Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

CREOP-Jeunes Ruyigi: kubw’urwaruka rwijukiye ibikorwa vy’iterambere rusangi mu ntara

Ishirahamwe CREOP ryishinze gufasha urwaruka mu kwironderera ubuzi no kwiyungunganya mu ntumbero yo kwiteza imbere, ryaratunganije kuri uyu wa 13 Nzero 2022, umunsi wo kwugururira imiryango amabanki, amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, amashirahamwe yo gutumatumanako mu kiyago gifatiye ku civugo c’uruhara rw’ubuhinga bwa none mu gutorera inyishu ibihanze urwaruka. Kakaba n’akaryo ko kwerekana ubuhinga bumaze kugerwako n’urwaruka ku bijanye n’ubuhinga nyabwonko

Mu nyubakwa z’ihoteri King’s Conference Center i Bujumbura, iryo shirahamwe CREOP-Jeunes ryihaye intumbero yo gufasha urwaruka ngo ruronke ubuzima bwiza rubicishije mu kwishingira ubuzi, ryatumiye ayandi mashirahamwe asanzwe atanga ubuzi canke umwanya wo kwimenyereza kugirango babahe igicapo c’ukwo bafasha urwaruka, na canecane urudafise ubuzi.

Nk’uko bishikiriza na Lydie Ndayishimiye arongoye CREOP-Jeunes, ivyo bikorwa vyateguwe mu ntumbero yo gushira ahabona ubushobozi bw’urwaruka rusanzwe rufashwa n’iryo shirahamwe, rumaze kugira ico rukoresheje ubumenyi mu vyigwa nyabwonko, mu gutora inyushu zimwe zimwe zitamenyerewe, ku bibazo bihanze ikibano, urwo rwaruka rukaba ahanini ruhurikiye mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana.

Ivyo bikorwa bikaba kandi vyari bigamije gukangurira abikorera utwabo, na canecane amabanki, amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana hamwe n’amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru ku nyungu iri mu buhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru, bongere bikore ku bushobozi bw’urwaruka rusanzwe rufise ubumenyi bukwiye muri ubwo buhinga bwo gutumatumanako amakuru. 

Mu gihe hariko harashigwa ahabona ivyaranguwe mu mugambi werekeye ukwijukira imigambi y’iterambere rusangi ku rwaruka rw’inkumi n’imisore yo mu ntara ya Ruyigi, ufashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF riharanira agateka k’abana, Etienne Niyongabo, akorera mu gisata c’imiyabaga mw’ishirahamwe UNICEF yashikirije ko amashirahamwe yegukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU ahanzwe cane no guteza imbere ubushobozi bw’urwaruka rufise hagati y’imyaka 15 na 24, mu kubafasha na canecane mu kubaronsa ubumenyi n’abahinga bo kubafata mu mugongo. Etienne Niyongabo agira ati «Ibibangamye mwitunganywa ry’imigambi ku rwaruka ntibibuze, ariko igihugu kirafise ubutunzi kama bwinshi bwotuma dushobora kuronka inyishu ku bibazo. Ikindi ni ukwo amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana hamwe n’ama banke bafise uburyo bw’amafaranga bwofasha urwaruka, za kaminuza nazo zigafasha mu gutanga ubumenyi, gutyo igihugu kikaronka incabwenge zibushitse.»    

Mu ntumbero yo kurangura neza uwo mugambi, ishirahamwe CREOP-Jeunes ryafashije urwaruka rwo mu Ruyigi mu gukorera hamwe rugatora inyishu ijanye n’ivy’ukuronka amakuru yose yerekeye amabanki, kuronswa ingurane, ukwo rwokora imigambi yo kwiyungunganya rukisununura mu vy’ubutunzi. Intumbero nyamukuru ikaba rero ari ugukora ibishoboka vyose ngo urwaruka rwo mu Ruyigi ruronke ubuzima bwiza 

Umwimbu si agaseseshwa rumuri

Mw’irangurwa ry’uwo mugambi, urwaruka rugera kuri 7.500 rwo mu Ruyigi rwarashoboye kuronswa akazi mu bikorera ivyabo, imigambi yabo nayo irashikirizwa amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana. Muri uwo mugambi, hari hategekanijwe ko urwaruka rugera kuri 30 ruhabwa ubumenyi mu burongozi bwo kwishingira akazi,ariko haciye haba urwaruka rwinshi, rugera ku 1.000 rusaba izo nyigisho, ari navyo vyatumye abahabwa ubumenyi bashigwa kuri 50. Abo rero bakaba baciye banonosora ivyigwa vy\uburongozi bwiza mu vyo kwishingira akazi, mu guhitamwo neza imyuga myiza, hamwe no gushinga amashirahamwe. Abo rero bakaba baciye bakirwa mu buzi butangukaanye. Abandi 50 nabo bashoboye guherekezwa mu vyigwa bijanye no gutunganya ubutunzi, ivy’amahoteri n’ingenzi, ubuvuzi, n’ibindi.

Mu vyo kuziganya no kuguranana, urwaruka rugera kuri 731 ruri mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana rwararonkejwe ubumenyi mu bijanye no gutunganya imigambi no kuziganya, nayo abagera kuri 690, basanzwe bari mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana bigishwa intambuko n’ibisabwa mu kuronka ingurane. N’ino muri iyo ntumbero baciye bugururirwa amakonti mu mabanki.

N’ubwo biri uko, harashikiirijwe agahaze mu bijanye no kuronswa uburusho bwo mu mabanki ku rwaruka rwo mu Ruyigi. Ivyo na vyo bikaba bitorohereza urwaruka mu gutera imbere kwabo ku bijanye no gutunganya imigambi.

Intambamyi ku rwaruka sinke

 Nyamukuru zashikirijwe ni ukubura ingurane kugirango batangure imigambi kuko ata ngwati baba bafise. Bishitse naho bakayironka, imigambi ntibe itomoye neza. Iyindi ntambamyi ni uko urwaruka rukunze guhindagura aho ruba canke rukorera, gutyo bikagorana uko imigambi irama. 

Kubw’izo mvo zose, ubuhinga bwa none bwo guhanahana amakuru bwarabonetse nk’inyishu ku ntambamyi zihanze urwaruka.

Kubwa Bienvenue Irakoze ari mu bashikirije ikiganiro ku ruhande rw’urwaruka, ibice 40% rw’abantu bagize isi barakoresha interineti. Muri Afurika, ibice 60% barakoresha terefone ngendanwa. Muri rusangi rero, interineti ikoreshwa ku bice 75%, hakaba hari ubuzi bugera ku miriyoni 64 muri ico gisata. Mu Burundi, mu mwaka wa 2020, abantu bangana imiriyoni 4.6 nibo bakoresha terefone, muri abo, umuriyoni 1.1 nibo bakoresha interineti, bigatuma amahera angana imiriyaridi 5 ku kwezi ariyo aboneka mu gihugu biciye kuri ubwo buhinga bwa none.

Mu ntumbero yo gutera intege urwaruka, haratanzwe udushimwe kuri 4 biga muri kaminuza y’Uburundi mu gisata cigisha ibijanye n’ubuhinga bwa none « Génie  informatique » bakaba bashize ahabona ibikorwa vyarwo mu bijanye n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru. Babiri ba mbere baronkejwe ibihumbi amajana 4, nayo babiri basigaye baronswa ibihumbi 150

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top