Amashirahamwe y’abigenga akorera mu Burundi mu bisata vyo guhingura ingaburo agiye kuja hamwe mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata. Vyashikirijwe na Ginette Karirekinyana icegera c’uwurongoye ikigo CFCIB aho hashigwa ho urunani ruhurikiye mwo abagwizatunga SBN (Sun Business Network Burundi) biciye mu mugwi SUN (Scaling-Up Nutrition). Akamenyesha ko ibice 53% vy’abantu mu Burundi bafungura nabi.
Kuri uyu wa 26 Munyonyo 2019, mu nyubakwa y’ihoteri Royal Palace, ikigo mpuzabikorwa c’ubudandaji n’amahinguriro co mu Burundi Cfcib, gifadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu PAM catunganije ibikorwa vyo gutanguza ibikorwa vy’urunani rw’abigenga mu bijanye n’ingaburo mu Burundi SBN, ubona ko gufungura nabi ari kimwe mu bihitana abana bakiri bato. Kugira Uburundi burwanye iyo ngorane, bwahise mwo guhamvya ibindi bihugu bihurikiye mu mugwi mpuzamakungu wihaye ihangiro ryo kurwanya ibijanye n’ugufungura nabi SUN.
Urwo ruganda rukaba rwari rwakoranije abatumire batandukanye nka Virginia Villar Arribas, umuyobozi akongera agaserukira ishirahamwe PAM mu Burundi, Ginette Karirekinyana, icegera c’uwutwara ikigo CFCIB, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi eka n’abagwiza tunga batandukanye bafise amahinguriro y’amafi, abakora umusururu, n’abandi.
Kubera iki amashirahamwe y’abigenga?
Nkuko bishikirizwa na Touaoro Zaoro ajejwe ivyo gutsimbataza ingaburo mu bisata vyigenga mw’ishiramwe mpuzamakungu ritanga ibifungurwa Pam, ngo haraheze imyaka irenga 10 iciyumviro co kurwanya gufungura nabi gitanguwe biciye mu nani zikorera muri ico gisata. Arongera akagira ati: «Vyaragaragaye ko nubwo intererano y’ayandi mashirahamwe ari nkenerwa, igisata c’abigenga gishobora kugira uruhara ntangere mu guteza imbere ingaburo».
Uwo muhinga akabandanya avuga ko iyo amashirahamwe yigenga akoze neza ico gikorwa kizana inyungu ku banyagihugu mbere no kuri bo kuko abana bafunguye neza bazokora neza muri kazoza, umwimbu ukiyongera mu gihugu.
Hari gishasha urwo runani ruzanye?
Urwo runani si rwo rwa mbere rukorera mu Burundi mu gisata c’ivy’imfunguro. Ginette karirekinyana, icariho c’uwurongoye ikigo c’ubudandaji n’amahinguriro akorera muri ico gisata agira ati: «Nubwo hari hasanzwe inani zitari nke zegukira reta, abikorera utwabo na bo bipfuje gutanga intererano yabo. Kumbure umwe wese yoba yahora abikora uko ashaka, yisunze inyungu ziwe,ariko bagiye hamwe bazokora ibintu vyubahiriza ingingo reta yashinze eka mbere hafatiwe no ku vyo umubiri ukenera( ingaburo yikwije)».
Ntawokekeranya ko urwo runani rwaje ari nkenerwa. Jacqueline Segahungu na Anicet Ngiriyabagabo bari bitavye muri urwo ruganda bamera nk’abahuriza hamwe bati: « Ubugirigiri bugira babiri », kuja muri uru runani bizotuma umwe umwe amenyana n’abandi amenye n’ivyo bakora eka mbere dukarishanye mu vy’ubumenyi bujanye n’uguhingura ibifungurwa. Nakare ngo Nyamwigendako ntarimira impeshi.
N’ubwo ishaka atari ikinyegezwa intambwe iracari ndende. Shadly Habimana, umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe rihingura amata Natura, amenyesha ko ivyigwa vyakozwe vyerekanye ko mu Burundi, amacupa 6 y’amata ari yo umuntu umwe yihereza ku mwaka mu gihe mu gihugu c’uRwanda umwe afata amacupa 24 ku mwaka, na yo muri Kenya, umwe akihereza amacupa 105.
Mariane Barutwanayo, umupfasoni w’imyaka 62 yatowe ngo aserukire urunani SBN akaba yahamagariye abasanzwe bahingura ibifungurwa kuzomushigikiza ibikorwa vyabo vyiza maze batsimbataze ingaburo yikwije mu gihugu c’Uburundi.




