- Naho ibiharuro vy’abagendana umugera wa Sida vyagiye biragabanuka ku rugero rwiza muri rusangi (vyavuye kubice 6% mu 2002, bija ku 0,9% mu 2019 – PNLS), haracakenewe ivyokorwa. Mu bisagara 2,5% nibo bagendana umugera wa Sida, nayo mu ntara zo hagati mu gihugu bakangana 0,7%.
- Abipimisha nabo bavuye ku bice 40% mu 2010, baja ku bice 84% mu 2019. Hama abanduye bari ku miti igabanya ubwayi bw’umugera wa Sida (ARV) bavuye ku bice 38% baja ku bice 83%. PNLS ni yo ivyemeza.
Igihe cose kw’igenekerezo rya mbere Kigarama uko umwaka utashe, isi irahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya umugera wa Sida, kuva mu 1988. Mu ntumbero yo kwifatanya n’amakungu mu guhimbaza uwo munsi, uBurundi buwuhimbaje kuri uwu wa 6 Kigarama.
Imice ibangamiwe gusumba iyindi
Yisunze ibiharuro vyakozwe, muganga Aimé Ndayizeye atwara umugambi ujejwe kugwanya Sida n’izindi ngwara zica mu bihimba vy’irondoka (PNLS), amenyesha ko mu migwi ikarirwa ari urwaruka, abakenyezi, abihereza ibiyayuramutwe, abadandaza umubiri eka n’abashoferi bafata ingendo (barya batwara imiduga minini minini).
Mu vyigwa vyakozwe mu mwaka wa 2013 ku bakenyezi 51 482 mu Burundi, 21,3% babo ni bo bari baranduye. Ku bagwayi bose ba Sida, mu mwaka wa 2017, 10,2% bari abihereza ibiyayuramutwe biciye mu nshinge. Nayo rusansuma yakozwe n’ikigo Isteebu mu 2016-2017, yerekanye ko urwaruka rwanduye rwashika 4,05%.
Uragamba rwo kugwanya umugera wa sida ruraba ba nde ?
Umunyagihugu wese arafise ico yokora mu ntumbero yo kurandurana n’imizi uwo mugera nk’uko muganga Aimé abishikiriza. Agira ati : « Abarongoye amashengero, amashirahamwe yigenga, abaremeshakiyago hatibagiwe abagendana uwo mugera nyene, bose barafise ico boterera na cane cane biciye mu nyigisho zitangwa ».
Abamaze kwandura babanye gute n’abakomeye ?
Audrey Inarukundo aserukira urunani rw’urwaruka rugendana umugera wa Sida RNJ+ avuga ko ugereranije n’uko vyari vyifashe mu myaka iheze, vyibonekeza ko abagendana umugera wa Sida batagiciribwa umukenke nk’aho hambere. Bariyakiriye kandi no mu kibano barabatahura. Yongera ko ati : « Abantu baramaze gutahura ko uwipimishije agasanga yaranduye uwo mugera adaca aba igicibwa kandi ubuzima butaba buheze. Ivyo bikabonekera mu bikorwa vyo kwiteza imbere badahengeshanya gukora, umwete bagira mu kwiga amashure banarangiza bakazezwa amabanga, baranyegurutse ubu bakaba banaremesha ibiganiro ku maradiyo ».
Naho biri uko, ngo nta vyera ngo de. Avuga ko hari bamwe bamwe bagikumirwa. Atanga akarorero k’umunyeshure yirukanwe bivanye n’uko kw’ishure bumvise ko agendana umugera wa Sida. Muga bo hari icizere ko azohava arenganurwa vuba.
Muganga Aimé akaba yasavye umuntu wese kwijukira kwipimisha uwo mugera kuko bituma amenya uko amagara yiwe yifashe ndetse akaronswa n’inyishu y’izindi ngwara yoba agendana mu maraso. Agatera ivyatsi ingendo y’abasaba amafaranga mu gupima umugera wa Sida aho yamenyesheje ko kwipimisha bigikorwa ku buntu.




