Tanzania: abaporisi 20 baciriwe gupfungwa imyaka 20 kubera akarenganyo bakoze
Abo baporisi harimwo n’intwazangabo bagirizwa kuba barakoreye intebo ishushe umwigisha, mu gutegura igikorwa co kumwagiriza yuko yoba akora urudandazwa rw’amahembe y’inzovu, maze bamwaka amafaranga y’igiturire yababa imiriyoni 100 z’amadorari.
Nkuko uwurongoye sentare y’intango yo mu karere ka Arusha yavyiganiye ikinyamakuru Daily News kuri uyu wa 05/01/2024, inyuma y’urubanza, ngo ivyo vyakozwe n’abo baporisi mu 2021, aho mu kwagiriza uyo mwigisha, bashoboye gufata amwe mu mahembe y’inzovu, baja kuyanyegeza mu murima wiwe, kugira ngo bikunde icaha kimwagire. Mu mafaranga imiriyoni 100, ngo uyo mwigisha yarashoboye kubaha ayagera ku miriyoni 73 z’amadorari nk’igiturire.
Kenya: ibitaro 27 vyarahagaritswe bivuye ku manyanga bikora mu bijanye no gutanga ubuvuzi
Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo amagara y’abantu mur’ico gihugu, avuga ko mw’isuzumwa ryakozwe ku bitaro birenga 60 mu mwaka w’i 2023, ibigera ku 27 vyakoze ubusuma mu bijanye no gutanga ubuvuzi na cane cane ku basanzwe bafashwa na Reta kwivuza, ivyatumye amafaranga arenga umuriyoni w’amadorare ahatakarira.
Mu gihe igitigiri c’ibitaro biri muri Kenya birenga hafi 8.000, Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu avuga ko amafaranga yoba yanyurujwe biciye muri ubwo buryo ashobora kuba ari menshi, kuko iryo suzumwa ryakozwe ku bitaro 60 gusa. Tubikesha RFI
Rwanda: bamwe mu banyeshure ba kaminuza ya Reta bidoga ko batararonswa imashine nyabwonko bemerewe
Mu ntumbero yo guteza imbere ubuhinga bwa none, Reta y’u Rwanda yagiye irashiraho imigambi myinshi ishigikira iyo ntumbero harimwo nka «Mudasobwa ku Mwana» ifise intumbero yo gutanga imashine nyabwonko kw’ideni ku banyeshuri bazikeneye biga muri Kaminuza za Reta.
Nubwo bimeze gutyo, uyo mugambi wagiyemwo ibibazo vyinshi birimwo nko gutanga imashine nyabwonko zidakomeye bigatuma zipfa ubusa ndetse no kuba hari igihe abanyeshure bakunze kwidoga ko zibashikira hatevye cane bigasa nk’aho ntaco iyo mfashanyo iba ikibamariye.
Abanyeshure biga muri Kaminuza y’u Rwanda, ishami rya Huye bavuga ko haheze amezi indwi basinye amasezerano yo guhabwa imashine nyabwonko zo kubafasha mu vyigwa vyabo ariko bakaba batarazibona.
Gutanga imashine nyabwonko ku banyeshure ba Kaminuza y’u Rwanda vyari vyahagaritswe bivuye ku kutihanganira ubuziranenge bw’imashine zatangwa zo mu bwoko bwa Positivo. Vyasubiye gutanguzwa mu mpeshi y’umwaka uheze wa 2023.
Muri Ruheshi 2023, abanyeshure bagiranye amasezerano n’ikigo BRD babwirwa ko bahabwa imashine nyabwonko mu mezi 3 akurikira ariko ngo n’ubu ntibarazihabwa.
Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Igihe, abo banyeshure bavuga ko bagenzi babo biga mu Busogo, Remera na Nyarugenge bagiye barazironka ariko bo bakaba bararindiriye bagaheba.
Bamwe mu basinyiye izo mashine nyabwonko harimwo n’abari mu myaka ya nyuma y’amashure ya kaminuza, bavuga ko bibateye impungenge ko bahejeje amashure batazihawe, kandi bashobora kuzozishuzwa.
Umuvugizi wa Kaminuza y’u Rwanda, Kabagambe Ignatius, yavuze ko uguteba guhabwa izo mashine ku banyeshure biga i Huye vyatewe n’abazihawe imbere yabo bikagaragara ko hari abazigurishije. Ngo ivyo vyatumye babanza kubikurikirana neza ngo hafatwe ingingo nshasha zo gutora uburyo zotangwamwo, gutyo ngo zije zirahabwa abazikeneye koko kandi bagiye kuzikoresha.
Ku kibazo cuko hari n’abageze mu myaka ya nyuma batarazihabwa, Kabagambe yavuze ko ahanini vyatewe n’ikiza ca COVID-19 catumye ibintu bizimba, maze bigatuma uyo mugambi uhagarikwa kubera uburyo budakwiye, ukaba warongeye gusubirwamwo mu 2023.
Izo mashine nyabwonko zihabwa abanyeshure bose bazipfuza bemerewe ingurane yo kwiga ya Reta bakazironswa nk’ingurane izokwishurwa bahejeje amashure.
Igikorwa co guha imashine nyabwonko abanyeshure ba Kaminuza y’u Rwanda catanguye ubwa mbere mu mwaka w’amashure w’i 2015-2016.
RDC: ibiharuro vy’ivyavuye mu matora vyafuswe mu turere tumwe tumwe
Inyuma y’indwi zirenga zibiri amatora abaye mu gihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC), urwego rw’igihugu rwayatunganije rwamenyesheje kuri uyu wa 06/01/2023, ko amajwi yavuye mu matora y’abahiganwa 79 ibibanza vy’abarongora intara n’abashingamateka 3 yafuswe, ku mvo zuko higaragaje mu kiringo c’amatora ubusuma n’iterabwoba ku bitabiriye ayo matora.
Aho ni mu gihe, gushika ubu ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka, abarongoye intara n’uturere yarategekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 20/12/2023 – ariko akaba yarabandanije mu duce tumwe tumwe twa RDC gushika ku wa 27/12/2023 – ibitigiri vy’amajwi yavuyemwo bitaramenyekana, kiretse ayo mu kibanza c’umukuru w’igihugu, aho vyatangajwe yuko uwukiramutswa muri kino gihe, Félix Tshisekedi yaronse ayagera ku bice 73%. Bikaba birindiriwe ko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro iyemeza muri kuno kwezi turimwo, nkuko vyandikwa na VOA
Ivyo biruko mu gihe bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi biyamirije ayo matora, bagasaba ahubwo yuko yosubirwamwo, kuko bavuga ko yaranzwe n’utunenge twinshi, bigatuma adakorwa mu muco.
Uganda: igitoro cinjira mu gihugu kigiye gucishwa ku kivuko ca Dar Es Salaam
Nkuko biri mu masezerano mashasha y’imyaka 5, ari hagati y’ikigo kijejwe ivy’ibitoro muri Uganda (UNOC) n’ishirahamwe Vitol Bahrain E.C, hambavu yo gucisha igitoro kuri ico kivuko, igihugu ca Uganda kigiye kuzogira akunguko kanini mu bijanye no kuronka ibigega vy’integabizoza bizokwama vyuzuye igitoro.
Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu muri Uganda, avuga ko urwego UNOC n’ishirahamwe Bahrain E.C, bigiye kwubaka ikindi kibanza kizoza kirashikiramwo igitoro mu karere ka Namwambula, ahitwa Mpigi. Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru Daily News, ngo Uganda yahisemwo ikivuko c’i Dar Es Salaam bivanye nuko gifise ububasha bukwiye bwo kwakira ibidandazwa na cane cane igitoro.




