Iyo ni intahe ya Lolita Iranezereza, umwanditsi w’igitabu « Renaître chaque Jour » kuri uyu wa 21 Ndamukiza 2025, aho yariko arasabikaniriza abandi ibijanye n’ingwara y’igisukari.
Lolita ati: « Jewe narwaye diabète de type 1 mfise imyaka 10, ariko yibonekeje maze kuja kwa muganga. Vyari bigoye kuko abavyeyi vyarabahungabanije. Ariko bahavuye bayigira iyabo ndetse ahantu naja hose barayivuga kugira ndavye ndonke abashobora kumfasha. Abavyeyi bagumye bantera intege, ntibagumye bamfata nk’umurwayi ».

Naho biri uko ngo ikibano kiraca intege, kikanacira imanza abarwayi, ngo ariko asesaguza umuryango, ngo ntazokira n’ibindi. Akaba ahanura ikibano kuvavanuro n’iyo ngendo, ahubwo bige kwakira abantu bafise iyo ngwara kuko iyo ijambo risohotse riraca intege kandi rigakomeretsa
Ngo abavyeyi biwe bamubaye hafi naho iyo umwana ari mu Buraya bitaba vyoroshe kuko usanga muganga akubuza ibi na biriya na rirya umuntu umubujije ibintu uba umengo urabimutumye. « Ndibuka anniversaire yanje, Mama yabaze inkoko ayishirako ibuji 10. Aho nanje narinzi ko gâteau iza kuboneka. Ariko kubera muganga yari yambujije ibintu bisosa, nariyumviriye nti kuberiki iyi ngwara? »
Yongeye ati: « Ariko narize kubana nayo naho vyashika nkaja muri hypoglycémie. Ubu ndubatse, ndi umu maman w’abana 2. »
Yahanuye abana bafise iyo ngwara kuyakira no gukwirikiza impanuro z’abaganga. Nayo abavyeyi, bakiga kuba hafi abana: « Nohanura abantu kuja kwipimisha n’imiburiburi rimwe mu mwaka naho uburyo bugoye. Bimwe mu bimenyetso bitabesha vy’iyo ngwara, akenshi ni: kunyoterwa cane, kuguma uja ku mwanda muto, no guta ibiro ».
Nayo ku mvo zatumye yandika igitabu « Renaître chaque jour » casohowe n’indamurabitabu Gusoma, Lolita Iranezereza ati: « Iciyumviro co kwandika igitabu cavutse kuko hariho abandi bana nafasha bafise iyo ngwara. Maze uko iminsi igenda nkaza ndamenya abandi bagwaye. Rero vyansavye umwanya munini, amajoro, kutaba mu muryango kugira nshobore kwandika. »
Yamenyesheje ko intumbero y’ico gitabu ari kugira kizofashe abana asanzwe aherekeza ndetse n’abandi bafise iyo ndwara igihe azoba atakiriho.




