Abanyeshure 13.500 bo mu ntara ya Gitega ni bo bagiye kuzohora baronswa imfunguro y’amata ingana na miriritiro 250, kabiri kabiri ku ndwi, mu kiringo c’amezi 9, nayo abakenyezi birimizi bibungenze, abonsa ndetse n’abigeme b’imiyabaga bashika 5.000 baronswe ubuhinga bw’ukwegeranya, gushingura n’ukwengengana amata ajanwa aho ahingurirwa.
Vyashikirijwe kuri uwu wa 29 Munyonyo, mu ntara ya Gitega, aho icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Joseph Butore yugurura icese umugambi w’igihugu c’Ubufaransa bufadikanije n’ishirahamwe PAM, wo guteza imbere amata ahingurirwa mu Burundi biciye mu kuyafungurira abana bari ku mashure.
Itanguzwa ku mugaragaro ry’uwo mugambi ryari ryakoranije abagiye gufasha muri uwo mugambi nka Stephane Gruenberg, umuserukizi w’igihugu c’Ubufaransa mu Burundi, Erika Joergensen, umuyobozi wa PAM mu karere ka Afirika y’ubuseruko hatibagiwe na bamwe mu bari mu nzego z’igihugu c’uBurundi nk’umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha, n’abandi.
???? Dans le sillage du Programme « Cantine Scolaire Endogène » lancé en 2017 (https://t.co/GmJosVBQwn), le @BurundiGov soutenu par le @WFP, lance le « Projet de renforcement de la chaîne de valeur du lait local » avec la distribution du lait Natura dans les Ecofo #Burundi #Education pic.twitter.com/6pdqQhEerF
— Jimbere (@JimbereMag) November 29, 2019
Mw’ijambo umuyobozi Erika Joergensen yashikirije, yashimiye Ubufaransa mu ntumbero bwihaye yo kwifatanya n’ishirahamwe PAM mu mugambi wo gufungurira abana ku mashure ugana kugabanya ibitigiri vy’abana baheba amashure bitewe n’inzara ishobora kuba iri mu miryango itishoboye.
Stephane Gruenberg, umuserukizi w’ubufaransa mu Burundi nawe yagize ati :« Mu gushigikira iryo shirahamwe PAM muri uwo mugambi nyene ugana kazoza k’ibibondo, ubuserukizi bw’igihugu c’Ubufaransa bwiyemeje gutanga amafaranga 500 000 vy’amanyaburaya azofasha abantu 18500 bagizwe n’abanyeshure 13500, abakenyezi bibungenze, abonsa n’abigeme b’imiyabaga 5000 ».
‘’Uburundi bushira muri uwo mugambi imiriyaridi 4,6’’ z’amarundi
Umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha nawe yashimiye ishirahamwe PAM co kimwe n’Ubufaransa ariko kandi akagabisha agirako asaba ko atawohirahira ngo agurishe ayo mata kuko yobihanirwa cane, mbere anamenyesha ko ayo mata azohora anywererwa ku mashure.
Nayo icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Joseph Butore yamenyesheje ko Reta y’uBurundi itazohengeshanya gushigikira umugambi wo gufungurira abana ku mashure kuko bituma biga banonokewe, bafise amagara meza, ndetse n’umwimbu mw’ishure ukiyongera. Yarongerako kandi ko ku mwaka ku mwaka uBurundi bushira muri uwo mugambi imiriyaridi 4,6 z’amafaranga y’amarundi. Agahamagarira rero abarimyi n’aborozi gukora cane kugira ngo ayo mashirahamwe azohore abashorera.




