Muri RDC havugwa ubunyonyezi mu bijanye n’uburyo bwakoreshejwe mu nkino za «Francophonie », Uganda naho uwiyahuye inyuma yo guhomba imiriyoni 6 bivuye mu gutigira, nayo Tanzania hari imiryango yateshejwe izabo n’imvura… Kaze mu makuru yaranze akarere mu ndwi ya nyuma ya Gitugutu 2023.
Kenya nta « visa » izosubira gusaba abanyafrica
Umukuru w’igihugu William Ruto yabishikirije mu nama ijanye n’ihindagurika ry’ibihe yariko ibera muri Congo-Brazzaville mu ndwi iheze. Ngo ivyo rero bikazoca mu ngiro guhera mu ntango y’umwaka wa 2024.
William Ruto akavuga ko iyo ngingo ayifashe mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi mu kworosha uruja n’uruza rw’ibintu n’abantu. Igihugu ca Kenya kikaba kibaye ica kane muri Africa gifashe iyo ngingo yo kudasaba uburenganzira bwo kuba canke gukorera muri co habanje gusabwa «visa ». Kubwa Ruto, ngo harageze ko abanyafrica batahura ko ari nkenerwa cane ko abantu n’ibintu batembera bitagoranye mu ntumbero yo guteza imbere urudandazwa n’ubutunzi.
Ivyo biruko, mu gihe ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Africa rimaze imyaka itari mike ritera akamo indongozi z’ibihugu vy’Africa gukuraho ibijanye no gusaba ama «visa» abany’Africa, ariko ibihugu bitari bike bikaba bitarashobora gukurikiza ako kamo. Tubikesha ikinyamakuru The Guardian
RDC havugwa ubunyonyezi mu bijanye n’uburyo bwakoreshejwe mu nkino za « Francophonie »
Izo nkino zabaye kuva kuma genekerezo ya 28 Mukakaro gushika kuya 6 Myandagaro zibandanya zitera impari zidasanzwe. Mu gihe vyari bitegekanijwe ko uburyo buzokenerwa gukoreshwa ari ubugera ku miriyoni 48 z’amadorari y’abanyamerika, Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ubutunzi buvuga ko nyabuna uburyo bwakoreshejwe bugera ku miriyoni 324 y’amadorare y’abanyamerika.
Ubwo bushikiranganji buvuga ko bimwe mu vyatumye uburyo bwongerezwa ku bwari butegekanijwe, ari uko habaye ukwihenda mu bijanye n’integuro no gutunganya uburyo ndetse n’umwanya wo gutegura izo nkino, ukaba wabaye muremure (imyaka 3).
Umushikiranganji w’ubutunzi, Nicolas Kazadi, yagiriza kandi ubuyobozi bw’urwego rukuru rwari rujejwe gutunganya izo nkino ko hari ingingo zijanye n’uburyo bwokoreshwa bwafashe mu gihe urwego rukurikirana hafi izo nkino muri RDC rutabimenyeshejwe.
Ubuyobozi bw’urwego rukuru rwari rujejwe gutunganya izo nkino za « Francophonie » buvuga ko ata ngingo n’imwe bwashobora gufata uyo mushikiranganji, asanzwe ari no mu rwego rukurikirana hafi izo nkino muri RDC atabimenyeshejwe. Ngo uburyo bwari butegekanijwe muri izo nkino bwari buzwi ndetse bwari bwashikirijwe ishirahamwe mpuzamakungu rya « Francophonie ». Tubikesha ikinyamakuru Actualités CD
Uganda : umugabo umwe yiriyahuye, inyuma yo guhomba imiriyoni 6 UGX mu bijanye no gutigira
Uyo mugabo azwi nk’uwikorera utwiwe mu gace ka Kayabwe, akarere ka Mpigi, yiyahuye ku mugoroba wo ku musi wa gatanu w’indwi iheze, mu kwita mu ruzi Katonga, araheza asoma nturi. Bamwe mu baryango b’uyo muhisi bavuga ko bamuherutse yurira ipikipiki igihe c’isaha imwe z’ijoro, ariko batasubiye ku mukubita ijisho, gushika aho bumviye inkuru yuko yatowe ari ikiziga mu ruzi rwa Katonga.
Abagereye uyo muryango wabuze bavuga ko inyuma yo guhomba mu bijanye n’ugutigira, ko nyakwigendera yoba yarashwanye n’abaryango biwe, imbere yuko aja kwiyahura. Vyandikwa n’ikinyamakuru The Monitor
Tanzania : inzu 30 zarabomotse nayo abantu 150 bateshwa izabo bivuye ku mvura
Iyo mvura ivanze n’ibihuhusi ikaba yaguye mu karere kitwa Kalambo, mu kirwati ca hitwa Chitete mu masaha y’icumi z’umugoroba z’igenekerezo rya 26/10/2023. Kubwa Lazaro Komba, umuyobozi wako karere, ngo abanyagihugu bo muri ico kigwati, ntaco bashoboye kurokora, muvyo bari batunze mu nzu zabo.
Uyo muyobozi avuga ko bamwe mu bashikiwe n’ayo makuba batse indaro ahasanzwe hari amashure, abandi nabo babaye barakirwa n’incuti zabo. Nayo ngo ibijanye n’ibimaze kwononekara bivuye kuri iyo mvura, ntibaroshora kwegeranywa neza. Tubikesha ikinyamakuru The East African




