Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Muri Sosumo bati: « Uwuzofatwa adandaza ikiro c’isukari amafaranga arenze 2 340 Fbu azohanwa »

Kuri uyu wa 3 Ruhuhuma 2020, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rihingura isukari (Sosumo), Aloys Ndayikengurukiye yararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho yatangaza ko ata kibazo c’isukari gihari mu bubiko bwayo. Akaba yaciye aboneraho kugabisha abadandaza boba bayinyuruza.

Abakurambere bati: «Amazi arakena yuzuye impange». Ubu na ho umuntu arashobora kuvuga ati: «Isukari irakena kandi ububiko bwa Sosumo bwirirwa burasohora amatoni n’amatoni buri kwezi». Si agaseseshwa rumuri haraheze iminsi hibonekeza mu gisagara ca Bujumbura ikena ry’isukari mu makaritiye atari make yahora idandarizwamwo. Aho ibonetse na ho ugasanga ibiciro vyariyongereye ku rugero ruteye ubwoba.

Minani ni umwe mu ba dandaza b’utubutike. Isukari ubu asigaye ayita umuzi w’ibuye. Agira ati: « Haraheze iminsi amahera y’isukari narayahevye. Jewe ntarironkera umutahe ukwiye nta yo noba nkigonda. Agafuko k’ibiro 50 ugize imana ukaronka aho ukarangura ugatora ku 125 000 Fbu. Ni hamwe uc’usanga kugira ukuremwo ayawe ugurishije ku kiro 2 800 Fbu. Ayo na yo ni abakiriya bake woronka bayigura. Naciye ndayiheba ».

Ngo isukari yoba inyuruzwa

Aloys Ndayikengurukiye, umuyobozi mukuru muri Sosumo arababazwa cane n’ingene abantu bidodomba ngo nta sukari ikiboneka kandi bafatiye ku kuntu yagiye irasohoka kuva mu kwezi kwa mbere kw’umwaka uheze 2019 basanga isukari basohoye yagiye iriyongera ku kwezi ku kwezi. Atanga akarorero ko mu kwezi kwa mbere kw’umwaka uheze basohoye ibiro 1 358 200 ariko muri uwu mwaka wa 2020, mu kwezi kwa mbere basohoye ibiro 1 415 000.

Uwo muyobozi mukuru akaba yaboneyeho kugabisha abadandaza bafise inyifato itabereye yo kunyuruza isukari bashaka guca amaboko abanyagihugu kugira babungukeko umurengera, ko abazofatwa bazohanwa hisunzwe amategeko.

Ku baduza ibiciro na bo, amenyesha abantu bose ko ibiciro vy’isukari vyashinzwe n’ishirahamwe Sosumo bitahindutse. Ivyo na vyo bikaba bimeze uku gukurikira: umufuko w’ibiro 50 ugurishwa 111 500 Fbu ku wuwuguze mu bubiko bwa sosumo. Uwo na we aca awugurisha ku 114 000Fbu ku baja kuyidandaza ku kiro. Abo na bo bo ku kiro badandaza uwo mufuko ku 117 000Fbu. Ni ukuvuga ko ikiro kimwe gitegerezwa kugurishwa 2 340Fbu.

N’ingingo zishingiye kw’itangwa ry’isukari zahavuye zifatwa

Mu ntumbero yo gutanga neza isukari mu gisagara ca Bujumbura, mw’ishirahamwe Sosumo babaye barafata ingingo zitandukanye: bagiye kwongereza ku rutonde rw’abatora isukari mu bubiko bwa Sosumo ama alimentations makuru makuru ari mu ma karitiye kuko ngo basanze muri rusangi ayo ma alimentations ari yo ayigurisha neza, nayo abadandaza batwara isukari irenze amatoni ane bazohora bayitora mu biringo bibiri (kabiri mu kwezi) kuko ngo iyo bayitwariye rimwe baca bayinyegeza (ariko iyo ngingo ngo ntiraba abayitwara mu ntara za Bujumbura,Bubanza,Cibitoke,Bururi na Rumonge).

Na yo abajejwe intwaro n’umutekano basabwe gucungera ko isukari iriko iratangwa hisunzwe amategeko. Bohana cane kandi uwo wese yofatwa yayinyegeje canke yadugije ibiciro. Bagafasha guhagarika isukari iva mu gisagara yimurirwa kunyegezwa mu bubiko bwo mu ntara zo hagati mu gihugu. Bakongera bagakomeza igikorwa co kugwanya inzoga zitemewe n’amategeko kuko zikorwa hakoreshejwe isukari nyinshi.

Mw’ishirahamwe Sosumo rero bakaba bemerera icese abarundi bose, ko rifise isukari ikwiye izobashikana kw’isekeza ryo kwimbura iyindi ryimirije. Ariko bagasaba ko iyo ihari yotangwa hakurikijwe amategeko n’ibiciro vyashinzwe na Sosumo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top