Nzokirantevye Kosima ni ryo zina ryiwe. Ni umurimyi mworozi. Aba muri zone Mutoyi, komine Bugendana, intara ya Gitega. Yakuze akenye cane. Nkako, n’abavyeyi ngo ntakwo bari. Ntiyize, ntaho uburyo bwo kumwigisha bwava. Ariko inyuma yo kworora inkoko zahavuye zimuha ingurube, impene, inka, amatongo, ibihinda, … eka n’ababanyi barashikiriwe.
Mu 1996 ni ho iciyumviro c’ukworora inkoko camuzamwo. Ntiyatebaganye, yaciye ashirako, yanzika ibikorwa, zino nkoko nazo ziramuyoboka. Amenyesha ko yahereye ku nkoko 30 ariko uno munsi ageze ku 5.000 ziri mu ruhongore.

Kosima amenyesha ko akarusho yazigiriyemwo kadasanzwe, kandi siwe gusa, n’ababanyi barashikiririwe. Intambwe ashikanweko n’inkoko : yaraguze umuduga w’imiriyoni 41 umufasha gutwara inyama mu mahoteri akomakomeye mu bisagara bitandukanye mu Burundi, yarubatse inzu nziza y’isima, abana arabigisha, …
Inkoko arazivuga kuko zamwibagije ubuzima bubi yabayemwo, ubu akaba ari mu bandi nk’uko avyivugira. Ku ndwi ku ndwi ashora amagi yababa 10.000. Mu gihe c’iteragira, kosima atera ibiro vy’ibiraya 1.500 mu murima yiguriye akuye mu nkoko nyene, nayo ibigori agatera ibiro birenga 100. Nko mu myonga honyene amenyesha ko ashobora kuhimbura itoni zirenga 15. Ivyo vyose akaba abikesha inkoko.
N’ababanyi barashikiriwe …
« Bamwe ndababitsa ibitungwa kugira ngo na bo baronke umwavu bafumbiza indimiro zabo ariko kandi tukazogabura inyana inka zivyaye, twayishora itaravyara naho nkakuramwo ayo nayiguze ayasigaye tukayagabura. Abandi barangura amagi iwanje ku giciro kitavuna. Hageze ko inkoko zipakirwa canke zibagwa, ndatanga akazi, abikorera ibifungurwa vyazo, kuvoma amazi, eka bakaronka udufaranga two kwikenura. »
Mu bihe vy’iminsi mikuru canke igihe hateye inzara, Kosima amenyesha ko araba nk’abakenye kurusha abandi, akabagurira umuceri akabasabikanya, eka mbere n’akanyama k’inkoko bamwe bamwe ngo arabaha. Ngo hari n’abamwitura bagwaje abana ariko babuze ayo bariha akabafasha mu kubarihira imiti kuko ubwo buzima yabubayemwo, abuzi neza.
Ariko rero …
« Inkoko ziva hanze ziratwicira isoko. Vy’ukuri, hari aho igihe c’ishorwa cazo gishika umuntu akabura gose abazimugurira. Mu bisanzwe inkoko yororewe kubagwa akenshi imara amezi abiri yarengeje akaba atatu, ni ho iba igeze. Ingaruka ku mworozi abuze isoko, nuko aca aguma azigaburira zikaguma zimuhomvya gusa kandi hari ibiro zitarenza n’iyo zofungura ibingana iki [zishinga kurya zitaduza inyama]. Ingorane : nk’akarorero, inkoko noshora kw’isoko 10.000 Fbu, usanga ivuye hanze igurwa 8.500 Fbu. Nsaba Reta ifashe gukingira isoko yacu. »
Si ivyo gusa, yisunze ivyo amaze kubona, burya ngo inkoko ishikanye ibiro nka 4, ibaze nta bakunda kuzigura baboneka kuko uca usanga izimvye mu gihe ifise hagati y’amezi 2 na 3, n’abanyagihugu batobato barayisuma.
Kosima rero agasaba Reta, n’ayandi mashirahamwe abishoboye, ko hokorwa icigwa hagashingwa ibibanza bishorerwamwo inkoko z’aborozi bose bo mu Burundi, ku buryo izikwije ibiro zica zibagwa zikabikwa muri « frigo », ahandi ho ngo umworozi abona yorora ariko ntaronke isoko biramuca intege, agaca adebukirwa kuko aba yororera guhomba.




