Igitigiri c’abo twashoboye kwumva bemerera abanyeshure amanota kuko baryamanye ni bake cane ugereranije n’uko biri. Kenshi na kenshi usanga babivuga nk’ibanga nk’igihuha ata kivyemeza kigaragara. Bigatuma bigora kurwanya ako karanda.
Ku bwa Regisi, yahoze ajejwe ivyigwa kw’ishure ryisumbuye (lycée) rya Gitega, ikosa ubwa mbere ngo ni iry’abavyeyi. Ati: “Ntibacitaho guha indero runtu abana babo. Babarekera abigisha, bakibagira yuko indero iva ku ziko.”
Ku bijanye n’iyo nyifato mbi, uwo mwigisha aremera ko bitoroshe ati: “Turakora ivyo dushoboye mugabo atari mu bigo vy’ishure aho nta co dushobora. Kubera ko ata vyemeza tuba dufise, turegera uwo bivugwako tukamugabisha.”
N’ubu bisa n’ibikigoye kuko iterambere mu vyo gutamatumanako amakuru vyatumye guhura kw’umunyeshure n’umurezi vyoroha. Regisi akavuga ko ubu abanyeshure bafise iterefone zigezweho bita “smartphone”. Umurezi mubi bica bimworohera kubonana n’umunyeshure kandi ngo biragoye guhinyura.
Kugeragezwa
“Erega natwe abasore turageragezwa kenshi cane. Ntituzi n’ukuntu abanyeshuri bamwebamwe baronka inomero zacu za terefone.” Vyemezwa na A.N, umwigisha wo kw’ishure rimwe mu y’abikorera utwabo mu gisagara ca Bujumbura. Aho rero womengo uwuronderwa ni umurezi! Atarya umunwa ati: “Abanyeshure bamwe b’abakobwa ni abahinga. Baragerageza uburyo bwose kugira bakuronke. Aho na ho nta kindi kiba gisigaye.”
Ivyo rero biragoye kwerekana ko umunyeshure ariko arakuraba icoroshe kuko nta kivyemeza.
Ku bwa N.P umwigisha wo
mu Kayanza yamaze kuja mu karuhuko, avuga ko amategeko y’Uburundi adatomoye ku vyerekeye imigenderanire hagati y’umunyeshure n’umwigisha (kugeza naho bahuza ibitsina).
Ngo gupfungwa gushika ku myaka
20 bikurikizwa mu gihe umunyeshure akiri umwana gusa. Ngo ni ho uhanwa nk’uwafashe ku nguvu.
Ku bwa Niyonzima Meraniya, umuhanuzi ajejwe iterambere ridakumira mu bushikiranganji bujejwe inyigisho mu mashure y’intango n’ay’isumbuye, ngo biragoye kurandurana n’imizi iyo ngeso kuko ngo bibera ahihishije. Ati: “Biranashika ugasanga ababigize baciye bazimanganya ibivyemeza mu guha ibiturire abayobozi b’amashure.”
Ku rundi ruhande, abahinga bavuga ko atari ubushikiranganji bw’indero bwabwirizwa gufata ingingo. Nyabuna ngo habwirizwa gufatwa ingingo zimenyeshwa ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, na bwo bugahana. Aho rero ni idosiye itegerezwa kugururwa mu butungane
kubera gushurashuza ku nguvu canke gushurashuza uwutaragera mu bigero.




