Jimbere

ikirundi French English
IKIRUNDI

Mw’isekeza Curijambo, hacuzwe amajambo arenga 60 atari afise uko avugwa mu Kirundi

Indamurabitabu Gusoma ifadikanije n’ikinyamakuru Jimbere n’insamirizi Kazoza FM yashikirije kuri uyu wa 31 Gitugutu 2024 abamenyeshamakuru bo mu binyamakuru bitandukanye amajambo arenga 60 atari afise uko avugwa mu kirundi, yacuzwe kugira ashikirizwe Abarundi gutyo babe barayifashisha mu kurindira ko Urwengo nshingwa Kirundi ruyemeza nkayoshirwa muri kazinduzi y’ikirundi.

Igikorwa nyezina co gucura amajambo adafise uko avugwa mu Kirundi catanguye ku wa 18 Mukakaro gushika ku wa 19 Nyakanga 2024, ku cicaro c’indamurabitabu Gusoma, kikaba caba buri munsi wa kane.

Napoléon Ahishakiye umuhuzabikorwa muri iryo sekeza ngarukamwaka Curijambo mu ndamurabitabu Gusoma, amenyesha ko ayo majambo 70 yacuzwe ari mu bisata indwi ari vyo: igisata c’ubutunzi, c’ubutungane, c’amagara y’abantu, c’inkino n’uburimbanyi, c’indero, c’uburimyi n’ic’ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru.

Mu kiganiro gisozera isekeza 2024 rya Curijambo

Ihangiro nyamukuru ry’iryo sekeza nk’uko bivugwa na Ahishakiye akaba ari ukugira uruhara mu gutanga intererano mu gukuza ururimi rw’ikirundi, rwo rushikana Abarundi ku majambere arama no gushaka kworoherereza abakoresha ururimi rw’ikirundi mu bikorwa vya minsi yose ngo boye kugorwa n’uko bavuga ivyo bipfuza ku mwanya nyawo.

Ibintu vyose birakeneye kuvugwa mu Kirundi

Ferdinand Mberamihigo umuhinga mu bijanye n’indimi akaba n’umwigisha muri kaminuza y’Uburundi avuga ko ibintu vyose biri mu bisata vy’ubuzima bw’igihugu bikenewe kuvugwa mu Kirundi. Ariko akamenyesha ko intambamyi Abarundi bagira ari uko ivyo bisata nka vyose vyazanywe n’abazungu.

Mberamihigo ati: “Kubera rero ko abazungu batwigishije yuko ururimi rwacu naho rutovuga ivyerekeye ubuhinga bwa none atacopfa, duca tumera nk’abanebwe. Hageze ko tuvuga ivyacu tugakwega mu gifaransa, bica bituma ururimi rw’ikirundi ruhakwa kuba nk’ikiburirane, rukamera nk’ururiko rurata akaranga.” Kubera rero Abarundi bose batazi igifaransa, uyo muhinga mu ndimi avuga ko bikenerwa ko amajambo acurwa gutyo abarundi bashobore kuyifashisha mu guhanahana amakuru mu Kirundi ciza.

VOMA amajambo yacuzwe mu kirundi n’isekeza « Curijambo » 2024

Oscar Nzohabonayo umuyobozi mukuru ajajwe ibimenyeshamakuru mu Burundi, amera nk’uwutanga inkebuzo, ati: “Inguvu mwakoresheje ntizizopfe ubusa. Ayo majambo mwatoye ni akoreshwe. Mbere anahabwe ibisata ayo majambo yacuzwe vyega kugira bayakoreshe mu kuyasubiriza ayo bahora bakoresha mu gifaransa ».

Yongera ati: « Uruhara rw’abamenyeshamakuru rube ntangere. Ntirugarukire mu kumenyesha ko habaye igikorwa co gushira ahabona amajambo yacuzwe, ahubwo bayashire mu biganiro, mu makuru no mu nyandiko bandika kuko ababumviriza bashobora kuyabarahurako.”

Mu bari bitavye ico kiyago gisozera isekeza 2024 rya Curijambo: Dr Ferdinand Mberamihigo, Napoléon Ahishakiye, Remy Hayimana, Maïtée Niteka, Oscar Nzohabonayo, Roland Rugero

Amera nk’uwusongora, Nzohabonayo yanasavye ko mu gisata c’indero, ayo majambo aza aratorwa, yoshirwa mu bitabu vy’ishure, abana biga bakaza barayasoma, gutyo bakure bayazi, kuko ngo uburyo bwo gukingira ururimi ari ukurukwiragiza mu kuruvuga.

Iterambere rijana n’ururimi

Roland Rugero yatanguje Indamurabitabu Gusoma mbere akaba ari n’umuyobozi w’ikinyamakuru Jimbere ati: “Muri ibi bihe Abarundi bose canecane urwaruka bijukiye iterambere, bonamenya ko iterambere rijana n’ururimi. Ivyo bakora bakabikora mu rurimi bumva kandi bashobora gusiguramwo ivyo bakora. Ni ryo hangiro ryo gucura amajambo atabaho mu kirundi akoreshwa mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu”.

Akenguruka igikorwa bashitseko, Rugero ati: “Ayo majambo dushize ahabona ni agatererano duhaye Abarundi n’abakunzi b’ikirundi. Ariko ni imfata kibanza kuko nta na kazinduzi ihari yemeza ayo majambo. Urwego nshingwakirundi nirwatangura gukora ruzoyihweza hanyuma ruyemeze canke ruyahinyanyure akoreshwe yizigiwe, anashirwe mu bitabu abanyeshure bayige. Ariko mu kurindira ayo majambo tube turayikorako mu biyago vyacu.”

Kubera igikorwa cose gisaba uburyo, Roland Rugero amenyesha ko, iryo sekeza ngarukamwaka Curijambo, baryitangiye, mbere ryabatwaye uburyo bw’amafaranga yababa imiriyoni 4. Ariko hagiyemwo n’ibindi bikorwa bijanye no kumenyesha ivyavuye mu vyicaro vyagiye biraba, abamenyeshamakuru bavyitaba, ibiganiro, amavidewo n’ibindi vyakozwe, biciye vyose hamwe amafaranga yababa imiriyoni 10 z’amarundi. Agira ati: “Iki ni co kiguzi dusabwa nk’Abarundi bakunda Uburundi n’ikirundi. Ntidukwiye kurindira imfashanyo kugira dukore ibikorwa biha ikibanza ururimi n’akaranga vyacu. »

Ico kiganiro n’abanyamakuru kikaba casozerewe no gusangira akanyama k’udukwavu tuzwi ku kabirya ka « BITWI », dusanzwe twororwa tukanadandazwa n’ishirahamwe.

Sabikanya kuri
3 Comments

3 Comments

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top