Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Mu Burundi ntivyoroshe kuronka akazi uri umukenyezi agendana ubumuga

Urunani rw’ibigo vy’abagendana ubumuga mu Burundi (RCPH) rwaratunganije kuva kuri uwu wa 20 na 21 Mukakaro 2021 uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku ntambamyi abakenyezi bagendana ubumuga bahura mu kazi. Urwo ruganda rukaba rwarimwo abakenyezi bagendana ubumuga bafise akazi, abagendana ubumuga baserukira imigwi y’abakozi hamwe n’ab’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Biroroshe cane ko umukenyezi agendana ubumuga yisanga mu bukene kuko hari ibikorwa bimwe bimwe usanga aba atagikora. Hari amahirwe yo kuronka akazi usanga amuca mu myanya y’intoki, ivyo bigatuma abandanya kuba mu bukene. Ivy’uko abantu bagendana ubumuga bakumirwa mu mabanga y’akazi kubera ko babibaza ko badashoboye bireze mu mice itandukanye y’ubuzima bw’akazi.

Ariko nubwo biri uko, itegeko ryo ku wa 10 Nzero 2018, rivuga ko umuntu wese agendana ubumuga afise uburenganzira bwo kugira uruhara mu bijanye n’ubuzima bw’imibano n’ubutunzi mu Burundi.

Aimée Blandine Bukuru, agendana ubumuga bw’ukuguru. Uyu rero yize igisata kijanye no kwigisha muri kaminuza ariko ntarigera aronka akazi. Ashinga intahe muri aya majambo : «  Narigeze kuja mu bushikiranganji bw’indero, inyuma yo kuntega yompi baciye bantekerera ibihumbi 20000Fbu mu gishingo c’akazi kandi hari ikibanza kibura umukozi. »

Ingingo ya 9 yo mw’itegeko rigenga guteza imbere no gukingira agateka k’abantu bagendana ubumuga mu Burundi rivuga ko : « Umuntu wese amaze gushikana imyaka 18 n’iyirenga, arafise uburenganzira bwo kuja mu vya poritike n’ukubikuramwo inyungu  kandi akaba afise uburenganzira bumwe nk’ubw’uwundi mwenegihugu wese. » Na ho iryo tegeko ririho, umukenyezi agendana ubumuga abandanya ahura n’intambamyi nyishi zo kuronka ikibanza kimubereye mu buzima bw’akazi.

Bite ho ku bakenyezi bagendana ubumuga ariko bafise akazi ?

Mu ruganda rwatunganijwe n’urunani rw’ibigo vy’abagendana ubumuga mu Burundi (RCPHB) rwo kuri uwu wa 20 n’uwa 21 Mukakaro, mu kigo Akamuri co kw’i Jabe, abakenyezi bagendana ubumuga baronse akazi mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu hamwe n’abaserukira amashirahamwe CONAPS, COSYBU hamwe n’umugwi w’abakozi ba SAVONOR barashoboye kwerekana intambamyi bahura mu kazi.

Bernadette Ndayisenga, agendana ubumuga bwo kutumva akaba ari umukontabure muri CAPAD avuga ko kenshi abagenzi biwe badatahura ko ashobora gukora neza akazi ajejwe co kimwe n’abagenziwe batagendana ubumuga. Agira ati : « Batangura kubona ko tudashoboye tukijana amadosiye yo gusabirako akazi aho kuraba ubumenyi dufise. Iyo tugize amahirwe tukakaronka, ivyo dukora ntibishimwa. »

Mwomenya kandi ko, no mu gihe uwugendana ubumuga bwo ku mubiri butamworohereza gukora bivuye ku nyubako canke ku bikoresho, abayobozi bahamagariwe kuborohereza. Nk’akarorero, hagashirwaho bwa buhinga bwo kuduga ingazi biciye muri asanseri (Ascenseurs), ibikoresha vyogusoma no kwandika vyagenewe abagendana ubumuga bwo kutabona no kutumva. 

Bimwe mu vyokorwa…

Kugira ubumuga bituma amahirwe yo kuronka akazi agabanuka ubona ko n’ibitigiri vy’abatagira akazi biguma vyiyongera. Vyongeye umukenyezi agendana ubumuga yabwirizwa kuronka uburusho mu kazi akora. Akaronka agahimbazamusyi kuko akoresha ukwitanga n’inguvu nyinshi gusumba abakomeye. Ivyo bishimangirwa na Gilbert Bizimungu umuhuzabikorwa mu mugambi RCPHB, aho yaciye aboneraho n’akaryo ko kuvuga ko ubumuga atari ububonekera ku mubiri gusa, ahubwo nyabuna ko hari n’ubumuga bwo kutabona, kutumva hamwe n’ubumuga bwo mu mutwe. 

Umushingamateka Pamphile Malayika yari yitavye urwo ruganda, yemenyesheje ko hazoba icigwa mu nama nshingamateka ku myihwezo n’ivyasabiwe muri urwo ruganda kugira bahinyanyure ibiri mw’itegeko rigenga agateka k’abantu bagendana ubumuga.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top