Vyoba bimaze kugushikira ukihebura canke ukagira umutima uhagaze kubera ubutinyanka bwatevye kuza canke wabubuze? Nimba bimaze kugushikira, nturi umwe. Ivyo bishikira abantu b’igitsina gore benshi, kandi biva ku bintu vyinshi. Isomere.
Mu bisanzwe abantu b’igitsina gore canke muri rusangi abagore (abubatse n’abatubatse) barafise ibiringo vyabo bama bazi ko baboneramwo ubutinyanka. Augustin Harushimana (https://www.facebook.com/augustin.harushimana) yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza avuga ko ibiringo vy’umugore ari uruhererekane rw’ibikorwa bikorekera mu mubiri w’umugore bikabuwe n’imisemburo(hormones) kuva mu myaka y’ubuyabaga gushika mu myaka yo guca imvyaro. Ivyo bihe vy’abagore babonamwo ubutinyanka, bishobora kuza birahagarikwa no gusama inda canke no kwonsa.
Augustin Harushimana, avuga ko ivyo biringo vy’abagore bitangurana n’umunsi wa mbere w’ubutinyanka. Ni ukuvuga umunsi wa mbere umukobwa canke umugore aboneyeko amaraso bikarangirana n’umunsi wa nyuma buca haza ubundi butinyanka. Harushimana ati: « Hari abakobwa canke abagore igihe cabo kigizwe n’iminsi 28. Ariko muri runsangi, kubera abakenyezi badasa kandi badakozwe kumwe, ivyo bihe vyabo bishobora kumara hagati y’iminsi 21 n’iminsi 35, bikarangwa n’ubutinyanaka bumara hagati y’iminsi 3 n’iminsi 7. »
Hari ibintu bimwebimwe bituma ubutinyanka buteba canke busiba
Uyo muganga yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza, akaba arongoye ishirahamwe MAA VYARA UHEKE (https://www.facebook.com/MAABURUNDI ) avuga ko nimba bishitse umukobwa canke umugore ntabone ubutinyanka mu kiringo kiri hagati y’iminsi 21 na 35, bishobora kuba vyatewe n’impamvu nyinshi, kandi bavuga ko umugore yabuze ubutinyanka mu gihe haheze iminsi irenga 90 atabubona. Muri izo mpamvu rero, uyo muganga avuga ko harimwo ugufata imiti itandukanya imvyaro. Akamenyesha ko iyo umugore canke umukobwa agiye ku buryo bwo gutandukanya imvyaro hari igihe bituma ubutinyanka buteba kuza, kuko iyo miti ihindura imisemburo ijanye n’irondoka gutyo ibiringo vy’umugore bigatangura guteba kandi ko atari bibi.
Ivyiyumviro bicanze n’ubwoba bukabije na vyo biratevya ubutinyanka. Augustin Harushimana ati: « Iyo nk’umukobwa yakoze imibonano mpuzabitsina idakingiye, akikeka ko yoba yasamye hataragera, arashobora kugira ivyiyumviro vy’urudaca yibaza ingene azobikika, canke ingene ikibano kizomubona. Muri ukwo guhangayika birashobora gutuma ubutinyanka buteba canke ntibuze. » Ubutinyanka burashobora guteba kandi biturutse ku ngwara zifatira mu bihimba vy’irondoka kuko usanga zica zihindagura imisemburo ijanye n’ivyirondoka. Eka n’uguhindura akarere umuntu yahora abamwo na vyo nyene biratuma ubutinyanka buteba kuza ku batari bake.
Augustin Harushimana abandanya avuga ko no kugira ikarashishi ikabije kuburyo umugore canke umukobwa yamana uburuhe ngo biri mu bituma imisemburo ijanye n’irondoka idakorwa neza mbere bikaba vyotuma ubutinyanka buteba. Ku vyibuha birengeje hamwe n’uburyo bafungura na vyo nyene ngo biri mu bitera uguteba canke ukubura ubutinyanaka mu kiringo umugore canke umukobwa yari yiteze. Ariko kandi uyo muganga anamenyesha kandi ko ubutinyanka bunahagarara mu gihe umugore yaciye imvyaro. Ko ashobora guca ntabimenye akaguma yiteze ubutinyanka kandi butakigaruka.
Augustin harushimana yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza, amenyesha rero ko, iyo bishitse umugore canke umukobwa akagira akamubakiye ku bijanye n’ibihe vyabo, yaba yiketse canke afise ubwoba bw’uko yoba yasamye inda, ko yoca anyarukira kw’ivuriro akitura umuganga kugira amukure amakenga.




