Abarimyi b’ikawa barituye mu 2019 inama nshingamateka basaba ko igiciro c’ikawa coduga kugira umurimyi abandanye ashiruka umwete wo kuyirima. Baravye utwigoro umurimyi akoresha, abashingamateka bakaba bashikirije ko n’imiburiburi ikiro c’ikawa y’ibiturumbwe cogurwa 1500Fbu, aho ni mu gihe uno munsi iri kuri 800 Fbu. Abarimyi bo bashikiriza ko ari nka hamwe yogurwa nka 2000Fbu ku kiro c’ibiturumbwe ariho vyoba vyiza gusumba ngo n’urwaruka rwoheza rukayihurumbira…
Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi, Déo Guide Rurema, avuga ko ikawa ikiri mu minwe y’abikorera ivyabo abarimyi badashobora kuronka agahembo kabo ku gihe. Ariko ko ubu ico kibazo caheze kubera Reta ariyo ibihembera kandi ku gihe. Igiciro ca nyuma aheruka gutanganza ku kiro c’ikawa nziza y’ibiturumbwe kikaba ari 800Fbu, mu gihe iy’ibisorwa ari 400Fbu.
Jean Pierre Ntabomenyereye, umuyobozi w’urunani mpuzamashirahamwe CNAC Murima w’isangi avuga ko kuba bahembwa ku gihe babishima, ariko, ko hari n’ibindi bahomba. Amenyesha ko ubu, ku matonorero amwe amwe, umurimyi yibwa ibiro biri hagati ya 4 na 5 uko apimye. Muri ukwo kwibwa, uwurongoye itonorero ngo ategekwa gutanga ico bita “rendement ya 4”.
Ni ukuvuga ko uwo ajejwe itonorero ategerezwa kuraba ko ikiro kimwe c’ikawa yumye kiva mu biro 4 vy’ibiturumbwe, kandi basanzwe bazi ko ibiro 5 vy’ibiturumbwe arivyo bivamwo ikiro 1 c’iyumye. Rero kugira akwize iyo “rendement” asabwa, ategerezwa kwiba umurimyi ibiro vy’ikawa. Agatanga akarorero kuri komine Gashoho, aho musitanteri waho yahevye akagirisha inama avuga ko ubwo busuma ku matonorero bwohagarara.
Kuva ikawa ivuye mu minwe y’abikorera utwabo, umwimbu waragabanutse
Jean Pierre Ntabomenyereye, amenyesha ko umwimbu mwinshi w’ikawa ishoka hanze uheruka kuboneka mu mwaka wa 2018-2019 hakirimwo amashirahamwe y’abikorera utwabo, aho habonetse amatoni arenga 24000. Kuva ubwo uwo mwimbu ukaba utarongera kuboneka. Bisigura ko iyo abarimyi bikawa bagiye hamwe n’abandi bakorera muri ico gisata, bagira ico baterera.
Hafatiwe ku mwimbu usigaye uboneka, mu kiganiro n’abamenyesha makuru Déo Guide Rurema yagirishije ku wa 19 Ndamukiza 2021, yamenyesheje ko umwimbu w’ikawa ishoka hanze wabonetse mw’isizeni ya 2020-2021 wangana n’amatoni 15.054. Na yo mu kiganiro co ku wa 22 Ntwarante 2022, akaba yavuze ko mw’isizeni ya 2021-2022 ikawa ishoka hanze yabonetse yari amatoni 6490, 662. Aca agirako amenyesha ko mw’isizeni ya 2022-2023 hitezwe ikawa ishoka hanze ingana n’amatoni 17 898. Uwo mwimbu muke uboneka akaba yavuze ko uvana n’ihindagurika ry’ikirere.
Nawe Jean Pierre Ntabomenyereye akavuga ko igituma umwimbu ugabanuka ari uko atabikoresho bikenewe abarimyi b’ikawa baronka. Agira ati: « Haraheze hafi imyaka 2 imiti ijanye no gupompa, imyavu yo gufumbira n’ibindi bikoresho bikoreshwa mw’ikawa bitaboneka ku rugero rukwiriye. Ivyo bigatuma ikawa zidashobora kuronka ivyo zari zikeneye kugira zitange umwimbu ushemeye. Ikindi kandi abantu baguma bagwira. Abakenera kwubaka udusagara baca bazirandura. »
Anavuga kandi ko rusasuma yakozwe na ISTEEBU ari na yo Reta ifatirako mu gutanga imiti yo gupompa ikawa yerekanye ibitigiri vy’abarimyi bikawa bike. Ivyo bigatuma n’imiti itangwa mu barimyi iba mike cane, kuko, ubu nk’umutumba wahora uronka amaritiro 20 mu gihe CNAC yari yasasumye ingo z’abarimyi b’ikawa 600 000, ubu uronka amaritiro ari hagati ya 4 na 5. Gutyo ababura imiti bapompa bakaba benshi, n’umwimbu ugaca ugabanuka.
Ibiciro vy’ikawa bidugijwe n’abohurumbira kugwiza umwimbu bokwiyongera
Mu ntumbero yo kwongereza umwimbu w’ikawa Déo Guide Rurema avuga ko bariko baragwiza ibipimo vy’ikawa. Agira ati: « Amatongo ya Reta amaze guterwamwo imivyaro y’ikawa biciye mu kigo ca Reta ODECA angana n’amahegitari 91. Na yo urwego rwa Gisirikare FDN rukaba rumaze gutera ibipimo bipima hegitari 53. Amakoperative, n’amashirahamwe na yo akaba adasigara inyuma. »
Jean Pierre Ntabomenyereye amenyesha ko muri CNAC Murima w’isangi, bo, bari batanguye kwigisha urwaruka ibijanye no kwijukira igiterwa c’ikawa. Aho ni inyuma yo kubona ko ikawa irimwa n’abatama gusa. Kugira rero urwaruka rujemwo n’uko ikawa yogurwa neza. Agira ati: « Mu 2019 twari twituye abashingamateka tubasaba kuvugira abarimyi ko ikawa yoduzwa igiciro. Bano n’abo baca basaba Reta ko ikawa yogurwa n’imiburiburi 1500 Fbu ku kiro c’ibiturumbwe. Ariko twebwe nk’abarimyi turavye ivyo dukoresha twosaba ko yoshika ku 2000Fbu ku kiro c’ibiturumbwe. »
Afatiye ku bindi bihugu, anamenyesha ko amahera baronka mu Burundi ari intica ntikize:«Nko mu Rwanda ikiro c’ikawa yumye ni 9000Fbu. Muri Tanzaniya ni amashiringi 7500. Ariko mu Burundi ikiro c’ikawa yumye n’inka 4000Fbu kuko ikiro c’ikawa nziza y’ibiturumbwe kigurwa 800Fbu, ikiro c’iyumye na co kikaba kiva mu biro 5 vy’ibiturumbwe. Ikawa y’i Burundi igurwa make, kandi mu karere eka no kw’isoko mpuzamakungu ariyo iza mu kibanza ca mbere mu kanovera. »
Mbere Ntabomenyereye akavuga ko kuba ikawa y’i Burundi igurwa amafaranga make, bituma hari abagerageza kuzishora bazicishije mu nzira z’ikinywabi. Ivyo bikibonekeza kw’ikawa iri hagati y’amatoni 26 na 27 yafatiwe muri komine Gatara mu ntara ya Kayanza ku wa 25 Rusama 2022.




