Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Diamond yakije umuriro ku bagore bakundanye…

Muri Tanzania havugwa amakuru y’umuririmvyi Diamond yagirizwa kuba yifatiye mu gahanga abagore bigeze gukundana baranavyarana. Mu gihugu c’Urwanda naho harabaye ibirori vyo kwita amazina utwana tw’ingagi kw’igenekerezo rya 01 Nyakanga 2023. Aya hamwe n’ayandi ni mu makuru yaranze akarere ka Afirika y’Ubuseruko yo kuva ku wa 28 Myandagaro gushika ku wa 3 Nyakanga 2023.

Diamond Platnumz ari mu baririmvyi bakomeye bakorera umuziki muri Afirika y’Ubuseruko yagirijwe kwifatira mu gahanga Zari Hassan, Tanasha Dona na Hamisa Mobetto bavyaranye nawe, aho yavuga ko abo bagore baba baribagishije kugira bagire imero ikwega abagabo

Nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Igihe, uyo muririmvyi yifashishije amashusho ya Michael Jackson yayakurikije ubutumwa bugira buti: “Abagore baribagisha hanyuma bagatangura kwitwara nk’uko umenga imero bafise ni ndemanwa”. Ubwo butumwa bukaba bwaciye busamirwa hejuru bavuga ko yashatse kuvuga abagore bakundanye mbere bakanavyarana, ubona ko banagiye baravugwa cane mu nkuru nk’izo zo kwibagisha

Ico kinyamakuru candika ko, Zari yoba yari afise amaguru avyibushe cane, hanyuma arayabagisha mu ntumbero yo kuyagabanya akaba meza.  Hamisa Mobetto we ngo yakunze kwumvikana ahakana yivuye inyuma ivyo kuba yariyongesheje igisusu avuga ko ariko aremwe. Na Tanasha Donna yarigeze kuvugwa mu nkuru nk’izo zo kwibagisha

Rwanda : haheruka kuba ibirori vyo guha amazina utwana tw’ingagi ku ncuro ya 19

Kwita izina ingagi ni ibirori bidasanzwe bitunganywa buri mwaka muri ico gihugu c’Urwanda. uretse ko intumbero y’ivyo birori ari uguha agaciro ubwo bwoko bw’ibinyabuzima biri mu bikingiwe cane kw’isi, n’igisata c’ingenzi kiraheza kikahatorera akoyoko narirya ivyo birori bisanzwe vyitabirirwa n’abantu b’ibihangange mu bisata bitandukanye kw’isi.

Nk’uko tubikesha RFI, ishamba ryitiriwe ibirunga izo nguge zibamwo riragenderwa n’abantu bashika 40.000 mu kiringo c’umwaka.

Mu bantu batandukanye bahambaye 23 bari bahishikiye gutazira inguge, harimwo Winston Duke na Danai Gurira bakinye ireresi Black Panther, umugwizatunga Cyrille Bolloré, umuyobozi w’igisata ca ONU kijejwe ingenzi, uwutwara Unesco n’abandi.  

Inyuma yo kuba muri ivyo birori, Winston Duke asanzwe avuka mu gihugu ca Trinité-et-Tobago (izinga ryo mu buseruko bwa Amerika) yahavuye ahabwa ubwenegihugu bw’Urwanda.

Harakenewe ubutungane ku bantu 43 biciwe mu myiyerekano i Goma…

Umuryango uharanira uburenganzira bwa muntu (Human Rights Watch, HRW), uranegura inzego z’umutekano zo muri RDCongo zishe abantu 43 mu bagize imyiyerekano mu gihe bariko biyamiriza abasirikare bahagarariye amahoro n’umutekano b’umuryango MONUSC. Ivyo bikaba vyabaye ku wa gatatu w’indwi iheze mu gisagara ca Goma mu buseruko bwa RDCongo.

Reta ya RDCongo yamenyesheje ko abandi baharurirwa muri za mirongo bakomeretse nayo abarenga 150 bafashwe barafungwa.

Nk’uko tubisoma ku kinyamakuru BBC, Umuryango uharanira agateka ka muntu uvuga ko abategetse kwica abari mu myiyerekano bakwiye guhagarikwa ku kazi, bagakorwako amatohoza, bagatako bakabihanirwa hisunzwe amategeko. Reta ya RDCongo ikavuga ko yatanguje amatohoza ku vyabaye.

Uganda: Abanyeshure 6 000 biga mu gisata co kuvura no kuvyaza barayobewe mu kibazo c’akazi

Abanyeshure bagera kuri 44 413 ni bo bari bategekanijwe gukora ikibazo co muri Ruheshi 2023 i Kampala kibaha uburenganzira bwo kuronka akazi ko kuvura mu gihugu ca Uganda. Mu bakoze ico kibazo, abanyeshure 14 291 ni abari barahejeje umwaka w’ishure, muri bo haca hayoberwa 6 146. Abandi 30 122 bakoze ico kibazo ni abakiri ku ntebe y’ishure mu gisata co kuvura no kuvyaza. Ivyo tubisoma mu kinyamakuru The Daily Monitor  

Hellen Mukakarisa, asanzwe ari umunyamabanga muri ivyo bisata vy’ubuvuzi amenyesha ko habaye intambwe ku gitigiri c’abanyeshure bari bakiri ku ntebe y’ishure. « Muri 2022-2023, bavuye ku bice 87 % bashika kuri 88, 4% ». Ariko kandi uwo munyamabanga nyene, aranegura abanyeshure bahejeje kwiga kuko basubiye inyuma « Mu 2022-2023, bavuye kuri 95, 8% baja kuri 94, 9%. Abanyeshure bagera kuri 383 ntibakoze ico kibazo, bamwe muri abo banyeshure ntibaronse amafaranga y’ishure, abandi bari bagwaye, abandi barahevye amashure… »

Umushikiranganji w’indero, John Chrysostom Muyingo yasavye amashure kuza aremerera abanyeshure bari mu bibazo bitandukanye na canecane abataronka amahera y’ishure kubemerera gukora ikibazo, hanyuma bakabaronsa ikiringo ntarengwa co kuyariha ariko badasivye ikibazo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top