Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Ivyokorwa kugira igisata c’ingenzi mu Burundi gitere imbere si bike…

Ni kimwe mu vyashikirijwe kuri uyu wa 28 ruhuhuma 2024. Wari umusi wa kabiri ari nawo wanyuma w’inama rukokoma igamije kumenya intambwe Uburundi bugezeko, ibikigoranye n’ivyokosorwa mu gisata c’ingenzi.

Perpétue Miganda asanzwe ari umuhinga mu gutunganya ibibanza vy’iratiro, akaba nyene ikibanza citwa “Kwa Miganda” niwe yibajije ico kibazo ngo arabe uko yomenyekanisha igihugu. Ubona ko ivy’ingenzi biri mu bisata bihambaye Uburundi bushaka gukorerako kugira bwubake iterambere ryabwo.

Yaciye yandika igitabo yise « Trésor du Burundi ancestral ». Avugamwo inkingi Abarundi bishimikiza kera ari navyo vyabatandukanya n’abandi bigatuma n’abandi bipfuza ivyiza vy’Uburundi. Harimwo ugusenga kw’aho hambere, ubuvuzi kama, indero, ukurimiranira n’ibindi

Kubwa Paulin Bizimana asanzwe ategura ibiteramo mu gisagara ca Bujumbura ngo ibitarivyo vyerekana abaririmvyi nk’abatagira indero vyabwirizwa kuva mu mitwe y’Abarundi cane cane abaserukira abandi. Kubw’iwe ngo abaririmvyi nibo bantu bambere berekana ishusho nziza y’igihugu babinezererewe kandi ata nyungu nini bakuramwo. Arasaba Reta kworohereza abo bahinga mu kumenyekanisha igihugu.

Aha agira ati: “Vyosa neza cane nka hamwe Umukuru w’igihugu yohora afata ingendo atwaye n’umuririmvyi n’umwe anezereza ab’aho agiye, akanamenyekanisha igihugu. Baba bakiri bato, bakurikiranwa na benshi, vyotuma urunganwe rwabo rwipfuza kuza mu gihugu cabo kubaraba, gutyo ingenzi zikagwira n’amafaranga y’agaciro akaboneka.” Abona kandi ko ari ngombwa ko ibibanza vyo kwinezererezamwo bitokwinjiramwo abitwaje ibigwanisho, kuko bishobora kubuza ingenzi kwisanzura ngo zibone ubwiza bw’igihugu.

Niyonzima Brice, arongoye Visit Burundi

Audace Ndabahawe aserukira Gisabo Tours, ati: “Birababaje kuba ingenzi zotinya gushika ahantu hasa neza kubera ata barabara ryiza rishikaho.

Gushikana ibiranga Uburundi mu bindi bihugu

Niyonzima Bruce aserukira Visit Burundi, abona ko hobaho udutabo n’amareresi arata ubwiza bw’igihugu vyerekanwa mu ndege no ku bibuga vy’indege, ntihabure umuyagankuba, amazi na internet mu bibanza vy’iratiro n’amahoteri yakira ingenzi. Ikindi ngo Abarundi ubwabo babwirizwa kugendera ivyo bibanza bakarata ico bazi. Arasaba kandi ko amashusho mabi y’igihugu yokurwa ku mbuga zikomeye nka google, hakamenyekanishwa ivyiza vy’Uburundi.

Umumenyeshamakuru Désiré Nimubona, arasaba ko Abarundi bohimirizwa ku buryo bwo kwakira ingenzi. Ikindi ngo abakinyi, abahinga n’abandi Barundi baba mu mahanga babwirizwa kuba icirore c’igihugu cabo bakakimenyekanisha mu bihugu baranguriramwo imirimo.

Arasaba ko ingoma zovuzwa mu bibuga binini binini, mu nkino zihuza ibihugu vyinshi, mu mahayanishwa n’ahandi, hakaba hariho n’udutabu buri gihe tudondora igihugu c’abo bahinga.

Nayo Junior Biraronderwa wo mw’ishirahamwe Festicab rikora muvy’amareresi abona ko hakwiye gushigikirwa abakinyi b’amareresi ba hano mu gihugu, akerekanwa aha n’ahandi kuko ari ubundi buryo bwo kurata igihugu mu makungu. Atanga akarorero ka « Gito » ireresi yakozwe n’Umurundi, ariko igatuma n’abazungu bipfuza kugendera Uburundi.

Jacques Bigirimana umuyobozi mukuru w’igisata c’ingenzi mu Burundi

Imbuga ngurukanabumenyi ntizihara

Fernand Matendo aserukira urwego rwitwararika itumatumanako ry’amakuru (TIC), abona ko kugira Uburundi bukaburire ingenzi kwinjira mu gihugu ku bwinshi habwirizwa gutunganywa imbuga ngurukanabumenyi zijejwe kumekanisha igihugu. Ngo vyotuma ishusho y’igihugu imenyekana hose. Ikindi ngo ibanki nkuru yabwirizwa kworohereza ingenzi mu kuriha ama hoteri ku buhinga bugezweho bwa internet, ari navyo vyofasha ko hinjira amafaranga y’agaciro, n’ubusuma bukagwanywa. Amahoteri n’ubunywero vyabwirizwa kugira internet yo ku rwego rugezweho ngo bikunde ingenzi zihahurumbire

Mathieu Ciowela aserukira PNUD mu Burundi yagize ati: “Kuko igisata c’ingenzi gifasha mu guhuza ibihugu no mw’iterambere ryavyo, ishirahamwe PNUD rizoba hafi mu gushigikira imigambi yo muri ico gisata.” Yamenyesheje ko ririko rirafasha mu gukingira ishamba rya Kibira n’irya Rusizi.

Jacques Bigirimana umuyobozi mukuru w’igisata c’ingenzi mu Burundi, yamenyesheje ko ashimishijwe n’intererano zatanzwe muri iri huriro, ko zizokwishimikizwa mu bikorwa vy’uyu mwaka kugira ngo mu myaka iri imbere Uburundi ntibwame mu manama, ahubwo nyabuna bishirwe mu ngiro, bumenyekane ku rugero rushemeye.

Mu gusozera, Umushikiranganji w’Ubudandaji, amahinguriro, ugutwara abantu n’ibintu, n’igisata c’ingenzi yasavye uburongozi bukuru bwo mu gisata c’ingenzi ko bwoshira mu ngiro vuba ivyasabwe muri iri huriro ridasanzwe. Yamenyesheje ko uko amezi atatu aheze, bazoza barasuzuma intambwe iterambere ry’igisata c’ingenzi rigezeko.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top