Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Burya ukutumva neza biva kuki?

Abantu batumva neza 465 barituye ikigo « Starkey Hearing Foundation » mu ntumbero yo kurondera ubufasha bw’indwara y’ukutumva neza. Muri bo, abarwayi 405 bararonkejwe utwuma bashira mu matwi tubafasha kwumva na yo 60 bahabwa imiti. Ivyo vyashikirijwe na André Papy Karubi umuhuzabikorwa muri ico kigo aho kuri uwu wa 3 ntwarante bariko barakira abarwayi basanzwe bakurikirana bongera bahimbaza ku ncuro ya mbere mu Burundi umunsi mpuzamakungu wahariwe kwumva neza.

Icivugo cuwo munsi kigira giti: « Naho umuntu atoba yumva neza, kwa muganga bashobora ku mufasha maze akabandanya yiteza imbere ». Karubi André Papy akaba amenyesha ko abagendana indwara zo kutumva neza akenshi usanga bamana akabonge, bakikumira mu kibano ntibashimishwe no kuba aho abandi bari kubera ko bashavuzwa n’uko abandi bababwira ibintu ntibabitahure n’ivyo babatumye kuzana bagasanga bazanye ibitari vyo. Ivyo ngo bica bibababaza bagahitamwo kwigunga maze bigatuma n’iterambere ryabo ritagenda neza.

Ibitera kutumva neza

Karubi avuga ko ukutumva neza biri kwinshi. Agira ati: « Hari abumva umuntu avuze cane, hari abumva uwuvuze bukebuke, hari abumva bakuravye ku minwa, hari n’abatumva n’akimwe ». Rero ngo mu bitera ukutumva neza harimwo imicafu yinjira mu matwi, abana bavukana ubwo bumuga, impanuka umuntu ashobora kugira, imiti abarwayi bafata canecane iya malaria, imiti y’igituntu, abagenda baratakaza ukwumva biturutse ku myaka, kwama mu nduru z’amamashini ahinda, indwara ya mugiga, indwara zo mu matwi bareka kwivuza, kwumviriza imiziki hakoreshejwe ivyuma bashira mu matwi, n’ibindi.

Minani Salvator umwe mu bafise ikibazo co kwumva neza bari baje kuraba uko amagara yabo atera aba meza mu bijanye no kwumva kuri uwu munsi wahariwe ukwumva neza, arishimira ko ubu asigaye yumva kandi arangura ibikorwa vyiwe ukuri kwamye. Agira ati: « Inyuma yogutakaza ukwumva kwanje biturutse ku miti ya malaria nafata, naciye ndanatakaza abantu bahora baza gushonesha impuzu iwanje kuko tutumvikana. Numva nikumiriye mbere n’umuryango wanje wari utunzwe n’ivyo nkura mu carahani wari utanguye kubaho nabi kuko na wo nyene ntitwumvikana.nongeye kwumva kuva aho iki kigo kimpireye utu twuma nshira mu matwi ».

Na we Yvan Niyonkuru, umuyabaga, arishimira kuba yarabandanije ishure inyuma yaho yagire ahagarikire kwiga bivuye ku ndwara yo kutumva neza yari yamufashe. Ubu avuga ko yiga neza kubera akuma kamufasha kwumva yaronse.

Kubera ko iyo ndwara iri mu zibangamiye amagara y’abantu n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya n’umugera Sida mu Burundi bubicishije mw’itangazo bwasohoye kuri uwo munsi mpuzamakungu wahariwe kwumva neza burahimiriza abantu bose kwirinda indwara zo mu matwi na cane cane izituma abantu batumva neza. Ivyo rero ngo mu kubigira n’uko abantu bokwitura abaganga, bakivuza hakiri kare kuko be n’izo ndwara zivugwa zigakira.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top