Kuri uwu wa 8 nzero 2020, Inama nshingamateka yasubiyemwo yongera iremeza itegeko rigiye kuzogenga amakomine. Musitanteri co kimwe n’abakoseye biwe bategerezwa kuba bararangije kaminuza. Hampande y’abakozi komine yari ifise, hagiye kujaho umunyamabanga yamaho wa komine yarangije kaminuza akaba ari na we azosubirira musitanteri mu gihe afatiriwe.
“Birakwiye ko ikomine irongorwa n’abantu bize kandi baciye ubwenge bashobora guhagararira ikomine yabo mu buryo ubwo ari bwo bwose.” Uko ni ko vyashikirijwe na Pascal Barandagiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’inyigisho zo gukundisha igihugu mu gihe abashingamateka bariko barahinyanyura itegeko nomero 1/33 ryo 28 munyonyo 2014 rigenga amakomine.
Ku bw’ivyo, umusitanteri wa komine akaba yahawe ububasha n’itegeko ryemejwe ko ariwe azobazwa ikomine atwara ariko akabwirizwa kuba yararangije kaminuza kandi agategerezwa kuba yahora akora mu yandi mabanga y’igihugu. «Ivyo rero biri ukwo mu gihe ikomine yahora itwarwa n’abasitanteri muri bo harimwo abatize kaminuza bikibonekeza ko hamwehamwe bibagora guhagararira neza ikomine bajejwe nkuko bikwiye». Nk’ukwo bibandanya vyemezwa na Pascal Barandagiye.
Arongera ati: «Uko vyahora musitanteri yaboneka nk’uwuri musi y’abakoseye biwe, Uwo mushikiranganji akavuga ko bikwiye ko ubu, musitanteri ari we aramutswa ikomine ariko akagira abakonseye baza baramwama hafi kandi na bo nyene bakaba barangije kaminuza».
Hagiye kujaho umunyamabanga yamaho wa komine
Mu ndinganizo y’ingene amakomine atwarwa, hagiye kwiyongerako kandi umunyamabanga yamaho wa komine. Uyu rero ngo abwirizwa na we nyene kuba ari umuhinga. Aciye ubwenge. Yarize agatako akarangiza kaminuza. Azotorwa hisunzwe ubumenyi afise kandi nta bwo azonatorwa mu ba konseye ba musitanteri. Ntazorabana n’ivy’ibiringo ahubwo azokorera ikomine atekanye kandi azoyama hafi.
Uyu munyamabanga yamaho rero, ngo ni na we azosubirira musitanteri mu gihe afatiriwe n’ayandi mabanga. Nk’uko biri ku basitanteri n’abakonseye biwe, ngo n’uwu munyamabanga yamaho azohembwa na reta nk’uko bivugwa na Pascal Barandagiye.
Akanamenyesha kandi ko ku bw’iyo ndinganizo nshasha y’amakomine, ata nkeka amakomine agiye kwisununura mu vy’ubutunzi kuko bamwe bose bazoba bazi ivyo bategerezwa gukora. Gutyo musitanteri ngo azokora ibintu bimugenewe kandi abishitse yorohewe kuko ngo baravye uko vyari bisanzwe bimeze, amabanga yamukoranirako ari menshi maze ivyo akora akabikora yikurayo ntabikore neza.
Abashingamateka 94 n’abandi 9 batumye bari bashashe aho, bamaze kwumviriza no kubaza ibibazo bijanye n’isubirwamwo ry’iryo tegeko, eka mbere bamaze no guhinyanyura neza tumwe mu dukosa tw’inyandiko twarimwo bakaba baciye baryemeza bose uko bari 103. Gutyo itegeko riba ryemejwe ibice 100%.




