Jimbere

ikirundi French English
Ubuhinga

Kuki ukwezi kwa Ruhuhuma kw’uyu mwaka kwagize iminsi 29 ?

Mu bisanzwe ukwezi kwa kabiri kwahora kugira iminsi 28, ariko uwu mwaka kwagize 29. Ivyo vyaheruka gushika muri 2016 bikaba ndetse bizosubira mu 2024. Umwaka ukwezi kwa kabiri kugira iminsi 29 bawita année bissextile mu kinyamazuru. Muti biva kuki ? Vyatanguye ryari ? Sobanukirwa.

Mu bisanzwe umwaka ugira iminsi 365 ku kirangaminsi bita « Grégorien ». Ariko birashika rimwe mu myaka ine umwaka ukagira iminsi 366. Twibukanye ko isi izunguruka izuba mu minsi 365 ari co twita umwaka. Ariko rero abahinga b’ibirere basanze ko mu bisanzwe isi izunguruka izuba mu minsi 365,2422. Kubwo kugira umunsi wuzuye ari na vyo vyoroshe, bahisemwo ko ivyo bice birenga bobikoraniriza hamwe kugira bikwize umunsi. Babigwijije kane bica bikwiza umunsi ari na co gituma inyuma y’imyaka ine umwaka uca ugira iminsi 366. Babikoze kugira izuba rihejeje kuzunguruka isi birumane neza n’impera y’umwaka.

Hama kuki ukwezi kwa kabiri ari kugufi gusumba ayandi ?

Uko bisanzwe bimeze, amezi agaburika na kabiri agira iminsi 30 (ukwa 4, 6, 10, 12). Ayatagaburika na kabiri na yo akagira iminsi 31 (ukwa 1,3, 7, 11). Jules Caesar, Umwami wo muri Roma ya kera, ni we yazanye ikirangaminsi bise Julien (bifatiye kw’izina ryiwe) mu kinjana ca 46 imbere yuko Yezu Kirisu avuka. Mbere ukwezi kw’indwi yaciye akwiyitirira kuko ari kwo yari yavutsemwo. Mu gifaransa izina « Juillet » ryoba rikomoka kuri « Jules ». Ku kirangaminsi Julien, umwaka wahera mu kwa kabiri kandi ukama ufise iminsi 366 kuko ukwezi kwa kabiri kwamana 29.

Amaze gupfa, haje uwundi mwami yitwa Auguste, na we yaciye yiyitirira ukwezi kw’umunani mu congereza kwitwa August (biturutse kw’izina ry’uwo mwami). Asanze ukwezi kw’indwi kwitiriwa Jules Caesar gufise iminsi 31 ati naje ukwezi kwanje gutegerezwa kuba kurekure kugire iminsi 31. Yaciye afata ukwezi kwa kabiri agukurako umunsi umwe aca awushira ku kwezi kw’umunani kwari gusanganywe iminsi 30. Ni co gituma ukwezi kwa kabiri gufise iminsi 28 gusa, na yo ukwezi kw’umunani kukagira iminsi 31.   

Ikiranga minsi bita « Grégorien » caje gute ?

Duhejeje kubona ko ikirangaminsi ca kera citwa Julien cakoreshwa kera. Bimaze kuboneka ko ibihe bitajana neza n’umwaka w’ico kirangaminsi, Papa Gégroire XIII ni we yahinduye ico kirangaminsi muri 1582 aca ashinga ko ukwezi kwa kabiri kugira iminsi 28, hanyuma kukazoza kuragira iminsi 29 rimwe mu myaka ine. Ni yo mpamvu rero ico kirangaminsi dukoresha ubu kimwitirirwa kuko « Grégorien » kivuye muri « Grégoire ». Ico kirangaminsi gikoreshwa hose kw’isi, kiretse mw’isengero y’aba orthodoxes ryo mu Burusiya bagikoresha ikirangaminsi « Julien ».

Inkomoko y’inkuru: Le Point

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top