Jimbere

ikirundi French English
IJAMBO RY'IBANZE

Twobivuga gute?

Kuryamana n’umwigisha kugira uronke amanota. Guhitamwo kwikurako ubuntu kugira ntusibire mw’ishure… ivyo bintu rero nimba bibaho mu mashure y’intango na za Kaminuza yo ngaha na y’ahandi, ntivyoroshe kumenya, kugira amatohoza ndetse n’iyo hageze kurondera intahe z’abovyemanga, ntibaboneka, ngo tudome urutoke kuri izo nkuru zibera mu mashushure, aho keshi zivugirwa mu ntamatama, kuko usanga atakizemeza eka mbere ata n’ikizibeshuza.

Uburyo bwo kwideribera, ni imvugo ikoreshwa mu Kirundi yakuwe mu rivuga ry’igifaransa se délibérer, ikaba ari imvugo ikoreshwa mu gukuraho inzitizi zose zova mu ngingo zofatwa n’inama y’abigisha kugira abanyeshure bafise ingorane y’ukwunguruzwa mw’ishure iveho, ivyo bikaba ku bigeme bahitamwo kuryamana n’umwe mu bigisha kugira bunguruzwe. Hari ibintu vyibonekeza iyo hari abashaka gukora ico gikorwa c’urukoza soni: uhitamwo gusibira hagakurikizwa amategeko y’ishure bafatiye ku manota wagiye uraronka mw’ishure canke ugahitamwo kwunguruzwa ariko ubanje kugira ico ukoze, ukemera kwishikana ubikuye ku mutima kuko witangira ico ushaka kuronka…

Ugufata minenerwe ico gikorwa co kwideribera binyegeje ubugizi bwa nabi butagira izina (ababirwamwo kenshi usanga ari abana bakiri bato), ikibabaje nuko iyo ivyo vyashitse hari abavyeyi bagerageza kuvyorosha barikumwe n’umurezi hamwe n’umurerwa, maze bakerekanako uwo mwigeme ariwe yiyanjanjweko. None ubwo abigeme nibo gusa boba baryamana n’abigisha kugira baronke amanota, canke n’abahungu boba babikora, ku bahungu ivyo ntibivugwa, ni kumwe ubusambanyi ku bahungu buba akamizwe n’ingoma…

Mu vyukuri, ntivyoroshe kubimenya. Mélanie Niyonzima, umuhanuzi mu bahagarariye igitsina, mu bushikiranganji bw’indero ku gwego rw’igihugu, yemeza ko bigoye gukuraho uwo mugirwa wo gutanga amanota biciye mu kuryamana n’abarerwa, kuko ngo “ni ibintu bibera mu mpisho, kenshi na kenshi n’iyo bishitse hakagira abagirizwa ico gikorwa kigayatse baca bihutira guha igifukamunwa abayobozi b’amashure”.

Ariko ntaco bitwaye: birakwiye ko Jimbere ibivuga, mu rukurikirane rw’inkuru zivuga ibijanye n’umwigeme mu Burundi igiye kuzosohora mu minsi mike iri mbere.

 

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top