahabaye muri iyo myaka 20 iheze indinganizo 1325 ishizweho, haravuzwe ibijanye n’ivyakozwe hamwe n’ibikwiye gukogwa kugirango ikibanza c’umukenyezi mw’iterambere no mu bibanza vyo gufata ingingo ntigihare.

Marie Goretti Ndacayisaba, umunyamabanga ntayegayezwa wa Dushirehamwe, yashikirije ko muriyo myaka 20 iheze, abakenyezi bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bakoze batiziganya mu guteza imbere agateka k’umukenyezi. Avuga ati :« twaricaye hamwe turaremera reta iratinda iraha abakenyezi ibice 30% vyo guserukigwa mu ntwaro, bikaba biri no mw’ibwirizwa nshingiro ry’uburundi». Arongera ati :« N’ubwo impinga ikiri ndende,intambwe tumaze gushikako irateye igomwe, turavye inzitizi nyinshi twari dufise»

Vestine Mbundagu, umukenyezi wa mbere yabaye buramatari w’intara (Cankuzo mu 1993), ahamagarira abakenyzi kutarera amaboko, bagakora bikwiye kuko, kubw’iwe, ntacizana, birarondegwa.

Ico gikogwa catunganijwe biciye mu mugambi wo kugwanya amabi ku bakenyezi mu Burundi, Guatemala na Liberiya. Uwo mugambi w’imyaka 5 ufashwe mu mugongo n’ubushikiranganji bw’ingoma y’ubuhorandi bw’imigenderanire n’amakungu. Uwo mugambi waratumye haba ihinduka rikomeye mu kibano, mu gukingira abakenyezi n’abakobwa ku mabi afatiye ku gitsina hamwe n’ayandi mabi yo guhohotera umukenyezi.

Uwo mugambi ushigwa mu ngiro n’amashirahamwe Oxfam IBIS na Impunity Watch, nayo akaba aharanira agateka k’abakenyezi n’abigeme. Mu Burundi, uwo mugambi ushirwa mu ngiro na Dushirehamwe mu kugwanya amabi ashikira abakenyezi inyuma y’amatati yadutse. Uwo mugambi uriko ushigwa mu ngiro mu ntara 4 : Bujumbura (Rural), Bururi, Cankuzo na Ruyigi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top