Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Amakuru yaranze EAC kuva ku wa 15 gushika ku wa 21 Nzero 2024

Muri RDC abanyeshure bagiye kwiga k’ubuntu gushika mumwaka w’umunani w’amashure y’isumbuye, Urwanda rwiteguriye gusubiza amafaranga rwahawe mu mugambi wokwakira ku butaka bwarwo abasaba ubuhungiro mu gihugu c’ubwongereza hamwe uwo mugambi wohagarara. Aya n’ayandi ni mumakuru yaranze akarere k’ubuseruko mu ndwi ya 15 ishira 21 Nzero 2024.

RDC: Umukuru w’igihugu ca Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Kongo Félix Antoine Tshisekedi Tchilombo yaraye yimitswe kugira arongore igihugu mu kiringo ciwe kigira kabiri. Kw’igenekerezo rya 20 Nzero 2024, kuri Stade des martyrs ku murwa mukuru Kinshasa, TShisekedi yarahiye muri aya majambo ati: « Niyemeje gukoresha ububasha bwose mfise kugira ngo ukwihenda kwabaye ubuheze ntikuze gusubire, kandi ingingo zose zikenewe zifatwe kugirango igihugu gitere imbere ».

Imbere y’abanyagihugu ba Kongo n’abanyamahanga barenga 80.000 bari bishikiye kuri ico kibuga, Antoine Tshisekedi Tchilombo akaba yemeye kuzoshiraho ibijanye no kugwiza ubuzi, guteza imbere ubuzima bw’abanyagihu, gutsimbataza umutekano w’igihugu. Tshisekedi yaremeye kandi ko agiye kubandanya guteza imbere akanovera k’indero no kwigisha abana ku buntu gushika mu mwaka w’8 nkuko tubikesha hamwe no kworohereza abanyagihugu mu bijanye no kwivuza n’uko tubikesha urubuga rw’ibiro vy’Umukuru w’igihugu ca RDC

Kenya: Ikigega Mpuzamakungu FMI caremereye igihugu ca Kenya ingurane y’amafranga angana n’imiriyoni 941 z’amadorari y’abanyamerika, mbere ayashika imiriyoni 624,5 akaba yaciye atangwa ikibiriraho. Kenya ikaba ironse iyo ngurane mu gihe isanzwe ifise ideni ry’imiriyaridi 65 z’amadorari. Ayo mafaranga akaba yaragoranye kwishurwa. Zimwe mu nginzo zari zafashwe n’ico gihugu hakaba harimwo kuduza amakori n’amatagisi ku banyagihugu kugira ngo bagabanye igihengeri c’amafaranga Reta ya Kenya yari ifise.

 Kubw’ikigega Mpuzamakungu FMI, iyo ngurane ije mu gihe igihugu ca Kenya gihanzwe n’ibibazo vy’itakaza ry’agaciro k’amashilingi, ihindagurika ry’ikirere rimaze imyaka rihungabanya uburimyi…

 Naho biri uko, FMI ibona ko Kenya ikwiye gufata urugamba rwo kurwanya igiturire no gutsimbataza intwaro ibereye kugira ngo amafaranga y’igihugu akoreshwe atagusesagura. Iyi nkuru tukaba tuyikesha ikinyamakuru RFI

Rwanda: Umukuru w’igihugu Paul Kagame avuga ko yiteguye gusubiza amafaranga yahawe n’igihugu c’Ubwongereza mu mugambi bari bagiranye wo kurungika abimukira mu Rwanda. Ubwongereza bukaba bwari bumaze guha Urwanda imiriyoni 240 z’amafaranga y’ama Pound, n’ayandi ashika imiriyoni 50 yari mu nzira yo kuzorungikwa.

Mu gihe mu gihugu c’Ubwongereza bimirije amatora y’abashingamateka, umugambwe w’abakozi (Labour party) usanzwe utanyuzwe n’umugambi wo kurungika abimukira mu Rwanda uvuga ko niwatsinda amatora uzoburizamwo ico gikorwa. Kubw’uwo mugambwe, uwo mugambi uzotwara amafaranga y’umurengera mu gihe hari iyindi migambi y’akamaro yoshirwa imbere.

Ku rundi ruhande hakaba hariko haraba imanza ziyamiriza irungikwa ry’abimukira mu Rwanda kuko vyoba binyuranye n’uburenganzira bwa kiremwa muntu bwo gusaba ubuhungiro aho ashaka.

Mw’ikoraniro ry’Isi ryerekeye ubutunzi (World Economic Forum) ryabaye kuva 15-19 Nzero 2024 , Paul Kagame akaba yishuye ikinyamakuru BBC ko adashobora kwivanga muvyo yita « Imishwano ya Poritike y’abongereza. Akavuga ko mu gihe abimukira batoba bakirungitswe mu gihugu c’Urwanda, yiteguye gusubiza amafaranga yari amaze kwakira.

 Tanzaniya: Umwanditsi w’umunya Tanzania aherutse kwandikisha amateka mu gisata c’amayagwa (Littérature).

Uwo ni Adam Shafi Adam yavutse mu 1940 yo mwim’izinga rya Zanzibar mu gihugu ca Tanzania akaba n’umwanditsi w’ibitabu mu rurimi rw’igiswahili. Inyuma yo kwandika ibitabu bitandukanye, ibikorwa vyiwe vyarashoboye kumenyekana gushika no mu gihugu c’ubufaransa, ibitabu vyiwe (Les Girofliers de Zanzibar na Les Indociles)  vyanditse mu giswalili bikaba biheruka gushirwa mu rurimi rw’igifaransa.

Kubwa Aurélie Journo yashize ivyo bitabu mu rurimi rw’igifaransa, ibitabu vy’uyo mwanditsi wo muri Tanzania vyakunzwe cane kubera birimwo inyigisho yo kunywanisha abantu b’urukoba rutandukanye mu gihe hari amacakubiri afatiye ku rukoba. Avuga kandi ko Adam yagerageje kwerekana ubushobozi bw’abakenyezi mu guharanira ubwigenge bwabo.

Bikaba bigaragara ko ari amateka ko ibitabu vya Adam Shafi bishirwa mu gifatansa mu gihe igihugu ca Tanzania gikoresha cane igiswahili n’icongereza. Inkuru dukesha RFI

Mur’ico gihugu nyene Umukuru w’igihugu Samia Suluhu yiteguriye urugendo ruzomushikana i Vatikano.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ubushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ugukorana mu karere ka Afrika y’ubuseruko January Makamba, yavuze ko Suluhu azoba yitabiriye ubutumire bwa Papa Fransisco i Vatikano, urugendo rukazoba kuva igenekerezo rya 11-12 Ruhuhuma 2024. Muvyo bazoganira, hakaba hategekanijwe ibijanye no gukomeza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu 2 hamwe n’ingene Vatikano yoterera mu gisata c’indero muri Tanzania nk’uko bimenyeshwa na The citizen

Uganda: Umukuru w’igihugu yagiriza abayapani ko ari abadandaza bari gito

Mu gihe bariko bararangiza ikoraniro (Mouvement des Pays non Alignés) Prezida Museveni yaragarutse nu rudandaza rw’amamodoka rimukorwa n’abayapani hamwe n’amashirahamwe y’iburaya. Yidoze avuga ko kuva kera ubuganga bugura imiduga yabo y’ubwoko bwose. Ariko yarababwiye baze kuyiteraniriza ngaho mu Buganda ntibavyumva. Akabona ko barajwe ishinga no kwitungira no gusahura amafaranga y’abaguzi mu gihe batitayeho iterambere ryabo. Yongeye ati: « Abo bayapani bahengereye nabonye dutanguye kwikorera ama moteur akoresha umuyagankuba, baca baza kunsaba ko boza guteraniriza imiduga iwacu. Ndababwiye nti: Genda mwaracerewe ».

Yoweli Museveni agasaba ibihugu 121 vyari mw’iyo nama kureka kwikengera ko bidashoboye maze bikamenya kwitunganya kugira bishike mw’iterambere.  Gutyo bavavanure b’ibihugu vyateye imbere bishaka kugurisha mu mahanga ataco navyo bigurayo ngo bitezanye imbere nk’uko vyandikwa na The Citizen

Kino gisomwa canditswe na Elysée Niyontoranwayize kuri Kaminuza y’Uburundi, mu gisata cigisha ibijanye no kumenyesha amakuruumwe mu banyeshure ikinyamakuru Jimbere Magazine cakiriye mu ntumbero yo kwimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top