Ibigunguru 20 vyo gutamwo imicafu (poubelles publiques) bifise agaciro ka 12.000.000 Fbu ni vyo kuri uwu wa 12 Munyonyo vyabaye birashirwa mu bibanza 20 bihuriramwo abantu benshi muri komine Mukaza. Ivyo bikaba vyabaye kugira umuntu wese ariko ararengana afise utuntu tw’uducafu twavuye ku kintu ariko arakoresha, aronke aho aduta mu ntumbero yo gukingira ibidukikije hamwe n’amabarabara yama acafuye gutyo igisagara kigume gisukuye.
Rénovat Sindayihebura, musitanteri wa komine Mukaza avuga ko isuku ariryo ryahawe ikibanza ca mbere mw’ikomine aramutswa. Kubw’ivyo buri munsi wa kane, bahora basibura imiferege bongera bakura amasashe n’ibicupa vyandagara mu mabarabara. Ariko icihwejwe muri ivyo bikorwa, ngo n’uko basanze naho babikuraho, abantu baca bongera bakabihata. Niho umugambi wo gushiraho ibigunguru vyo gutamwo imicafu cavyuka kugira umuntu ariko ararengana afise udusashe, uducupa two mu bwoko bwa “plastique”, udukarata tw’ama” unites” ya terefone canke utundi tuntu tw’uducafu twavuye ku kintu ariko arakoresha, aronke aho uduta hafi yiwe, mu ntumbero yo gushikira ihangiro ry’ukugira igisagara gisukuye kandi giteye igomwe.
Sindayihebura amenyesha ko ama “poubelles publiques” 20 babaye baratanguza, afise agaciro k’amafaranga y’amarundi angana n’imiriyoni 12. Ayo mafaranga akaba yavuye mu ntererano z’abenegihugu b’abadandaza bitanze kugira baterere ico gikorwa kandi ko, izindi zigikorwa kuko bipfuza ko amabarabara makurumakuru yose ari muri komine Mukaza mu kiringo kitarenze amezi 3 yoba yamaze gushirwako izo ngunguru zo gutamwo imicafu.
Uyo musitanteri asaba abanyagihugu gukoresha ivyo bibanza ico vyagenewe. Agira ati : « Si ama « poubelles » aje kugira ngo hajemwo imicafu yo mu mpangu. Abo mu mpangu babwirizwa kuba bafise ikintu cabo begeranirizamwo imicafu. Kandi twaravuganye no mw’ishirahamwe ritwara abantu Atrabu, amabisi yunguruza abantu ahagarara muri iyo komine abwirizwa kuba bafise aga « poubelle » gato mu miduga yabo, ingenzi zija ziratamwo utuntu, zikareka kuza zirabicisha mu madirisha, hama bashitse aho bururukira bakaza kubisuka mu kigunguru casizwe ku gituro. »
Ingene abanyagihugu bakiriye uwo mugambi n’ivyo basaba
Ku gituro c’amabisi kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura, hama abantu atari bake. N’igikorwa co gushira ibigunguru vyo gutamwo imicafu mu bibanza bihuriramwo abantu benshi ni ho catangurijwe. Miburo, umugabo yari yibereye aho nk’abandi bose arakenguruka ico gikorwa cerekana akigoro ko gushaka ko igisagara kigira isuku. Ariko afise amakenga ko bizohava bidakurikiranwa gutyo ico bari bibaza ko baje gukiza kiburizwemwo. Avuga ko komine yohimiriza abantu, kuva ku muto gushika ku mukuru, bose bakamenya ko isuku iraba umuntu wese. Kandi ko uwo mugambi wokwira mu makomine yose agize igisagara ca Bujumbura kandi hagashirwaho n’itegeko rihana abo bose boramuka batubahirije ishirwa mu ngiro ryawo.
Musitanteri wa Mukaza yamenyesheje ko, ubu kubera ari muntango y’irangurwa ry’umugambi, abantu bazofatwa bataye imicafu mw’ibarabara, bazohanurwa, ariko uko iminsi izogenda irahera abatazoshaka kubitahura bazohanwa. Anamenyesha kandi ko komine ariyo yiyemeje kuzobikurikirana mu kuza iraca ahari « poubelle pubique » hose, nka rimwe mu minsi ibiri iraba imicafu irimwo hama iyikuremwo ija kuyisuka ahayigenewe.
Mwomenya rero ko ivyo bigunguru vyo gutamwo imicafu bitegekanijwe gushirwa mu bibanza bikurikira: ku bituro vyo hagati mu gisagara vy’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, kuri Cathédrale Regina Mundi, place de l’indépendance, place de la révolution, kuri Orée du Golf, imbere y’ishirahamwe Brasserie, kuri Musée Vivant, kw’ihuriro ry’ibarabara rya Rumonge na avenue du Japon, kuri zone Buyenzi, imbere ya Mairie Bujumbura, aho ibarabara ry’amabisi ya Bwiza ahurira na avenue de l’Université, imbere y’ikigo ca kaminuza co ku Mutanga, kuri Nonciature hamwe no kw’ibarabara rihanyuka kuri Mwezigisabo riduga i Kiriri




