Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Abandandaza banyuruza isukari canke bayiduza igiciro bazofutwa ku rutonde rw’abarangurira muri Sosumo

Amamangazini azofatwa anyegejwemwo isukari azoca yugarwa, abandandaza bayifatanywe bacibwe amande manini, bongere bafutwe ku rutonde rw’abadandaza b’isukari bishikira muri Sosumo hanyuma isukari ifashwe ice igurishwa camunara. bishikirizwa n’umushikiranganji w’ubudandaji amahinguriro n’ingenzi Jean Marie Niyokindi inyuma y’aho hongeye kwibonekereza iduga rikabije ry’ibiciro vy’isukari.

Mu gisagara ca Bujumbura co kimwe no hagati mu gihugu, isukari urayirondera aho wari usanzwe uyizi ukavayo ijisho umenga waritiye ingwe kubera ukuntu utaha ryahishiye. Mu vy’ukuri isukari isigaye ari nk’umuzi w’ibuye. Minani Samuel, umusore yiyemerera ko yahora akunda gukoresha cane isukari bivanye n’uko ateka icayi mu gakaritiye kamwe kari aho mu gisagara ca Bujumbura avuga ko isukari yamuyobeye ifata. Agira ati: « Je mpora n’umva ku maradiyo no mu binyamakuru birirwa barasemerera ngo isukari iriho, ariko ugahiga aho iri ukahabura. N’iyo uyironse isukari ikiro cahora kigurwa amafaranga 2400, ubu ukigura hagati 2600 na 3000 ».

Kuri ico kibazo c’iduga ry’ibiciro mu bushikiranganji bw’ubudandaji ho bavuga ko bidasiguritse kwumva ko ku masoko ata sukari ya sosumo ihari mu gihe urugero rw’isukari sosumo yahora itanga rutigeze ruhinduka. Urwo na rwo rukaba ruri hagati y’amatoni 2500 na 2700 ku kwezi. Ubwo bushikiranganji bukamenyesha ko bufatiye ku matohoza bukora bwasanze abadandaza bamwe bamwe bayikura muri Sosumo bahitamwo kuyinyegeza mu mamangazini yabo gutyo bakayima abadandaza batobato canke abayikeneye. Ahanini rero ngo basanze imvo yo kuyinyegeza ari ukugira bunguke umurengera.

None hariko harakorwa iki ku kibazo c’isukari?

Mu bushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro n’ingenzi bavuga ko bari mw’isekeza ridasanzwe ryo kurondera amamangazini anyegejwemwo isukari. Muri ico gikorwa, bamenyesha ko abadandaza 5 bo mu gisagara ca Bujumbura, 4 bo muri komine Mukaza n’1 wo muri komine Muha, bafashwe barugarirwa kandi baca bakurwa ku rutonde rw’abadandaza bishikira kurangura muri Sosumo.

Kubera rero ko iyo nyifato y’abadandaza b’isukari ya Sosumo itabereye, ubushikiranganji burasaba abanyagihugu bose na canecane abakoresha iyo sukari ko bofasha mu kudomako urutoke umudandaza wese ayinyegeza kandi ayizimbako. Muri iyo ntumbero nyene ba buramatari na ba musitanteri basabwa ko bokurikirana abadandaza bo mu ntara n’ikomine zabo bishikira muri sosumo ko bashikana iyo sukari vy’ukuri kandi ko bayitanga ku giciro cemewe n’amategeko.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top