
Elvanie Ntahizaniye (uyo yambaye impuzu y’icatsi kibisi kw’ifoto), imyaka 33, aba ku musozi Mugege, komine Butaganzwa, mu ntara ya Ruyigi. Ubuzima bumaze kumunanira mu gisagara ca Bujumbura, aho yari yaje kwiga kaminuza, yahavuye asubira ku gatumba mu 2013. I muhira yaramaze ikiringo c’umwaka ashomereye ariko aheza arivyukiranya atangura gukora ivyiwe, afadikanije n’abandi bari bafise ikibazo nk’iciwe c’ubushomeri. Tumutege yompi …
Aratwiganira intango ziwe: « Nari nariyumviriye cane ubworozi bw’ibizinu ariko ndabura aho nokura ubumenyi bujanye navyo. Maze kwubaka, narabaye ‘mama muco’. Ivyo na vyo amahirwe Elvanie Ntahizaniye (uyo yambaye impuzu y’icatsi kibisi kw’ifoto), imyaka 33, aba ku musozi Mugege, komine Butaganzwa, mu ntara ya Ruyigi.
Ubuzima bumaze kumunanira mu gisagara ca Bujumbura, aho yari yaje kwiga kaminuza, yahavuye asubira ku gatumba mu 2013. I muhira yaramaze ikiringo c’umwaka ashomereye ariko aheza arivyukiranya atangura gukora ivyiwe, afadikanije n’abandi bari bafise ikibazo nk’iciwe c’ubushomeri. Tumutege yompi … vyampaye, ni uko nahavuye ndabironkeramwo inyigisho zijanye no kworora ibizinu nari naripfuje cane nkabura. »
Elvanie ntiyiguganye ubumenyi. Imbere yo kubishira mu ngiro, yarariye akara urundi rwaruka 20, baja hamwe, baraterateranya agafaranga, gutyo ku mutahe utarenga 30.000 Fbu yonyene barashobora gutangura. Nk’uko Elvanie avyigana, ibizinu ngo ni imari mukwinjiza akanoti: « Vyerera ku minsi 3 gusa, tugasoroma ibiro biri hagati ya 5 na 10. Aho rero dushobora gusoroma incuro 2 buri indwi. Nayo umugina umwe urashobora kumara amezi agera kuri 3. Mu gihe ikiro kimwe kigurishwa amafaranga y’amarundi 3.000 yonyene abantu barabihurumbira cane, kuko uretse yuko bifise akamaro kanini ku mubiri, bamwe baranabisubiriza inyama zisanzwe zizimvye. »

Imigambi ni myinshi n’ubwo intambamyi zitabuze
Muri kazoza, Elvanie ati imigambi y’ishirahamwe ryiwe ni myinshi cane. Ubwa mbere bwose ngo bazobanza bakomeze uburimyi bw’ibizinu kugeza aho bazifatira n’imiburiburi ikomine yose. « Ubu umwimbu dufise ntukwiye, ni benshi baza kurondera ibizinu vyacu bagasanga vyaheze. » Ku rundi ruhande, ngo baripfuza kuja mu vyo guhingura ibizinu barima ku buryo babikuramwo ibindi bintu bitandukanye.
Kugira babishikeko, ibintu b’ibiri gusa ni vyo bikenewe nk’uko Elvanie abivuga: « Ubwa mbere turakeneye kuduza umutahe kandi twongere turonke n’ubumenyi busumbirije ubwo tugenda turarahura ku bantu tuyaga aha na hariya.» Bamaze gukomeza neza uburimyi bw’ibizinu, ngo bazoheza baje no mu vyo kworora ibitungwa bitandukanye.
Ku rwaruka ruguma rwiteze ngo Reta canke abigenga kugira baronke akazi, Elvanie ababwira ko ivyo ari ukubisezerera. Abacira umugani ati: « Ako imuhana kaza imvura ihise. » Iyo nawe ngo aguma arindiriye, ngo imyaka 7 yose iba irumanye yifumbereje.




