Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Bujumbura: impinduka mu gisata c’indero

Kuva muri ibi bibazo vy’ivyigwa birangiza igice ca mbere c’umwaka w’ishure wa 2020-2021, buca bitangura ku wa 7 gushika ku wa 18 Kigarama, abanyeshure bari mu buyobozi bw’indero bw’amakomine agize intara ya Bujumbura Mairie, bagiye kuza barakora ibibazo bimwe mu ntumbero yo kuraba amashure aza imbere y’ayandi mu kwigisha no kumenyesha abana.

Ikibazo nyamukuru gitumye haba itunganywa gushasha kw’ingene abanyeshure babazwa mu vyigwa, ni ukunanirwa mu bibazo vya Reta. Intara vyasabwa ko ari yo yari ikwiye kuba iy’akarorero mu kumenyesha mu bibazo vya Reta, ni yo iza mu za nyuma. Mu mwaka w’ishure uheze Bujumbura Mairie mu kibazo ca Reta “Exetat” yari mu kibanza ca 14. Muri uwu mwaka na ho, iri mu kibanza ca 10. No mu bibazo bitanga uburenganzira ku banyeshure baja mu gice c’inyigisho z’inyuma y’ishure shingiro (Concours national) ibi banza ni bibi, nk’uko bishikirizwa n’umuyobozi w’indero muri komine Ntahangwa Nicolas Kirehane.

Bimwe mu bibazo abayobozi b’indero mu ntara ya Bujumbura Mairie bibajije ko bituma batamenyesha neza bikaba ari ibi bikurikira: ubwo abigisha ntibabesha ngo barigisha, nahoshwi?  Ubwo ntivyoba bivana n’uko amashure ari menshi cane, na canecane ay’abigenga akaba ari yo yicira ibibanza amashure meza amenyesha abana? Ubwo si kubera abana biga mw’ishure, hageze ku mugoroba abigisha bakaza kubigishiriza mu mihana yabo (Cours du soir) ivyo bigatuma abana bakora ibibazo bahawe n’abigisha? Ubwo si kubera ari mu gisagara hoba hari abigisha bibereye mu vyabo batamara urutonde rw’ivyigwa vyategekanijwe? Kuki turushwa umwimbu mu bibazo vya Reta n’amashure yo hagati mu gihugu?

Ivyo bibazo rero vyose bimaze kwihwezwa bakabona ko inyingisho zitangwa mu gisagara ca Bujumbura ari zimwe n’izitangwa mu ntara zo hagati mu gihugu, ari na zo ziba mu bibanza vya mbere, uyo muyobozi w’indero muri komine Ntahangwa amenyesha ko baciye bategura ko bokoresha ikibazo kimwe ku mashure ahurira mu migwi imwe (même réseau), mu makomine agize igisagara ca Bujumbura hama amashure yaba aya Reta canke ay’abigenga aza imbere y’ayandi mu kumenyesha akaba ari yo afatirwako akarorero.

Ingene ico kibazo gitorwa…

Nicolas Kirehane avuga ko abigisha batora ibibazo bafatiye ku vyo bigishije mw’ishure, hama bakavyegeraniriza hamwe. Hariho umugwi watowe muri buri DCE ujejwe kuraba ivyo bibazo no kubirobanura gutyo hagatorwa ikibazo kimwe kizokorwa ku mashure yose ari mu mugwi umwe.

Uwo muyobozi abandanya amenyesha ko ivyigwa bazohuriza ku bibazo bimwe ari ivyigwa bisanzwe bikorwa mu bibazo vya Reta yaba ”Exetat” canke “Concours National”. Ariko kandi anavuga ko n’abanyeshure bo kuva mu mwaka wa 1 w’ishure   shingiro gushika mu mwaka wa 6, na bo nyene bazokora ibibazo bimwe.

Iyo ntunganyo nshasha ijanye n’ibibazo vy’ivyigwa bizobazwa abanyeshure ngo ikaba izotuma babona abigisha batigisha urutonde rw’ivyigwa rwo, babone abaguma inyuma mu vyigwa, vyongere bifashe kugwanya abigisha bakamisha ama “cours du soir” kuko ariho hoba higishirizwa ibibazwa mu bibazo vyo mw’ishure.

Umwimbu w’amanota uzibonekeza muri ivyo bibazo rero, ngo ni wo uzerekana amashure meza yigisha neza n’ayatigisha neza gutyo habeho ugufatiranirako akarorero. Ayari inyuma abone kwikubita agashi, mbere anategure indinganizo y’ingene amashure yokwitunganya mu guhangana n’amahiganwa azoza araba biciye mu gukoresha ibibazo bimwe.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top