Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

“Mu mibonano mpuzabitsina umukobwa ntumwemeza kubera Viagra…”

Urwaruka rutari ruke rwibaza ko mu mibonano mpuzabitsina, abakobwa babemera kubera amasaha menshi bakoze. Ivyo na vyo kugira bikunde bibwira ko gufata inkabuzo z’umubiri nka Viagra n’ibindi bibashoboza kugira ubushake bukabije no kumara umwanya munini mu gikorwa. Ariko uko ni ukwihenda kuko gufata inkabuzo ku rwaruka rusanzwe runagishushe, ari ukwica amagara yabo, nk’uko bishikirizwa n’abahinga

Hari inkuru yakwirakwiye ku wa 12 Myandagaro 2024 ku mbuga hwaniriro ivuga ko umusore w’imyaka 23 aba mu ntara ya Makamba yashengeye, aho vyikekwako yoba yari yafashe utunini (Viagra) dukabura umubiri kugira abashe kwemeza umwigeme w’imyaka 17 yari yamugendeye ngo bahuze ibitsina.

Imiti y’inkabuzo rero nk’uko bivurwa na Muganga Igiraneza Divine arongoye ikigo citaho ingo n’imiryango (ABUBEF) co mu Buyenzi, ngo ni ico cose umuntu ashora gufata bigatuma yongereza inguvu z’umubiri, ubunini bw’ibihimba vy’umubiri bitandukanye.  Hari inkabuzo kama hamwe n’izihinguwe. Ariko n’ubwo biri uko, uyo muganga amenyesha ko iyo miti ifatwa n’umugwayi kandi aba yayandikiwe na muganga kuko iyo ifashwe n’uwutagwaye ishobora kumutera ingorane

Igiraneza ati: “Imiti y’inkabuzo ifise ingaruka mbi nyishi harimwo kwica mu mutwe n’umubiri: nko kuduza umutima ku rugero runini, itiro ridahera, iseseme, gutakaza inguvu ndetse no gupfa.”

Umuhinga mu bijanye n’irondoka Béni Ndayishimiye, ati: “Imiti y’inkabuzo yandikirwa abantu baba bafise ikibazo c’inkabuzo zabo zidashobora gutuma igitsina cabo kihaguruka bigasaba ko bafata imiti yo kuzivyura, naho nyene iyo miti bayandikirwa na muganga. Si umuntu apfa kugenda kugura uwo muti uko yishakiye”.

Bimwe mu bituma abahuza ibitsina bikora ku nkabuzo…

Muganga Igiraneza amenyesha ko ibituma urwaruka rufata iyo miti ari ukugira inyigisho nke ku bijanye n’ubuzima ndoragitsina, gushaka kwemeza ikibano canecane iyo bamusuzugura ngo nta nguvu agira, inyigisho mbi ziva mu gakuku, gushaka kwemeza uwo bahava bakorana imibonano mpuzabitsina, ukutiyemera ukwo aremwe, gushaka gusubiramwo ivyo babona ku mbuga ngurukanabumenyi.

Uyo muganga amenyesha kandi ko ikindi coba gituma urwaruka rufata iyo miti ari uko inzu z’idandarizo nyishi ziri mu budandaji bigatuma mu gutanga iyo miti batarinda gusaba urapapuro rwanditswe n’umuganga.

Umuhinga mu bijanye n’igitsina Béni Ndayishimiye ati: “Urwaruka rusanzwe rufise inguvu zikwiye. Iyo bafashe iyo miti baba bongereje izindi nguvu zirenze bigatuma umutima uca ukora ku rugero runini rimwe na rimwe bikavamwo no gupfa. »

Dr. Divine Igiraneza, umuganga arongoye ibitaro vy’ikigo Abubef mu Buyenzi

Ikindi uyu muhinga avuga, ngo bamwe mu rwaruka bafata inkabuzo bahendwa nuko basanzwe bafise ikibazo co kurangiza vuba bivuye ku kuba batarashobora gutunganya neza imibonana mpuzabitsina. Kandi ico ngo si ingorane kuko umubiri wabo utaba urashobora kubimenyera.

 Hokorwa iki ngo ugero rw’abafata inkabuzo rugabanuke?

Nk’uko bishikirizwa na muganga Divine Igiraneza urwaruka rukwiye kwitura amavuriro magenzi y’urwaruka kugira bashobore kubaza akantu kose kababakiye, kugwanya inyigisho zitarizo, bakagira abagenzi abavyeyi babo kuva bakiri bato bakabwizanya ukuri, bakayaga ku buzima ndoragitsina ata guhishanya. Ivyo bikaba vyotuma urwaruka rukura rufise umuco gusumba ivyo rurahura hirya no hino.

Agira ati: “Nk’uko Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bwatanguje ingendo nziza yo kugendura inzu zidandaza imiti, hamwe hobaho umugirwa w’uko abo badandanza imiti boyitanga babanje kubona urupapuro rwanditswe na muganga vyogabanya igurwa ry’iyo miti ku rwaruka.”

 Nk’uko uyo muganga abandanya abivuga ngo abantu barakwiye kugira ingendo nziza yo kuja kwa muganga imbere yo kugura imiti kuko iyo uguze umuti hanyuma ukagira ikibazo biroroshe gusubira aho wivuje, ariko iyo uguze umuti utazi n’uko uwo uwuguriye abifitiye ubumenyi biragoye cane gutabaza.

Ndayishimiye Béni ahamagarira urwaruka kwirinda no guhunga ico cose cotuma baja mu buhumbu bigatuma bakoresha iyo miti batabirekuriwe kuko ngo iyo miti ishobora guhitana abo bariko barakora imibonano mpuzabitsina kandi bomenya ko muri iyo mibonano atavyo kwemezanya bibamwo ahubwo iyo ari inyosha mbi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top