Jimbere

ikirundi French English
Ubuhinga

Hope Design: inyishu ku banyamwuga b’amasanamu

Ni imashini yo mu bwoko bwa HP Indigo, isohora ibitabo vyo gushiramwo amafoto «album», hamwe n’amafoto, vyiza kandi mu mwanya muto, yazanywe n’ihinguriro ry’ibitabo, Imprimerie Hope Design.

Neza na neza, iyo machine hamwe n’ibikorwa vyayo vyashizwe ahabona kuruyu wa 10 ntwarante, ku cicaro gikuru ca Hope Design, aho hari hatumiwe abahinga bo gufata amasanamu.

Iyo mashini ya HP Indigo rero, nkukwo bishikirizwa na Evariste Manirakiza, ajejwe ubudandaji mw’ihinguriro Hope Design, hambavu yo gusohora ibitabo bijamwo amafoto, vyiza, bikomeye kandi vyinshi, ngo iranasohora amafoto agera kuri 6000, ku mpapuro zitandukanye mu kiringo c’isaha imwe gusa, kandi ikaba itaruha canke ngo yizimye, kuko isanganywe icuma kigabanya ubushuhe.

Melance Buregeya, arongoye Hope design avuga ko ico ciyumviro co kuzana iyo mashine cavuye kugaciro aha ifoto,kuko iyo ibitswe neza iheza igafasha mukwibutsa ivya kahise. Arongerako, ati nubwo iyo mashini bitoroshe ko iboneka, ngo izofasha abahora baja mu mahanga gukoresha ama « album photo » n’ibindi.

???? Imachine « HP INDIGO » ya Imprimerie Hope Design ngo ije gukemura ibibazo vy’abatunganya amasanamu mu bijanye na « album…

Publiée par JimbereMagazine sur Mercredi 10 mars 2021

Akarusho ku banyamwuga

Pépino Muderenganya, arongoye UBUNTU Photography, mu kibanza c’abakora umwuga wo gufata amasanamu, mbere bakaba bari banatumiwe ku bwinshi, arakenguruka ivyashitsweko na Hope Design, kuko bitahora biborohera gukoresha ama albums photos batabanje kuja mu mahanga. Aho na ho ngo bayakoresha ku buryo bwinshi. Kubwiwe ngo iyo mashinI izotuma abatunganya ivy’ama foto bakorera hamwe kandi bikazotuma bashika no mu karere ko muri Africa y’ubuseruko ndetse n’ahandi hatandukanye, bagashobora gutsindira amasoko.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top